Ururirimbo 12
Dusezeranirwa ubuzima budahera
1. Twebwe dusezeranirwa
Ubuzima bwamaho.
‘Abitonda’ bazohirwa.
Ivyo bizobaho.
(ICITABIRIZO)
Twiteze kubaho,
Kandi tukamaho.
Imana ntibesha,
Izobishitsa.
2. Tuzoba mw’Iparadizo,
Twishira tukizana.
Hazovah’agacinyizo
Tutadurumbana.
(ICITABIRIZO)
Twiteze kubaho,
Kandi tukamaho.
Imana ntibesha,
Izobishitsa.
3. Hagiye kuba rya zuka;
Intunt’izorangira.
Hazokwamah’igishika,
Haveh’amarira.
(ICITABIRIZO)
Twiteze kubaho,
Kandi tukamaho.
Imana ntibesha,
Izobishitsa.
(Raba kandi Yes. 25:8; Luka 23:43; Yoh. 11:25; Ivyah. 21:4.)