URURIRIMBO RWA 37
Dukorere Yehova tutiziganya
-
1. Yehova, wewe Segaba
Ni we nkunda kandi nkumvira.
Ni we nihebera rwose;
Oya sinzoguhemukira.
Ivy’utegeka ndavyisunga,
Es’ukuntu ndabikunda!
(ICITABIRIZO)
Yehova, urakwiriye
Ko ngukorera ntiziganya.
-
2. Ibisyo vyo mu kirere
Birakuyaga, Mana nzima.
Ese nob’umwizigirwa
Nkakwamamaza ntiziganya.
Nta kintu nzokwisigariza.
Nzogusenga ntahemuka.
(ICITABIRIZO)
Yehova, urakwiriye
Ko ngukorera ntiziganya
(Raba kandi Gus. 6:15; Zab. 40:8; 113:1-3; Umus. 5:4; Yoh. 4:34.)