Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
Yezu azokora iki muri kazoza?
Mu mwaka wa 33 Inyuma ya Kristu, Yezu yarapfuye, arazuka mu bapfuye maze yurira mw’ijuru. Mu nyuma yarahawe ububasha bwo gutegeka ari Umwami. (Daniyeli 7:13, 14) Muri kazoza, Umwami Yezu azogira ico akoze kugira azane amahoro kw’isi yongere akureho ubukene.
Umwami Yezu azohanagura ibibi vyose kw’isi
Yezu azokora ibintu vyiza igitangaza kuko azoba ari we Mutegetsi w’abantu. Azokoresha ububasha Se yamuhaye kugira atume abantu basubira kuba abatunganye. Bazokwibera kw’isi ata kwigera basaza canke ngo bapfe.
Yezu ariko akora iki ubu?
Yezu ubu ariko arayobora igikorwa co kwamamaza abayoboke biwe b’ukuri barangura kw’isi yose. Baragendera abantu kugira babereke ico Bibiliya ivuga ku bijanye n’Ubwami bw’Imana. Yezu yavuze ko yobandanije gushigikira igikorwa c’abigishwa biwe gushika Ubwami bw’Imana bukuyeho intwaro z’abantu.
Biciye kw’ishengero ry’ukuri rya gikirisu, Yezu ariko aratuma abantu babaho mu buryo bwiza kuruta. Azobandanya kubayobora igihe iyi si mbi izokurwaho maze binjire mw’isi nshasha Imana yasezeranye.