Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

alfa27/stock.adobe.com

ISEKEZA RYO GUTANGA UBUTUMIRE BW’ICIBUTSO

Yezu azokuraho ubukozi bw’ikibi

Yezu azokuraho ubukozi bw’ikibi

 Yezu aratahura umubabaro uterwa n’ubukozi bw’ikibi hamwe n’akarenganyo. Yaragirijwe ibinyoma, arakubitwa hatisunzwe amategeko, aracirwa urubanza rw’akarenganyo, aragirizwa icaha ataco azira mu nyuma aricwa bunyamaswa. Naho ata co yazira, yaremeye abigiranye urukundo «gutanga ubuzima bwiwe kugira acungure benshi.» (Matayo 20:28; Yohani 15:13) Kubera ari Umwami w’Ubwami bw’Imana, vuba azozana ubutungane kw’isi yose yongere akureho ubukozi bw’ikibi ubutakigaruka.​—Yesaya 42:3.

 Bibiliya iradondora ingene isi izoba imeze igihe Yezu azokuraho ubukozi bw’ikibi:

  •   «Ababisha ntiba[zoba] bakiriho. Uzoraba aho bahora bari ubabure aho wababonye. Ariko abitonda bazokwigabira isi, kandi bazokwinovora amahoro menshi.»​—Zaburi 37:10, 11.

 Twokwerekana gute ko dukenguruka ibintu vyose Yezu yakoze be n’ivyo azodukorera? Mu majambo ari muri Luka 22:19, Yezu yasavye abigishwa biwe kwibuka urupfu rwiwe. Ni co gituma buri mwaka, Ivyabona vya Yehova bahurira hamwe kugira bibuke urupfu rwa Yezu. Turagutumiye uzoze kwifatanya natwe mu birori vyo kwibuka urupfu rwa Yezu ku wa mungu, itariki 24 Ntwarante 2024.

Raba Icibutso