URURIRIMBO RWA 86
Dutegerezwa kwigishwa
-
1. Nimuze mwig’ivyerekeye Yehova.
“Ingo munyw’amazi y’ubuzima.”
Ingo mwigishwe n’Imana yacu,
Ukuri kwayo ntizokubima.
-
2. Ntiduhebe kuja ku makoraniro
Turakeneye kwigishw’ivyiza.
Turahasanga abavukanyi,
Ni ho n’impwem’idudubiriza.
-
3. Biraremesha kwumva zirya ndirimbo
No kwumv’amajwi y’abavukanyi.
Kw’ikoraniro ntituzosiba.
Tuvyamize ku muzirikanyi.
(Raba kandi Heb. 10:24, 25; Ivyah. 22:17.)