Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

URURIRIMBO RWA 59

Shemeza Ya hamwe nanje!

Shemeza Ya hamwe nanje!

(Zaburi 146:2)

  1. 1. Shemeza Ya

    hamwe nanje!

    Aratanga bimwe bitangaje.

    Tumuhaye,

    tumwizere.

    Urukundo rwiwe ni ntangere.

    Kumuhaya tubishir’imbere.

  2. 2. Shemeza Ya

    hamwe nanje!

    Ivy’asabwa yama yabitanze.

    Ni we Mana,

    Mugwaneza.

    Kw’impwemu yiw’itworohereza,

    Ntituzoreka kumushemeza.

  3. 3. Shemeza Ya

    hamwe nanje!

    Ni we twitura mu biduhanze.

    Azovura

    imitima

    Bose bahimbarwe mu buzima.

    Tumuyage twame tumwigina!