Niwizigire ko kazoza ari keza
Woba wibaza ko muri kazoza ibintu bizorushiriza kumera neza? Abantu benshi baragerageza kwiremesha naho dushikirwa n’ingorane zikomeye muri iki gihe. Ariko mu vy’ukuri twoba twokwizigira ko muri kazoza ibintu bizogenda neza? Ego! Bibiliya iradufasha kwizigira ko kazoza ari keza.
Ni icizigiro ikihe Bibiliya itanga?
Bibiliya iremeza ko abantu bashikirwa n’ingorane zikomakomeye. Yamara, iraduhumuriza ko izi ngorane zitazokwamaho. Raba uburorero bukeyi.
Ingorane: Kubura uburaro
Ico Bibiliya ivuga: «Bazokwubaka amazu bayabemwo.»—Yesaya 65:21.
Ingene muri kazoza bizoba vyifashe: Abantu bazoba bifitiye amazu yabo.
Ingorane: Ubukene no kubura akazi
Ico Bibiliya ivuga: «Abo natoye bazonezererwa cane igikorwa amaboko yabo akora.»—Yesaya 65:22.
Ingene muri kazoza bizoba vyifashe: Abantu bose bazoba bafise akazi bakora kandi bizotuma bagira umunezero, bumve bashize akanyota.
Ingorane: Akarenganyo
Ico Bibiliya ivuga: ‘Abatware bazotwara mu butungane.’—Yesaya 32:1.
Ingene muri kazoza bizoba vyifashe: Akarenganyo gafatiye kw’ibara ry’urukoba, ikibanza umuntu afise mu kibano be n’ubutunzi afise kazokurwaho burundu. Abantu bose bazofatwa kumwe.
Ingorane: Gufungura nabi hamwe n’ikigoyi
Ico Bibiliya ivuga: «Hazobaho ibifungurwa vyinshi kw’isi, habe umusesekara kw’isonga ry’imisozi.»—Zaburi 72:16.
Ingene muri kazoza bizoba vyifashe: Abantu bose bazoronka umusesekara w’ibifungurwa. Nta n’umwe azobura ivyo afungura canke ngo arware indwara ziva ku gufungura nabi.
Ingorane: Ubukozi bw’ikibi n’ubukazi
Ico Bibiliya ivuga: «Umwe wese muri bo azokwicara munsi y’umuzabibu wiwe no munsi y’igiti ciwe c’umusukoni ata n’umwe amutera ubwoba.»—Mika 4:4.
Ingene muri kazoza bizoba vyifashe: Abantu bose bazokwiberaho mu mutekano ata nkomanzi kubera ko abantu babi bazoba bavuyeho. Vyongeye, «abagororotsi bazokwigabira isi.»—Zaburi 37:10, 29.
Ingorane: Intambara
Ico Bibiliya ivuga: «Nta hanga rizofata inkota ngo rirwanye irindi hanga, eka ntibazokwongera kwiga kurwana.»—Yesaya 2:4.
Ingene muri kazoza bizoba vyifashe: Amahoro azosasagara kw’isi. (Zaburi 72:7) Nta wuzosubira kugandara kubera ko uwiwe yahitanywe n’intambara canke ngo asubire guhunga kubera intambara.
Ingorane: Indwara n’ibiza
Ico Bibiliya ivuga: «Nta wuhaba azovuga ngo: “Ndarwaye.”»—Yesaya 33:24.
Ingene muri kazoza bizoba vyifashe: Abantu ntibazosubira kumugara canke kurwara (Yesaya 35:5, 6) Bibiliya idusezeranira mbere ko «urupfu [rutazoba] rukiriho.»—Ivyahishuwe 21:4.
Ingorane: Kwonona ibidukikije
Ico Bibiliya ivuga: «Ubugaragwa n’igihugu kigadutse bizokwigina, kandi ikiyaya c’ubugaragwa kizonezerwa, gishurike nk’amashurwe yitwa habaseleti.»—Yesaya 35:1.
Ingene muri kazoza bizoba vyifashe: Abantu bazokwibera mw’isi izoba yacitse iparadizo nk’uko vyari mu migambi y’Imana igihe yarema isi.—Itanguriro 2:15; Yesaya 45:18.
Icizigiro Bibiliya itanga woba ari umugani?
Ushobora kuba ari ko ubibona. Naho ari ukwo, vyoba vyiza usuzumye ivyo Bibiliya ivuga ku bijanye na kazoza. Kubera iki? Ivyo Bibiliya isezerana biratandukanye cane n’ivyo abantu bavuga ko bizoba. Imihango dusanga muri Bibiliya ni Imana yayisezeranye. Raba imvo zituma twizigira ko bizoba:
Imana ni iyo kwizigirwa. Bibiliya ivuga ko «Imana idashobora kubesha.» (Tito 1:2) Vyongeye, Imana yonyene ni yo ifise ububasha bwo kuvuga ibizoba. (Yesaya 46:10) Bibiliya irimwo uburorero bwinshi butwemeza ko Ivyo Imana ivuga imbere y’uko biba amaherezo biranguka. Ushaka kumenya ayandi makuru, raba ividewo ivuga ngo Ni ibiki bitwemeza ko Bibiliya ikomoka ku Mana?
Imana irafise ububasha bwo gutorera umuti ingorane zacu. Bibiliya ivuga ko Imana ifise ububasha bwo ‘gukora ico ishatse cose.’ (Zaburi 135:5, 6) Mu yandi majambo, nta cobuza Imana gushitsa imigambi yadusezeraniye. N’ikindi kandi, Imana yipfuza kudufasha kubera ko idukunda.—Yohani 3:16.
Hari aho wokwibaza uti: «Nimba Imana yipfuza kudufasha kandi ikaba ifise ububasha bwo kubikora, kubera iki none turiko turashikira n’ingorane nyinshi?» Kandi ni ibisanzwe kwibaza ikibazo nk’ico. Kugira uronke inyishu y’ico kibazo, raba ividewo ivuga ngo Kubera iki Imana ireka tugashikirwa n’ingorane?
Ivyo Bibiliya isezerana bizoranguka gute?
Imana izoshitsa ivyo yadusezeraniye ikoresheje Ubwami bwayo buri mw’ijuru. Imana yaragenye Yezu ngo abe Umwami w’ubwo Bwami kandi yaramuhaye ububasha bwo kwitararika isi n’abazoyibamwo. Igihe Yezu yari kw’isi, yarakijije abarwaye, aragaburira abashonje, arerekana ko afise ububasha ku bidukikije, yongera arazura abapfuye. (Mariko 4:39; 6:41-44; Luka 4:40; Yohani 11:43, 44) Muri ubwo buryo, yarerekanye ivyo azodukorera igihe azoba ari Umwami w’Ubwami bw’Imana.
Raba ividewo ivuga ngo Ubwami bw’Imana ni iki? kugira ubone ingene Ubwami bw’Imana buzokugirira akamaro.
Bizoranguka ryari?
Vuba! None ni igiki kibitwemeza? Bibiliya yaravuze ibimenyetso vyokwerekanye ko Ubwami bw’Imana buri hafi bugatangura kuganza kw’isi. (Luka 21:10, 11) Ibiriko biraba kw’isi muri iki gihe birahuye n’ivyo Bibiliya yari yaravuze.
Kugira umenye n’ibindi, soma ikiganiro kivuga ngo «Ubwami bw’Imana buzoganza isi ryari?»
Icizigiro Bibiliya itanga codufasha gute muri iki gihe?
Umwanditsi umwe wa Bibiliya yagereranije icizigiro Bibiliya itanga n’«inanga y’ubuzima bwacu.» (Abaheburayo 6:19) Nka kurya nyene inanga ituma ubwato butanyiganyiga igihe hari igihuhusi, ni na ko icizigiro ntakekeranywa Bibiliya itanga ku bwa kazoza gishobora kudufasha kwihanganira ingorane zidushikira muri iki gihe. Icizigiro cacu kirashobora gutuma dutekana kandi tukagira umunezero mbere kigatuma tugira amagara meza.—1 Abatesalonika 5:8.