Yarahojejwe n’Imana yiwe
Niwigane ukwizera kwabo
Yarahojejwe n’Imana yiwe
IKIRERE cagenda kirushiriza kwijima, Eliya akaba yariko yiruka mu mvura. Yari agisigaje urugendo rurerure kugira ashike i Yezireyeli. Ico gihe ntiyari akiritera akarisama. Yamara, yarirutse ata kuruha, kuko “ukuboko kwa Yehova” kwari kuri we. Nta gukeka ko ata nguvu nk’izo yari bwigere agira. Ushima ari ukwo biri, yari ahejeje kurengana amafarasi akwega umukogote w’Umwami Ahabu, arayasiga!—1 Abami 18:46.
Eliya yari amaze kwenurira Umwami Ahabu, urugendo rwari rumurindiriye rukaba rwari rukiri rurerure. Numere nk’uwubona mu bwenge Eliya ariko ariruka amama y’imvura amukorokerako mu maso, agenda ariyumvira ivy’uwo musi wari wabayemwo ibintu vyinshi bihambaye kuruta iyindi yose mu buzima bwiwe. Vy’ukuri, Yehova Imana ya Eliya yari yatahukanye intsinzi iyininahaza kandi itera iteka ugusenga kw’ukuri. Isonga ry’Umusozi Karumeli, iricako imiyaga ikomeye, Eliya yari yarisize nka hariya, rikaba ryari ryazimye kubera umwiza w’igihuhusi. Kuri uwo musozi, Yehova yari yakoresheje Eliya kugira aneshe insengo ya Bayali mu buryo bukomeye kandi bw’igitangaro. Abahanuzi amajana ba Bayali bari bashizwe ku kabarore, baraboneka ko ari abangushi b’ababisha maze baricwa, kuko vyari bibereye. Eliya yaciye asenga Yehova amusaba ko uruzuba rwari rumaze imyaka itatu n’igice rurembeje igihugu rworangira. Imvura na yo ntiyaciye igwa ngo isigaze! *—1 Abami 18:18-45.
Igihe Eliya yariko ariruka ivyo bilometero 30 vyomushikanye i Yezireyeli agenda arahonyora mu mazi, ashobora kuba yabona ko ivyari vyabaye kuri uwo musi vyari bigiye gutuma amaherezo haba amahinduka aboneka. Ashobora kuba yibwira ati: ‘Iyo wumva, Ahabu ntazobura guhindura ingendo! N’ivyo yiboneye vyose, emwe, nta kindi yokora atari uguheba ivy’ugusenga Bayali, akabuza umwamikazi wiwe Yezebeli gukora ivyo yigombeye, agahagarika n’uruhamo rurembeje abasavyi ba Yehova.’
Igihe ibintu bisa n’ibiriko bigenda nk’uko tuvyipfuza, ni ibisanzwe cane ko duca dutangura kugira ivyizigiro. Twoshobora kwiyumvira yuko ivyacu bizobandanya biba vyiza gusumba, kumbure tukaniyumvira yuko ingorane zacu zikomeye kuruta izindi zigiye zatuvako. Nimba Eliya yariyumviriye gutyo, ntivyoba bitangaje kuko “yari umuntu yiyumva nk’uko twiyumva.” (Yakobo 5:17) Ariko mu vy’ukuri, ingorane za Eliya ntizari bwarangire. Nkako, mu masaha nk’angahe yari imbere, Eliya yogize ubwoba kandi akihebura gushika n’aho yipfuza gupfa. Uti vyagenze gute? Kandi Yehova yafashije gute uwo muhanuzi yavugisha kugira ngo asubire kugira ukwizera n’umutima rugabo? Reka tubirabe.
Ibintu bigenda uko atari yiteze
Ahabu ashitse ku kirimba i Yezireyeli, hoba hari ikintu na kimwe yagaragaje cerekana yuko yahindutse agasigara ari umuntu abona ibintu mu buryo bw’impwemu kuruta uko yahora? Dusoma duti: “Ahabu yiganira Yezebeli ivyo Eliya yari [yakoze] vyose n’amakuru yose yerekeye ingene yari [yicishije] inkota abahanuzi bose.” (1 Abami 19:1) Urabona ko mu kwigana ivyabaye kuri uwo musi Ahabu atacishijemwo ivyerekeye Yehova Imana ya Eliya. Kubera ko Ahabu yari umuntu abona ibintu mu buryo bw’umubiri, ivyari vyabaye ku gitangaro kuri uwo musi yabibonye gusa nk’uko abantu buntu babona ibintu, yivugira ngo ni ivyo ‘Eliya yari yakoze.’ Biribonekeza ko ivyari vyabaye atabikuyemwo icigwa co kwubaha Yehova Imana. None wa mwamikazi w’intaheranwa Yezebeli yaciye akora iki?
Ryaciye riniga! N’uburake n’akantu, yaciye atuma intumwa kuri Eliya ati: “Imana zingirire gutyo, mbere n’ibirenze ivyo, ejo nk’aya mango ubuzima bwawe nintabugira nk’ubuzima bw’umwumwe wese muri bo!” (1 Abami 19:2) Emwe, nta terabwoba ry’ukwicwa ryari kuza riruta iryo. Mu kuvuga ayo majambo, Yezebeli yari arahiye ararengwa yuko yobaye akwiriye gupfa aramutse aticishije Eliya kuri nya musi kugira ahore abahanuzi ba Bayali bamukorera. Niwiyumvire nawe baje kuvyura Eliya yiryamiye ahantu haciye bugufi muri iryo joro ryariko rigwamwo imvura y’igihuhusi, bakamuvyura gusa kugira ngo intumwa y’umwamikazi imubwire ayo majambo y’agacamutima. None yaciye amererwa gute?
Atakaza umutima rugabo agasha coba
Nimba Eliya yariyumvira yuko urugamba rwo kurwanya insengo ya Bayali rwasa n’urwarangiye, ivyizigiro yari afise vyaciye birangira yumvise ayo majambo. Yezebeli ntiyari bwate hasi. Bagenzi ba Eliya benshi cane b’abizigirwa bari bamaze kwicwa bivuye kw’itegeko rya Yezebeli, bigasa n’uko Eliya na we yari ashikiriwe. Bibiliya itubwira iti: “Eliya aratinya.” Eliya yoba yaciye abona mu bwenge urupfu ruteye agahinda Yezebeli yari agamije kumwica? Nimba Eliya yaciye aguma yiyumvira mwene ivyo vyiyumviro, ntibitangaje rero kubona umutima rugabo yari afise waciye umuherana. Uko vyoba vyaragenze kwose, Eliya yaciye “[agenda] kugira anyage amagara.”—1 Abami 18:4; 19:3.
Eliya si we muntu afise ukwizera wenyene yahiye coba. Haciye imyaka itari mike, intumwa Petero yarashikiwe n’ingorane nk’iyo. Nk’akarorero, igihe Yezu yashoboza Petero kumwiyungako ngo bagendagendere ku mazi, iyo ntumwa yaciye itangura ‘kuraba ikirura c’umuyaga.’ Ivyo vyatumye itakaza umutima rugabo, itangura kunyika. (Matayo 14:30) Ivyashikiye Petero na Eliya biraduha icigwa gihambaye. Nimba twipfuza kuguma dufise umutima rugabo, dukwiye kutareka ngo ubwenge bwacu bugume bwiyumvira ingeramizi zidutera ubwoba. Dukwiye nyabuna kugumiza ivyiyumviro vyacu ku Mana yo Sôko ry’icizigiro cacu n’inkomezi zacu.
“Biramaze!”
Kubera ubwoba, Eliya yaciye ahungira nko ku bilometero 150 amaja mu bumanuko bushira uburengero, i Beyeri-sheba, ico akaba ari igisagara kiri hafi y’urubibe rwo mu bumanuko bwa Yuda. Aho ni ho yaciye asiga umusuku wiwe maze afata urugendo mu gahinga ari wenyene. Inkuru ivuga yuko yagenze “ahareha n’urugendo rw’umusi umwe.” Turashobora rero kumubona mu bwenge ahagurutse izuba riserutse, akagenda ata n’ico yibangikanije. Yihebuye, ubwoba bwamwishe, yarinanase araca muri ako gahinga ka nyaganande kagoye gucamwo, izuba na ryo rimena imbwa agahanga. Iryo zuba rikaze ririko rirarenga, Eliya utuguvu 1 Abami 19:4.
twaramuheranye. Yarushe yahwereye, yaciye yicara munsi y’igiti c’umugoti, akaba ari ho hantu umuntu ashoka aronka ho kwikinga muri ako gahinga.—Eliya yaciye atura isengesho umwiheburo wamwishe. Yisabiye gupfa. Yavuze ati: “[Sinduta] ba sogokuruza banje.” Yari azi ko ico gihe ba sekuruza biwe bari mu mva, ari umukungugu n’amagufa gusa, ata ciza na kimwe bashoboye gukorera umuntu n’umwe. (Umusiguzi 9:10) Eliya yumva ko na we nyene ata co amaze. Ntibitangaje rero kubona yaciye avuga ati: “Biramaze!” Yibajije ati: ‘Kubera iki nobandanya kubaho?’
None koba ari akamaramaza kwumva ko umusavyi w’Imana yoshobora kwihebura bigeze iyo hose? Si ngombwa ngo vyame ari ukwo biri. Hari abagabo be n’abagore batari bake b’abizigirwa bavugwa muri Bibiliya yuko bagize intuntu gushika n’aho bipfuza gupfa, muri abo tukaba twovuga Rebeka, Yakobo, Musa na Yobu.—Itanguriro 25:22; 37:35; Guharūra 11:13-15; Yobu 14:13.
Narirya ubu tubayeho mu “bihe bitoroshe kandi bigoye kwihanganira,” ntibitangaje kubona abantu benshi, mbere ushizemwo n’abasavyi b’Imana b’abizigirwa, bishika bakumva bihebuye. (2 Timoteyo 3:1) Biramutse bigushikiye, nuce ubigenza nk’uko Eliya yabigenjeje: Nusuke ibiri mu mutima wawe imbere y’Imana, uyibwire uko wiyumva. Nakare, Yehova ni “Imana y’uruhoza rwose.” (2 Abakorinto 1:3) Imana yoba none yarahojeje Eliya?
Yehova aronsa inkomezi umuhanuzi wiwe
Wibaza ko Yehova yumvise amerewe gute yitegereje kw’isi ari mw’ijuru, akabona umuhanuzi mukundwa avugisha arambaraye munsi y’ico giti mu gahinga, ariko yisabira ko urupfu rwoza rukamwikorera? Nta wokwirirwa arahwihwisha. Eliya amaze gutwarwa n’agatiro, Yehova yaciye amurungikira umumarayika. Uwo mumarayika yaciye amukorako aramuvyura mu bugwaneza maze amubwira ati: “Vyuka urye.” Eliya yaciye avyuka kugira arye, kuko uwo mumarayika yari yamuteguriye abigiranye umutima mwiza icibo gisanzwe c’umukate ugishushe n’amazi. Eliya yoba yaranashimiye uwo mumarayika? Inkuru ivuga gusa ko uwo muhanuzi yariye aranywa, aca asubira kuryama. Yoba yari yacitse intege ku buryo bidakunda n’uko akurako umunwa? Icabiteye caba ari ikihe, uwo mumarayika yarasubiye kumuvyura, kumbure mu mutwenzi. Yasubiye kandi guhimiriza Eliya ati: “Vyuka urye,” aca yongerako aya majambo ashimishije agira ati: “Kuko urugendo ari rurerure birenze kuri wewe.”—1 Abami 19:5-7.
Bivuye ku gutahura kwimbitse uwo mumarayika yahawe n’Imana, yari azi neza iyo Eliya ariko arerekeza. Yari azi kandi ko urugendo Eliya yari asigaje atari kurwishoboza. Ese ukuntu ari uruhoza kuba dukorera Imana izi ivyo twipfuza gushikako be n’aho ubushobozi bwacu bugera, ikaba ibizi kuruta uko twebwe ubwacu tubizi! (Zaburi 103:13, 14) None ca cibo cafashije iki Eliya?
Dusoma duti: “Aravyuka, ararya yongera aranywa, maze amara imisi mirongo ine n’amajoro mirongo ine agendera mu nkomezi z’izo mfungurwa gushika ku musozi w’Imana y’ukuri, ari wo Horebu.” (1 Abami 19:8) Eliya yaramaze imisi 40 n’amajoro 40 atarya atanywa, nk’uko nyene Musa yari yarabigize ibinjana nka bitandatu imbere y’aho, na Yezu akaba yarabigize ibinjana hafi cumi inyuma y’aho. (Kuvayo 34:28; Luka 4:1, 2) Ico cibo kimwe nticatumye ingorane ziwe zose zihera, ariko caramuronkeje inkomezi mu buryo bw’igitangaro. Iyumvire nawe uwo mutama ariko arinanata aca muri ako gahinga katagiramwo inzira imeze neza umusi ku wundi, indwi ku yindi, kumara hafi ukwezi n’igice!
Yehova araronsa inkomezi n’abasavyi biwe bo muri iki gihe. Ntabigira mu kubaronsa ibifungurwa vy’umubiri ku gitangaro, ahubwo abigira mu buryo buhambaye kuruta ubwo. Araronsa abasavyi biwe ivyo bakeneye mu vy’impwemu. (Matayo 4:4) Kwiga ivyerekeye Imana mw’Ijambo ryayo no mu bitabu bishingiye cane kuri Bibiliya biradukomeza mu vy’impwemu. Kwihereza ivyo bifungurwa vyo mu buryo bw’impwemu ntivyotuma ingorane zacu zose zihera, ariko birashobora kudufasha kwihanganira ivyo tutoshoboye kwihanganira. Biratuma kandi dushobora kuronka “ubuzima budahera.”—Yohani 17:3.
Eliya yaragenze ibilometero hafi 320 amaherezo ashika ku Musozi Horebu, hamwe Yehova Imana abicishije ku mumarayika yari yarabonekeye Musa mu gisaka c’amahwa caka umuriro igihe kirekire imbere y’aho, akaba ari na ho Yehova yahavuye agiranira na Isirayeli rya sezerano rishingiye kw’Itegeko. Eliya yaciye yinjira mw’isenga.
Ukuntu Yehova yamuhojeje kandi akamukomeza
Aho i Horebu, “ijambo” rya Yehova ryabajije iki kibazo coroshe riti: “Ukora iki ng’aha ga Eliya?”, bikaba biboneka ko iryo jambo ryashikirijwe n’umumarayika w’intwarabutumwa. Ico kibazo Eliya ashobora kuba yakibajijwe mu bugwaneza, kuko yaciye abona ko ari akaryo ahawe ko gusuka ibiri mu mutima wiwe mu guserura ukuntu yiyumva. Na we ari ukubisuka yarabisutse! Yavuze ati: “Nagize koko ishari ku bwa Yehova Imana nyen’ingabo; kuko bene Isirayeli bahevye isezerano ryawe, ibicaniro vyawe bakabisambura, abahanuzi bawe na bo bakabicisha inkota, ku buryo ari jewe jenyene nsigaye; none batanguye kurondera ubuzima bwanje ngo babukureho.” (1 Abami 19:9, 10) Ayo majambo Eliya yavuze arerekana n’imiburiburi ibintu bitatu vyatumye yihebura.
Ica mbere ni uko Eliya yabona yuko igikorwa ciwe cabaye impfagusa. Naho Eliya yari yamaze imyaka agira “koko ishari” ku bwa Yehova mu kumukorera, agashira imbere y’ibindi vyose izina ryeranda ry’Imana be n’insengo yayo, yabona umengo nta kindi vyamaze atari ugutuma ibintu vyunyuka. Abantu bari bakiri ibihemu n’abagarariji, insengo y’ikinyoma na yo ikaba yari yiraye. Ica kabiri ni uko Eliya yumva ari wenyene. Yavuze ati: “[Ni] jewe jenyene nsigaye,” nk’aho umengo mu gihugu cose ni we wenyene yari agikorera Yehova. Ica gatatu ni uko Eliya yari afise ubwoba. Benshi mu bahanuzi bagenziwe bari bamaze kwicwa, kandi yabona neza ko ari we ashikiriwe. Eliya bishobora kuba bitamworoheye kwiyemerera ko yiyumva gutyo, yamara ntiyaretse ubwibone canke ubuyega ngo bimubuze guserura uko yiyumva. Mu kubwira Imana ibiri ku mutima biciye kw’isengesho, yarasigiye akarorero keza abantu bose b’abizigirwa.—Zaburi 62:8.
None Yehova yatoreye umuti gute ubwoba n’imyitwarariko Eliya yari afise? Umumarayika yabwiye Eliya ngo ahagarare ku bwinjiriro bw’isenga. Yarumviye, atazi ivyagira bibe. Haciye haduka umuyaga ukomeye! Utegerezwa kuba warahuhuta n’urwamo rukomeye kuko wari ukaze ku buryo wasatagura imisozi n’ibitare. Numere nk’uwubona mu bwenge Eliya ariko agerageza kwipfuka mu maso no kugumya impuzu yiwe igumye kandi isanzwe cane y’ubwoya uko umuyaga waguma uhuhuta irya n’ino yiwe ugomba kuyigurura. Ubukurikira, yabwirijwe kurwana urugamba kugira ngo ntatembe, kuko isi yaciye itangura kunyiganyiga kubera ikinyamugigima cariko kinyiganza ako karere! No gusubirana atarasubirana, yagiye abona 1 Abami 19:11, 12.
umuriro urengana, aca abwirizwa gusubira mw’isenga kugira ngo yikinge ubushuhe bwawo bukaze.—Kuri kimwekimwe cose muri ivyo bintu vy’akumiza vyerekana ububasha bw’ibidukikije, inkuru ivyigana iratwibutsa yuko Yehova atari muri vyo. Eliya yari azi ko Yehova atari imana y’amayobera yo mu bidukikije, nka ya mana Bayali yashemagizwa n’abayisenga bavuga ngo ni yo “iyobora ibicu” canke ngo ni yo izana imvura, kandi atari vyo. Yehova ni we Sôko nyakuri ry’ububasha bwose buteye akoba bwibonekeza mu bidukikije, ariko kandi ararengeye kure n’iyo ibintu vyose yaremye. N’amajuru ari amajuru tubona ntashobora kumukwira! (1 Abami 8:27) None ivyo bintu vyose vyabaye vyafashije gute Eliya? Niwibuke ubwoba yari afise. Ko Imana Yehova yari ku ruhande rwiwe, yo ifise ubwo bubasha bwose buteye ubwoba, nta mvo n’imwe Eliya yari afise yo gutinya Ahabu na Yezebeli!—Zaburi 118:6.
Wa muriro umaze kurengana, haciye haba agahwekere maze Eliya arumva “ijwi ritekanye, ryo hasi.” * Iryo jwi ryarahaye Eliya akandi karyo ko kugira ico avuze, kandi yarabigize, arasubira gusuka ibiri mu mutima wiwe mu guserura imyitwarariko afise. Ivyo bishobora kuba vyaratumye arushiriza kwumva aruhuriwe. Ariko rero, Eliya ategerezwa kuba yararushirije kwumva ahojejwe aho yumviye amajambo iryo “jwi ritekanye, ryo hasi” ryaciye ryongerako. Yehova yaramusubirije umutima mu nda mu kumwereka yuko atari imburakimazi. Uti yabimweretse gute? Yaramuhishuriye ibitari bike ku vyerekeye umugambi w’igihe kirekire yari afise wo kurwanya insengo ya Bayali muri Isirayeli. Vyari bitomoye yuko igikorwa Eliya yari yarakoze kitari cabaye impfagusa, kuko umugambi w’Imana wariko utera imbere ata kiwubuza. N’ikindi kandi, Eliya yari agifise uruhara muri uwo mugambi, kuko Yehova yaciye amurungika ngo asubire ku gikorwa, aramubwira ibintu bimwebimwe bitomoye akwiye gukora.—1 Abami 19:12-17.
Ariko tuvuge iki ku bijanye n’ukuntu Eliya yumva umengo ari wenyene? Yehova yakoze ibintu bibiri kuri ico kibazo. Ubwa mbere, yabwiye Eliya ngo arobanuze amavuta Elisha kugira ngo azomusubirire mw’ibanga ry’ubuhanuzi. Elisha, uwari akiri muto umugereranije na Eliya, yokoranye na we akamubera umufasha mu kiringo c’imyaka nk’ingahe. Ese ukuntu Eliya yari ahojejwe mu buryo buboneka! Ubwa kabiri, Yehova yaramumenyesheje iyi nkuru yeza umutima igira iti: “Nasigaje abagabo ibihumbi indwi muri Isirayeli, amavi yose atapfukamiye Bayali, n’umunwa wose utayisomye.” (1 Abami 19:18) Emwe, Eliya ntiyari wenyene. Ategerezwa kuba yarumvise agatima keze aho yumviye ivy’abo bantu ibihumbi banse gusenga Bayali. Abo bantu bari bakeneye ko Eliya ashishikara gukorera Imana ari umwizigirwa, kugira ngo atange akarorero mu bijanye n’ukuba umuntu yumira kuri Yehova adahemuka muri ivyo bihe bitoroshe. Eliya ategerezwa kuba yarakozwe ku mutima cane no kwumva ayo majambo biciye ku ntwarabutumwa ya Yehova, rya “jwi ritekanye, ryo hasi” ry’Imana yiwe.
Cokimwe na Eliya, turashobora gutangazwa n’ububasha butagira uko bungana buboneka mu vyaremwe, kandi ivyo birabereye. Ivyaremwe biragaragaza mu buryo buboneka ububasha bw’Umuremyi. (Abaroma 1:20) Yehova biracamuhimbara gukoresha inkomezi ziwe zitagira akarimbi kugira ngo afashe abasavyi biwe b’abizigirwa. (2 Ngoma 16:9) Ariko rero, Imana iravugana natwe mu buryo bushitse biciye kw’Ijambo ryayo ryanditse, Bibiliya. (Yesaya 30:21) Muri ubwo buryo twoshobora kuvuga ko Bibiliya imeze nka rya “jwi ritekanye, ryo hasi,” biciye kuri ryo Yehova akaba muri iki gihe atuyobora, akadukosora, akaturemesha akongera akadusubiriza umutima mu nda yuko adukunda.
None Eliya yoba yarakiriye uruhoza Yehova yamuhereye ku Musozi Horebu? Emwe, aho nta mazinda! Bidatevye, yari amaze gusubira ku gikorwa, asubira kuba wa muhanuzi w’umutima rugabo kandi w’umwizigirwa yarwanya yivuye inyuma ububisha bw’insengo y’ikinyoma. Na twebwe nitwashira ku mutima amajambo yahumetswe n’Imana, ni ukuvuga “uruhoza ruva mu Vyanditswe,” bizoshoboka ko twigana ukwizera kwa Eliya.—Abaroma 15:4.
[Utujambo tw’epfo]
^ ing. 4 Raba ikiganiro kivuga ngo “Niwigane ukwizera kwabo—Yaraburaniye ugusenga gutyoroye” be n’ikivuga ngo “Niwigane ukwizera kwabo—Yagumye agavye yongera ararindira,” vyo mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Nzero n’uwo ku wa 1 Ndamukiza 2008.
^ ing. 29 Iryo “jwi ritekanye, ryo hasi” rishobora kuba ryari irya ca kiremwa c’impwemu cakoreshwa mu gushikiriza “ijambo rya Yehova” rivugwa mu 1 Abami 19:9. Mu kuvuga ico kiremwa c’impwemu, umurongo wa 15 uvuga gusa ngo “Yehova.” Ivyo vyoshobora guca bitwibutsa ca kiremwa c’impwemu giserukira Imana carungitswe na Yehova ngo kiyobore Isirayeli mu gahinga, ku bijanye na co Imana ikaba yavuze iti: “Izina ryanje riri muri we.” (Kuvayo 23:21) Naho ivyo tutovyemeza ijana kw’ijana, birashimishije kwibuka ko imbere y’uko Yezu aza kw’isi yabaye “Jambo,” ni ukuvuga Umuvugizi adasanzwe Yehova akoresha mu kuvugana n’abasavyi biwe.—Yohani 1:1.
[Ifoto ku rup. 19]
Yehova yarahezagiye Eliya bimwe bikomeye, mu bihe vyiza no mu bihe bigoye
[Ifoto ku rup. 20]
Igihe Eliya yari mu maganya, yarasutse ibiri mu mutima wiwe imbere ya Yehova
[Ifoto ku rup. 21]
Yehova yarakoresheje ububasha bwiwe buteye akoba kugira ahoze Eliya yongere amuremeshe