Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ikete rivuye mu Bugiriki

Kwamamaza kure cane mu bumanuko bwa Buraya

Kwamamaza kure cane mu bumanuko bwa Buraya

IMISOZI amahero ya Levká mw’izinga rya Kirete igenda irakamangana bukebuke uko ubwato turimwo bugenda bugana itaba ry’umusozi ritoyi rihera mu mazi y’Ikiyaga Mediterane. Muri ubwo bwato turi umugwi w’abantu 13, bashashaye kugira urugendo tuja kwamamaza mw’izinga rya Gavdos, rino rikaba riboneka nk’akaburungu urabiye kw’ikarata ndondabihugu, akaba ari akarere kari kure cane gusumba utundi twose mu bumanuko bwa Buraya.

Biboneka ko ata ngorane turi bugire muri urwo rugendo kuri uwo musi wo mu ci hari izuba rikaze. Mugabo haca haza umuyaga ukaze utuma ikiyaga gisurirana ku buryo ubwato turimwo buzungazunga nk’agashishwa k’igiti kari mu kiyaga. Ndumva merewe nabi, ngaca nibuka ya nkuru yo muri Bibiliya yerekeye intumwa Paulo, uwashikiwe n’igihuhusi gikomeye muri ico kiyaga nyene hakaba haciye imyaka amajana, igihe iryo zinga rya Gavdos ryitwa Kawuda. (Ivyakozwe 27:13-17) Ico nizigiye gusa n’uko tuza gushika amahoro i Gavdos.

Agace k’isi kinjira mu mazi kitwa Trypití, kano kakaba ari ryo songa riri kure cane gusumba ayandi yose mu bumanuko bwa Buraya

Tuja twabona iyo turiko turaja, ni ahantu hari ibitandara bimeze nk’imisozi imanuka yinjira mu kiyaga. Hasa n’ahashashe, hakaba hari nko ku metero 300 gusa z’uburebure bw’amaduga, akaba ata masonga ahari. Ibiti vyo mu bwoko bw’akajwari vyitwa amapinusi be n’ibigunda, bipfutse igice kinini c’iryo zinga ringana n’ibilometero kwadarato nka 26. Mu bice bimwebimwe hari ibiti vy’amagereveriyo bigenda bigashika ku nkombe z’ico kiyaga.

Muri iryo zinga harigeze kuba haba abantu nka 8.000. Muri iki gihe, abantu bama bahaba ntibashika na 40. Iterambere ryarabasize. Naho nyene amato maninimanini atwara ibidanzwa n’ibitoro yama aca ku nkengera y’iryo zinga, hari ukuntu gushika kuri iryo zinga bitoroha, kubera ko ubwato butwara canke bukura ibintu n’abantu i Kirete akenshi buteba canke busiba kubera ikirere kiba cifashe nabi.

Tuje i Gavdos kugira ngo tubwire abantu ikintu ceza umutima, ico na co kikaba ari icizigiro ntakekeranywa c’uko bazogira kazoza keza bakongera bakabaho ibihe bidahera bafise amagara meza. Uko twegereza ikivuko, ni ko turushiriza kwumva dushashaye kuva muri ubwo bwato kugira ngo tubwire abantu iyo nkuru nziza.

Kubera ko tumaze amasaha ane n’igice tuzungazungishwa n’imiyaga yo mu kiyaga, mu maso hacu habenjutse harerekana ko urugendo twagize tuja i Gavdos rutari rworoshe na gato. Mugabo tumaze kuruhuka gatoyi no gufata agakawa, turumva tumerewe neza. Tumaze kwihweza muri make ya nkuru yo muri Bibiliya yerekeye urugendo intumwa Paulo yagize no gutura isengesho rivuye ku mutima, turiteguriye gutangura igikorwa cacu.

Abantu baho bafise umutima mwiza kandi ni abakiranyi. Baraduha ikaze mu ngo zabo maze bakatuzimana. Uretse ko tubabwira inkuru nziza yo muri Bibiliya, turabakengurukira mu kubafasha igihe bikenewe. Mu gihe turiko turayaga n’umugore umwe, umwe mu bo turi kumwe azi gukora ivy’umuyagankuba arabona igikoresho capfuye kiri aho uwo mugore akorera maze akamusaba ko yokimukorera. Uwo mugore arakorwa ku mutima. Aremera igitabu gishingiye kuri Bibiliya tumuhaye hanyuma akadushimira akongera agashima igikorwa turangura. Uwundi mugore aragaragaza ko yakengurutse mu kuvuga ati: “Igikorwa canyu kiva ku Mana ntikiva ku bantu, kandi ivyo biribonekeza kubera ko mwaje kwamamaza muri iri zinga riri iyo catawe.”

Ibitabu bishingiye kuri Bibiliya twaje twitwaje bisa n’uko abantu babishima cane. Umugabo umwe aremera kwakira ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi na Be maso! akongera akipfuza kuronswa n’ibindi yosoma mu mezi y’urushana. Uwundi mugabo na we ntiyisabira gusa bimwebimwe mu bitabu vyacu ariko kandi arasaba n’ibindi vyo gushira mw’iduka yiwe kugira ngo abakiriya biwe babisome. Araduha aderese yiwe kugira ngo tuzoze turamurungikira ibinyamakuru buri kwezi. Umuryango umwe urakorwa ku mutima igihe tuweretse ko ako kazinga kabo kavugwa muri Bibiliya. Na bo nyene baremera kwakira ibinyamakuru vyacu banezerewe.

Ifoto y’ikigobe ca Sarakíniko, yerekana inyubakwa yabamwo abantu bahungiyeyo be n’igisate kibase kiriko ivyandiko vyo kubibuka

Naho ukwo kuntu abantu bavyakira biremesha cane, urwo rugendo tugira i Gavdos rutuma bamwebamwe muri twebwe bibuka ibintu bibabaje vyahabereye. Hafi y’Ikigobe ca Sarakíniko, hari inyubakwa yigeze kubamwo abantu bahungiyeyo bazira ivya politike. Uwitwa Emmanuel Lionoudakis, akaba yari Icabona ca Yehova, yarahagiriwe imbohe mu mpera z’imyaka ya 1930 azira igikorwa co kwamamaza yarangura. * I Gavdos h’ico gihe hadondorwa ko ari “izinga rimeze nk’ubugaragwa ata kindi ryimbuka atari udukoko tw’ubumara bwica twitwa utumina, ahantu abantu benshi . . . bahitanywe n’ikigoyi, ubukene be n’indwara, [ahantu] hiswe mu buryo bubereye izinga ry’urupfu.” Lionoudakis yararoba arondera icorirenza, naho kandi yari afatiriwe no kubwira inkuru nziza izindi mbohe, akaba ari we Cabona wenyeye yari ng’aho. Umukobwa wiwe, umukwe wiwe n’umwuzukuru wiwe w’umukorwa babonye aho yaba, hakaba haciye imyaka 70, barakorwa ku mutima cane. Akarorero kiwe karatuvyurira umutima wo kuguma turi intahemuka n’abanyamwete mu gikorwa turangura.

I Gavdos hari ahantu hagoye cane ku bari baragizweyo imbohe. Mugabo kuri twebwe, haratubera ahantu heza uko twamamaza mu mihingo yose y’iryo zinga muri iyi mpera y’umushamvu, tugaha abantu baho b’igishika ibinyamakuru 46 n’udutabu icenda. Turashashaye gusubira kubona abo bagenzi bacu bashasha!

Dukanguka dusanga hageze yuko dusubira inyuma. Mugabo n’ico gihe nyene ikirere ntikidukundira ku buryo tutaba tugihagurutse isaha 11 zo ku mugoroba. Twurira ubwato mu gicugu, tukitegurira kugira urundi rugendo rutoroshe. Amaherezo, duhaguruka isaha 9 z’ijoro, maze haciye amasaha atanu tuzungazunga mu biyaga birimwo ibihuhusi, tugashika i Kirete. Kubera ko twasanzaye biratugora gutambuka tumaze kuva mu bwato, mugabo turanezerezwa n’uko twashoboye kumenyekanisha izina rya Yehova mw’izinga rya Gavdos. (Yesaya 42:12) Twese turemera ko akigoro twagize katabaye impfagusa. Ingorane zadushikiye ntituzoteba kuzibagira, mugabo turazi neza yuko tutazokwigera twibagira urwo rugendo.

^ ing. 11 Nimba wipfuza inkuru yigana ubuzima bwa Emmanuel Lionoudakis, raba Umunara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku wa 1 Nyakanga 1999, urupapuro rwa 25-29.