Abantu benshi hirya no hino kw’isi barafise irungu: Ni igiki cobafasha?
«Hafi igice c’abantu bakuze bo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika bavuga ko bafise irungu, kandi ivyo bishikira canecane abakiri bato.»—Vyavuzwe mu gitabu citwa Our Epidemic of Loneliness and Isolation: The U.S. Surgeon General’s Advisory on the Healing Effects of Social Connection and Community, 2023.
«[Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu (OMS)] ryaramenyesheje ko hari umugwi kanaka w’abantu ryashinze igikorwa co kugirira ubushakashatsi ibijanye n’irungu, kubera ko ribona ko ari ikibazo gikomeye c’amagara, ryongera rirabashinga igikorwa co kuremesha abantu kubana neza n’abandi, hamwe n’ico kurondera kumenya uburyo bwiza butandukanye bwo kuvura irungu mu bihugu vyose, naho vyoba bikenye.»—Vyavuzwe n’Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu (OMS) ku wa 15 Munyonyo 2023.
Bibiliya iratanga impanuro ngirakamaro zogufasha kubana neza n’abandi.
Impanuro zo muri Bibiliya zogufasha
Nugabanye ibintu bituma uguma ukwa wenyene. Muri ivyo bintu, harimwo kumara umwanya munini uriko urakoresha imbuga hwaniro. Rero nurondere uturyo two kuba kumwe n’abantu amaso mu yandi hamwe n’utwo kuronka abagenzi beza.
Ico Bibiliya ivuga: «Umugenzi nyakuri akundana igihe cose, kandi ni uwo muvukana yavukiye kuhaseruka mu gihe c’ivyago.»—Imigani 17:17.
Nurondere uturyo two gufasha abandi. Gukorera iciza abandi biratuma ubugenzi mufitaniye bukomera ariko biranatuma uhimbarwa.
Ico Bibiliya ivuga: «Gutanga bizana umunezero kuruta guhabwa.»—Ivyakozwe 20:35.
Nimba wipfuza kumenya vyinshi ku bijanye n’ingene Bibiliya yogufasha kuronka abagenzi beza, nuje ku rubuga rwacu