Ururirimbo rwa 146
Ni je mwabigiriye
Voma:
-
Har’izindi ntama, zama zikorana
n’abarobanuwe, zikabigana.
Yez’avuga kw’ivy’umunt’abakorera
Abwirizwa
kubironker’impera.
(ICITABIRIZO)
“Ko mwabahojeje, mwarampojeje.
Ivyo vyose mwebwe mwabagiriye
Burya rero ni je mwabigiriye.
Ibintu vyose mwabagiriye
Burya rero ni je mwabigiriye.”
-
Ati: “Mwarampaye ico nywa nyotewe.
Ntimwirengagije uko merewe.”
Na bo bamubaze bati:
“Hari ryari?”
Umwami na we abahishuk’ati:
(ICITABIRIZO)
“Ko mwabahojeje, mwarampojeje.
Ivyo vyose mwebwe mwabagiriye
Burya rero ni je mwabigiriye.
Ibintu vyose mwabagiriye
Burya rero ni je mwabigiriye.”
-
“Mwaranyumiyeko, n’aba tuvukana,
indimiro mwanka kuyibatana.”
Umwam’azoc’abwir’intama ziw’ati:
“Nimutoran’isi,
murahiriwe!”
(ICITABIRIZO)
“Ko mwabahojeje, mwarampojeje.
Ivyo vyose mwebwe mwabagiriye
Burya rero ni je mwabigiriye.
Ibintu vyose mwabagiriye
Burya rero ni je mwabigiriye.”
(Raba kandi Imig. 19:17; Mat. 10:40-42; 2 Tim. 1:16, 17.)