Nokura he impanuro nziza?
INTANGAMARARA
Nokura he
impanuro nziza?Abakobwa
Uguma wiyumvira umuhungu mwiza cane aherutse kwimukira mw’ishure iwanyu. Wibwira uti: ‘Ntazi n’uko mbaho, none hari ico bitwaye ndamwiyumviriye?’ Vyongeye, si wewe wenyene umwiyumvira. Abakobwa bose baramupfiriye. Ivyo uvyerekwa n’uko abandi bakobwa baguma bayaga ivy’uwo muhungu.
Ugize gutya, ugiye ubona muhuje amaso. Ng’uyo arakumwenyuriye. Nawe uramumwenyuriye. Aciye akwegera ngo muyage.
Akubwiye n’amasoni ati: “Bite?”
Nawe uti: “Ni sawa.”
Arongeye ati: “Je nitwa Bruce.”
Uciye umwibarisha uti: “Uri mushasha ng’aha?”
Asubijeyo ati: “Haciye indwi nka zingahe twimutse.”
N’ubu ntiwumva ko yoba ari Bruce muriko muravugana!
Aciye abandanya ati: “Urazi, uno musi inyuma y’ivyigwa turafise umusi mukuru muhira. Urashaka kuza?”
Aciye yunama, akwongorera ati:
“Uzi n’inkuru? Abavyeyi banje si ho bazoba bari, kandi inzoga zizoba ari nywa nawe. Uvyumva gute?”
Bruce ararindiriye ko umwishura. Abandi bakobwa bose mwigana ntiborinda kwijijanya imitima!
None uza kumwishura ngw’iki?
Abahungu
Babiri mu bo mwigana bariko baraza aho uri. Uciye wumva ubwoba bugutekeye kuko muri iyi ndwi nyene bamaze kugerageza kuguha itabi kabiri kose. Ubu rero rizoba ari irigira gatatu.
Uwa mbere akubwiye ati: “N’ubu uri wenyene? Reka nguhe umugenzi.” Ijambo “umugenzi” arivuga akuvunira urugohe, agaca akora mu mupfuko agakurayo ikintu akakiguhereza.
Uciye ubona ko ari itabi, ivyo bikaba bituma urushiriza gutekerwa n’ubwoba.
Uciye uvuga uti: “Naramaze kubabwira ko . . .”
Uwa kabira aca aguciramwo ati: “Iryo ni rya dini ryanyu! None ntimushobora kwiryohera na gatoyi?”
Umwe wa mbere aca agucokora ati: “Canke uratinya!”
Urarya umutima amenyo ugasubizayo uti: “Oya, je sintinya!”
Umwe wa kabiri aca agufata ku rutugu, akakubwira n’akajwi gatoyi ati: “None akira.”
Umwe wa mbere aca arikwegereza mu maso, agaca akwongorera ati: “Nta we tuzobibwira. Nta n’umwe azobimenya.”
None uza gukora iki?
IBINTU nk’ivyo vyama vyashitse hirya no hino kw’isi. Ariko rero, abakiri bato bamwebamwe usanga barateguwe neza kuruta abandi kugira bamenye ico bokora mu bihe mwene ivyo. Igihe umuhungu ahanganye n’ikigeragezo co kunywa itabi, yoshobora kwiyumvira ati: ‘Naho ntashaka kurinywa, uwu mukazo wandengeye. None sinobereka ko nshobora kumera nk’abandi?’ Canke na ho, igihe umuhungu asavye umukobwa ngo basohokane, uwo mukobwa yoshobora kwibwira ati: ‘Ni mwiza ntiworaba. None sinokwemera iri rimwe gusa?’
Ariko rero, abakiri bato benshi barigishijwe kuburanira ivyo bemera umutima uri mu nda. Naho vyosa n’ibitangaje, ivyo bituma imikazo yo gukora ikibi ibashikira iba mike. Woba woshima kumera gutyo? Emwe, ivyo birashoboka! Uti gute?
Bibiliya irashobora kugufasha guhangana n’ingorane zigushikira mu buto bwawe umutima uri mu nda. Irimwo impanuro nziza kuruta izindi zose woronka kubera yuko ari Ijambo ry’Imana ryahumetswe. (2 Timoteyo 3:16, 17) None Bibiliya yogufasha mu biki? Ihweze ivyiyumviro bitondetse aho hepfo, maze ushire aka kamenyetso ✔ iruhande y’ibigushimisha kuruta ibindi.
□ Ingene nokwifata ndi kumwe n’abo tudasangiye igitsina
□ Gutahura amahinduka anshikira ku mubiri
□ Gukoresha neza amahera yanje
□ Guhitamwo uburyo bwo kwinezereza
□ Gutera imbere mu vy’ugusenga
Nk’uko ubibona ku rupapuro rwa 4 n’urwa 5, ivyo vyiyumviro birahuye n’ibihimba icenda bigize iki gitabu. None ni ibihe washizeko akamenyetso? Hari aho ivyo bihimba ari vyo woshima kubanza kwihweza. Ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zirashobora kugufasha muri iyo mice yose y’ubuzima. Iki gitabu uriko urasoma kizobigufashamwo. *
Iki gitabu kandi kirakuronsa uturyo two guserura ivyiyumviro vyawe. Nk’akarorero, amaja mu mpera y’ikigabane kimwekimwe cose, uhasanga uruzitiro ruvuga ngo “Ico ntegekanya gukora!” Aho usabwa kuhandika ingene utegekanya gushira mu ngiro ivyo uhejeje gusoma. Inzitiro zirimwo ivyiyumviro wokwifashisha nk’uruvuga ngo “Guhangana n’akosho k’urunganwe” ruri ku rupapuro rwa 132 n’urwa 133, zizogufasha kuzirikana witonze ku ngorane zigushikira no kwiyumvira ingene wozitorera umuti nyawo. Vyongeye, igihimba kimwekimwe cose c’iki gitabu gisozerwa n’uruzitiro ruvuga ngo “Aho niyandikira utuntu.” Aho uzohandika ukuntu iciyumviro kanaka co muri ayo mayagwa kikuraba. Muri ico gitabu kandi uzohasanga inzitiro icenda zivuga ngo “Akarorero wokwigana.” Izo nzitiro zirimwo abantu batandukanye ukwiye kwigana bavugwa muri Bibiliya.
Bibiliya iguhimiriza iti: “Niwironse ubukerebutsi, wironse ugutegera.” (Imigani 4:5) Amajambo “ubukerebutsi” n’ “ugutegera” ntasobanura gusa kumenya gutandukanya iciza n’ikibi. Urakeneye kubona ibintu mu buryo bwagutse. Nk’akarorero, kumenya ingaruka z’ingeso mbi kanaka be n’ivyiza biva ku gukora ikibereye, bizogufasha kunanira akosho k’urunganwe umutima uri mu nda kandi udatinya.
Numenye neza iki kintu: Naho ingorane urimwo zoba zisa n’izirenze, si wewe wenyene zishikira. Abakiri bato benshi barahanganye n’ingorane nk’izo barazitsinda. Na wewe urabishoboye! Nukoreshe neza iki gitabu Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro (Igitabu ca 2). Uzokwibonera ko Bibiliya irimwo impanuro nziza kuruta izindi zose woshobora kuronka!
[Akajambo k’epfo]
^ ing. 40 Ibiganiro vyinshi vyo muri iki gitabu vyakuwe mu biganiro bivuga ngo “Urwaruka ruribaza” vyama biboneka mu kinyamakuru Be Maso! gisohorwa n’Ivyabona vya Yehova.