Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Wari ubizi?

Wari ubizi?

Insyo z’amaboko zakoreshwa gute kera?

Insyo z’amaboko zarakoreshwa mu gusya intete kugira baronke ifu yo gukora imikate. Mu ngo nka zose, abagore be n’abasuku barasya buri musi. Mu bihe vya kera, urwamo rw’insyo cari ikintu kimenyerewe.Kuvayo 11:5; Yeremiya 25:10.

Utugenegene twa kera two mu Misiri turerekana ingene basya. Intete bazishira ku rusyo. Uwuriko arasya yaca apfukama inyuma y’urwo rusyo, agafata ingasiro n’amaboko yompi, agaca atangura gusya. Igitabu kimwe kivuga ko ingasiro yapima hagati y’ibilo 2 na 4. Bayiteye umuntu yarashobora gupfa.Abacamanza 9:50-54.

Urusyo cari ikintu gikenerwa cane mu muryango ku buryo hari itegeko ryo muri Bibiliya ryabuza kurufata nk’ingwati. Mu Gusubira mu vyagezwe 24:6 havuga hati: “Nta n’umwe akwiye gufata bwa ngwati urusyo rw’amaboko canke ingasiro yarwo, kuko ubuzima ari bwo yoba afashe bwa ngwati.”

Imvugo ngo “mu gikiriza” isobanura iki?

Bibiliya ivuga ko Yezu ari “mu gikiriza ca Se.” (Yohani 1:18) Iyo mvugo yerekeza ku bucuti budasanzwe Yezu afitaniye n’Imana be no ku kuntu imutonesha. Ayo majambo aratwibutsa ingene Abayuda bicara bari ku meza.

Mu gihe ca Yezu, Abayuda bicara ku ntebe zimeze nk’uburiri zaba zikikuje imeza. Umwe wese yamera nk’uwuryamye yerekeje ku meza, yishimikije inkokora y’ukuboko kw’ukubamfu. Ivyo vyatuma ashobora gukoresha ukuboko kw’ukuryo ata ngorane. Kubera ko ababa bari ku meza bose baryamira ibubamfu bakurikirana, igitabu kimwe kivuga ko “umutwe w’umwe waba uri hafi y’igikiriza c’uwuri inyuma yiwe, bikaba vyavugwa rero ko ‘aryamye mu gikiriza’ ciwe.”

Kuryama mu gikiriza ca serugo canke c’uwateguye inzimano kaba ari agateka kadasanzwe. Ni co gituma kuri Pasika ya nyuma Yezu yahimbaje, “wa mwigishwa Yezu yakunda,” ni ukuvuga intumwa Yohani, ari we yari aryamye mu gikiriza ciwe. Yohani rero yarashoboye ‘kwegamira igikiriza ca Yezu’ kugira amubaze ikibazo.Yohani 13:23-25; 21:20.