Yezu yokwishura gute?
Yezu yokwishura gute?
Abantu benshi bubaha Imana babona ko idini rikwiye kuja muri politike. Babona ko idini rishobora gufasha cane gutorera umuti ingorane zugarije abantu. Ariko hari abandi bemera Imana ata buryarya babona ko idini ridakwiye kuja muri politike. Weho uvyibazako iki? Ivyo bintu bibiri bifise ububasha bukomeye vyoba bikwiye gukorana?
YEZU KRISTU yadondowe ko ari we “muntu yagize uruhara ruhambaye kuruta abandi bose muri kahise k’abantu mu vy’idini.” Ibaze rero hamwe twomubaza duti: ‘Idini ryoba rikwiye kuja muri politike?’ Yokwishura iki? Akiri kw’isi, yarishuye ico kibazo biciye ku vyo yavuze n’ivyo yakoze. Nk’akarorero, muri ya Nsiguro yo ku Musozi izwi cane, yaratanze ubuyobozi bufasha abayoboke biwe kumenya uruhara bakwiye kugira mu kibano babamwo. Reka turabe ivyiyumviro bimwebimwe vyo muri iyo nsiguro rurangiranwa.
Baragira ico bahinduye ku buzima bw’abandi
Yezu yarerekanye ukuntu abayoboke biwe bakwiye kubona isi. Yavuze ati: “Muri umunyu w’isi; mugabo hamwe umunyu wotakaza ubukomezi bwawo, uburyohe bwawo buzogarukanwa gute? Ntuba ugikoreshwa ikintu na kimwe atari ugutabwa hanze ngo abantu bawuhonyange. Muri umuco w’isi. . . . Mureke umuco wanyu wakire imbere y’abantu, kugira babone ibikorwa vyanyu vyiza hanyuma baninahaze So ari mw’ijuru.” (Matayo 5:13-16) Kubera iki Yezu yagereranije abayoboke biwe n’umunyu be n’umuco?
Yezu yashaka kuvuga ko abayoboke biwe bameze nk’umunyu ku bantu bose, atari ku bantu bakeyi gusa. Bameze nk’umuco ku bashaka kubona neza bose, si ku gitigiri gitoyi c’abantu. Mu gukoresha izo mvugo ngereranyo, Yezu yaratomoye yuko atashaka ko abayoboke biwe bikumira mu kibano. Uti kubera iki?
Zirikana iki kintu: Umunyu ntushobora kuzigama imfungurwa utari muri zo. Itara ntirishobora kwirukana umwiza mu nzu ritari muri iyo nzu. Ntibitangaje rero kubona Yezu atigeze ategeka abigishwa biwe kwimukira mu gace k’isi kari ukwa konyene kugira bashingeyo ibigwati vy’abantu bemera Imana. Eka kandi ntiyaremesheje abayoboke biwe kubaho bikumiriye mu bigo vy’abihebeye Imana. Ahubwo riho, nk’uko nyene umunyu ukeneye kuba uri mu mfungurwa kugira uzizigame, n’umuco ukaba uri mu nzu kugira wirukane umwiza, ni ko n’abakirisu bakeneye kuba bari mu kibano kugira bagire ico bahinduye ku buzima bw’abandi.
“Si ab’isi”
Ariko rero, kuba Yezu yabwiye abayoboke biwe ko bakwiye kugiranira imigenderanire n’abandi bantu biravyura ikibazo gihambaye kijanye n’ukuntu abakirisu bakwiye kubona ivya politike. Kubera iki? Gatoyi imbere y’uko apfa, yasabiye ku Mana abayoboke biwe ati: “Singusaba ngo ubakure mw’isi, ahubwo ngo ubarinde kubera wa mubisha. Si ab’isi, nk’uko nanje ntari uw’isi.” (Yohani 17:15, 16) None bishoboka gute ngo abakirisu ntibabe ab’isi, ariko muri ico gihe nyene bakagira ico baterereye mu kibano babamwo? Kugira turonke inyishu, reka twihweze ibi bindi bibazo bitatu:
• Yezu yabona gute ivya politike?
• Abakirisu boba bakwiye kuja muri politike?
• Ivyo abakirisu bigisha bifasha iki ikibano?
[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 4]
Yezu yaratomoye yuko atashaka ko abayoboke biwe bikumira mu kibano