Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ururirimbo 102

Jamwo mu ndirimbo y’Ubwami!

Jamwo mu ndirimbo y’Ubwami!

(Zaburi 98:1)

1. Umve ng’iyi indirimbo y’intsinzi;

Ishemeza Umwe Rudasumbwa.

Amajambo yayo arizigiza.

Turirimbe; umv’ikint’ivuga:

(ICITABIRIZO)

‘Ngw’ino yemwe, mumusenge.

Yarimitse ca kinege!

Ngw’ino mwige nya ndirimbo y’Ubwami;

Seng’Imana, hay’izina ryayo.’

2. Turirimba tuvug’ivya bwa Bwami.

Ubu Kristu aganz’isi nzima.

Buzoganzwa na rya hanga rishasha

Kukw’ari ryo Yehova ashima:

(ICITABIRIZO)

‘Ngw’ino yemwe, mumusenge.

Yarimitse ca kinege!

Ngw’ino mwige nya ndirimbo y’Ubwami;

Seng’Imana, hay’izina ryayo.’

3. Abitonda boshobora kuyiga.

Turanyurwa n’ibint’itubwira.

Kw’isi yose abenshi barayize

Na bo baca baja gutumira:

(ICITABIRIZO)

‘Ngw’ino yemwe, mumusenge.

Yarimitse ca kinege!

Ngw’ino mwige nya ndirimbo y’Ubwami;

Seng’Imana, hay’izina ryayo.’