Aburahamu yaricisha bugufi
Aburahamu yaricisha bugufi
Aburahamu aricaye mw’ihema ryiwe, akaba yikinze ubushuhe bukaze bwo ku murango. Aravye nka hariya, aza abona abagabo batatu baje gutembera muri ako karere. * Ata kugonanwa, aca yiruka kubasanganira, akabasaba ashimitse ngo baruhuke gatoyi, abakire. Avuga ko agira abahe “ikimanyu c’umukate,” mugabo agaca atangura gutegura imfungurwa zinoboye zigizwe n’umukate ukiva mu ziko, amasoro, amata, n’akanyama keza kandi koroshe. Mu kuzimana izo mfungurwa abo bashitsi biwe, Aburahamu ntiyerekana gusa ubwakiranyi budasanzwe, ariko kandi arerekana ukwicisha bugufi, nk’uko tuza kubibona.—Itanguriro 18:1-8.
UKWICISHA BUGUFI NI IKI? Ukwicisha bugufi ni ukutagira ubwibone canke amanyama. Umuntu yicisha bugufi aratahura ko abantu bose bari n’ivyo bamurusha. (Abafilipi 2:3) Arumviriza ivyiyumviro abandi bashikiriza, kandi aragira umutima ukunze wo gukora ibikorwa biciye bugufi ku neza yabo.
ABURAHAMU YEREKANYE GUTE UKWICISHA BUGUFI? Aburahamu yarahimbarwa no gukorera abandi. Nk’uko vyavuzwe mu ntango, Aburahamu yapfuye gukubita ijisho ba bashitsi batatu aca atangura kubaronderera ivyo bakeneye. Umugore wiwe Sara yaciye anyaragasa atangura gutegura imfungurwa. Ariko raba kandi uwundi yaranguye uruhara runini muri ico gikorwa: Aburahamu ubwiwe yarirutse gusanganira nya bashitsi, ababwira ko agomba kubarondera utwo bacisha ku munwa, yiruka mu busho arobanura igitungwa co gukerera, maze ashira imbere ya nya bashitsi ivyari vyateguwe vyose. Aho gushinga ibikorwa vyose abasuku biwe, uwo mugabo yicisha bugufi ni we yikoreye ico gikorwa giciye bugufi. Ntiyabonye ko gukorera abandi vyomusuzuguje.
Aburahamu yarumviriza ivyiyumviro vy’abo ajejwe. Bibiliya yigana bikeyi gusa mu biyago Itanguriro 16:2; 21:8-14) Rimwe muri izo ncuro zibiri, iciyumviro Sara yashikirije cabanje “k[u]babaza cane Aburahamu.” Mugabo aho Yehova avuganiye na Aburahamu, akamubwira ko iciyumviro Sara ashikirije ari ciza, Aburahamu yarerekanye ukwicisha bugufi ariyorosha, aragishira mu ngiro.
Aburahamu yagiranye na Sara. Yamara, incuro zibiri dusoma ko Aburahamu yumvirije ivyiyumviro Sara yashikirije kandi arabishira mu ngiro. (NI IBIKI TUMWIGIRAKO? Nimba twicisha bugufi vy’ukuri, tuzohimbarwa no gukorera abandi. Tuzonezerwa no gukora ivyo dushoboye vyose kugira ngo barushirize kworoherwa mu buzima.
Tuzokwerekana kandi ko twicisha bugufi mu kuntu twakira ivyiyumviro abandi bashikiriza. Aho kwanka iciyumviro kubera gusa tutari twaciyumviriye, twoshobora kwemera tubigiranye ubukerebutsi ivyiyumviro abandi bashikiriza. (Imigani 15:22) Uwo mutima ukunze wo kwakira ivyiyumviro vy’abandi uragirira akamaro abafise ubukuru bunaka ku bandi. Umukoresha umwe azi utuntu n’utundi yitwa John avuga ati: “Nasanze umuhagarikizi mwiza ari urya atuma haba akayaga keza ku buryo abantu batitinya guserura iryo bagona.” Yongerako ati: “Bisaba kwicisha bugufi kugira wemere ko uwo uhagarikiye vyoshika akaba azi uburyo bwiza bwo gukora ibintu kuruta ubwo uzi. Ariko tubivuge tubisubire, nta n’umwe, naho yoba ari umuhagarikizi, yiharije ivyiyumviro vyiza.”
Igihe twigana Aburahamu mu kwumviriza ivyiyumviro abandi bashikiriza no mu gukora ibikorwa biciye bugufi ku neza yabo, turatoneshwa na Yehova. Nakare, “Imana irwanya abibona, mugabo igaha ubuntu ata wari abukwiriye abicisha bugufi.”—1 Petero 5:5.
[Akajambo k’epfo]
^ ing. 2 Naho Aburahamu yoba atashotse abimenya, abo bashitsi bari abamarayika batumwe n’Imana.—Abaheburayo 13:2.