IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | GUSENGA BIMAZE IKI?
Igituma Imana idutera akamo ngo dusenge
Imana ishaka ko tuba abagenzi bayo.
Abagenzi baraganira. N’Imana iradutera akamo ngo tuyiganirire maze tube abagenzi bayo. Ivuga iti: “Muzompamagara koko, muze, maze munsenge, nanje nzobumviriza.” (Yeremiya 29:12) Niwaganira n’Imana ‘uzoyiyegereza, na yo ikwiyegereze.’ (Yakobo 4:8) Bibiliya idukura amazinda iti: “Yehova ari hafi y’abamwambaza bose.” (Zaburi 145:18) Uko turushiriza gusenga Imana ni ko ubucuti dufitaniye na yo bukomera.
“Yehova ari hafi y’abamwambaza bose.”
Imana yipfuza kugufasha.
Yezu yavuze ati: “Ni nde muri mwebwe umwana wiwe yosaba umukate . . . mbega azomuha ibuye? Canke kumbure yomusaba ifi . . . mbega azomuha inzoka? Nimba rero mwebwe . . . muzi guha abana banyu ingabirano nziza, ese ingene So wo mw’ijuru azorushiriza guha ibintu vyiza ababimusaba!” (Matayo 7:9-11) Imana igutera akamo ngo usenge kubera ko ‘ikubabaye’ kandi yipfuza kugufasha. (1 Petero 5:7) Mbere iguhimiriza ngo uyiture ingorane ufise. Bibiliya itubwira iti: “Ntimwiganyire ku kintu na kimwe, ahubwo muri vyose, mu gusenga no mu gutakamba hariko n’ugukenguruka, ivyo musaba bimenyeshwe Imana.”
Abantu barakeneye kwiyegereza Imana.
Abahinga basanze abantu amamiliyoni amajana bakunda gusenga. Aho harimwo n’abantu bamwebamwe bahakana Imana canke bakekeranya ko iriho. * Ivyo birerekana ko abantu baremanywe icipfuzo co kwiyegereza Imana. Yezu yavuze ati: “Hahiriwe abazi ko bakeneye ivy’impwemu.” (Matayo 5:3) Ivyo tubigira mu kuza turaganira n’Imana tudahorereza.
Ni ivyiza ibihe tuzoronka nitwemera akamo Imana idutera ngo tuyisenge?
^ ing. 8 Itohoza ryagizwe mu 2012 n’ikigo kimwe (Pew Research Center) ryerekanye ko ibice 11 kw’ijana vy’abahakanamana n’abakekeranya ko Imana iriho bo mu gihugu ca Amerika basenga n’imiburiburi rimwe mu kwezi.