Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ENDONEZIYA

Yehova yadukoreye ibirenze ivyo twari twiteze!

Angeragō Hia

Yehova yadukoreye ibirenze ivyo twari twiteze!
  • YAVUTSE 1957

  • YABATIJWE 1997

  • IVYIWE MURI MAKE Yarasubiye mu kigwati c’amavukiro mw’izinga rya Nias, arafasha kwubaka Ingoro y’Ubwami.

MU 2013, ishengero ryacu ritoyi ry’i Tugala Oyo ryaramenyeshejwe agakuru keza: twari tugiye kuronka Ingoro y’Ubwami nshasha! Abategetsi bo muri ako karere barahimbawe n’ico kintu, kandi 60 mu babanyi bacu barateye umukono ku rwandiko rwemeza ko twokwubaka iyo ngoro. Umubanyi umwe yatubwiye ati: “Naho mwoba mushaka imikono 200 murayironka.”

Abubatsi babiri b’Ingoro z’Ubwami bazi utuntu n’utundi baraje guhagarikira ico gikorwa, kikaba carangiye muri Munyonyo 2014. Kwiyumvira ko ishengero ryacu ryoronse ahantu heza nk’aho ho gusengera, wamenga ni indoto. Emwe, Yehova yaraturonkeje ibirenze ivyo twari twiteze!