Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

sinceLF/E+ via Getty Images

NUGUME URI MASO!

Ni nde azokiza abanyagihugu? Bibiliya ibivugako iki?

Ni nde azokiza abanyagihugu? Bibiliya ibivugako iki?

 Nk’uko bivugwa n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU:

  •   Kuva itariki 7 gushika 23 Gitugutu 2023, intambara yabaye hagati ya Gaza na Isirayeli yatumye abantu barenga 6.400 bahasiga ubuzima, abandi 15.200 barakomereka, kandi benshi muri bo bari abanyagihugu. Vyongeye, abantu ibihumbi amajana barataye izabo.

  •   Gushika itariki 24 Nyakanga 2023, intambara y’Uburusiya na Ukraine yatumye abanyagihugu bo muri Ukraine 9.701 bahasiga ubuzima, 17.748 na bo barakomereka.

 Ni icizigiro ikihe Bibiliya iha abari mu ngorane zatewe n’intambara?

Imvo zituma tugira icizigiro

 Bibiliya yari yaravuze ko Imana ‘izohagarika intambara kw’isi yose.’ (Zaburi 46:9) Izosubiriza intwaro zose z’abantu n’intwaro yo mw’ijuru, ari bwo bwami. (Daniyeli 2:44) Ubwami bw’Imana buzotuma abantu baruhurirwa.

 Nurabe ivyo Yezu Kristu, we Mwami w’Ubwami bw’Imana, azokora:

  •   «Azorokora umukene atabaza, arokore umuntu mutomuto n’uwutagira gitabara. Azogirira impuhwe abantu batobato n’abakene, kandi azorokora ubuzima bw’abakene. Azobakiza agahahazo n’ibintu vy’ububisha.»​—Zaburi 72:12-14.

 Imana ikoresheje Ubwami bwayo, izokuraho ingorane zose zatejwe n’intambara be n’ubukazi.

  •   «Izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kandi urupfu ntiruzoba rukiriho. Nta kigandaro canke amaborogo canke ububabare bizoba bikiriho. Ivya kera bizoba vyavuyeho.»​—Ivyahishuwe 21:4.

 Vuba, Ubwami bw’Imana buzohindura ibintu vyinshi kw’isi. Bibiliya yari yaravuze ko ‘twokwumvise intambara n’amakuru y’intambara,’ kandi ivyo turiko turavyibonera. (Matayo 24:6) Ibi hamwe n’ibindi biriko biraba birerekana ko tubayeho mu «misi ya nyuma» y’intwaro z’abantu.​—2 Timoteyo 3:1