Ni wewe umpa inkomezi zidasanzwe
Voma:
1. Mana yanje, ndarengewe
N’amaganya y’ubu buzima.
Ndakwituye ngo umfashe
Gutekana
No kwihangana.
(INTEGUZA)
Mp’impwemu
Yaw’imfashe buri musi.
(ICITABIRIZO)
Niwankomeza,
Nzorenger’ingorane zinshikira.
Nzomera nk’inkona iguruka,
Ngir’inkomezi zidasanzwe,
Inkomezi zidasanzwe.
2. Kubera ko wankomeje,
Nzoremesha barya bihebuye.
Ngo bamenye k’ubakunda,
Kandi wama ubitaho.
(INTEGUZA)
Mp’impwemu
Yaw’imfashe buri musi.
(ICITABIRIZO)
Niwankomeza,
Nzorenger’ingorane zinshikira.
Nzomera nk’inkona iguruka,
Ngir’inkomezi zidasanzwe,
Inkomezi zidasanzwe.
(ICITABIRIZO)
Niwankomeza,
Nzorenger’ingorane zinshikira.
Nzomera nk’inkona iguruka,
Ngir’inkomezi zidasanzwe,
Inkomezi zidasanzwe,
Inkomezi zidasanzwe,
Inkomezi zidasanzwe.