Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ukuntu wokwungukira kuri aka gatabu

Ukuntu wokwungukira kuri aka gatabu

Aka gatabu kazogufasha kugira ivyo wize uvyisomeye mw’Ijambo ry’Imana, Bibiliya. Ivyanditswe biboneka ku mpera y’ingingo imwimwe yose vyerekana aho ushobora kwisomera muri Bibiliya inyishu z’ibibazo biriko inomero.

Igihe usoma ivyanditswe vyo muri Bibiliya, nurabe ingene vyishura ivyo bibazo. Icabona ca Yehova uwo ari we wese azohimbarwa no kugufasha gutahura ico Ivyanditswe bisobanura mu kubizirikanako.—Soma Luka 24:32, 45.

Ibimenyeshejwe: Ibitabu vyose bivugwa muri aka gatabu vyasohowe n’Ivyabona vya Yehova.