Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Yezu ananira ibigeragezo

Yezu ananira ibigeragezo

Ku bw’urwaruka rwacu

Yezu ananira ibigeragezo

Ibimenyeshejwe: Uyu mwimenyerezo, nuwukorere ahantu hatekanye. Igihe usoma ivyanditswe, nubone yuko ufise uruhara muri ivyo biriko biraba. Niwihe ishusho y’ibiriko biraba, wumve amajwi. Nugire inyiyumvo nk’iz’abantu nyamukuru bavugwa muri iyo nkuru.

NIWIHWEZE IBIRIKO BIRABA.​—SOMA MATAYO 4:1-11.

Dondora ukuntu agahinga Yezu yamazemwo imisi 40 kari kameze.

_______

Wibaza ko Umugerageji yakoresheje urugero rw’ijwi uruhe? Yezu wewe?

_______

NURUSHIRIZE KWIMBA.

Shetani yerekanye gute ko mu gushikira inyungu ziwe afatira ku kuntu ibintu biba vyifashe? (Subira usome umurongo wa 2.)

_______

Ni kubera iki wa Mubesheranyi ateretse Yezu ubwami bwose gusa mugabo yamweretse n’“ubwiza bwabwo”? (Subira usome umurongo wa 8.)

_______

Ni kubera iki Shetani yoba yahisemwo kugerageresha Yezu ivyo kumuha ubutegetsi?

_______

(a) Kimwekimwe cose mu bigeragezo Shetani yakoresheje gihishura iki ku vyerekeye ivyiyumviro vyiwe? _______

(b) Mu buryo buhushanye n’ubwo, inyishu imwimwe yose Yezu yatanze ihishura iki? _______

NUSHIRE MU NGIRO IVYO WIZE. ANDIKA IVYO WIZE KU VYEREKEYE . . .

Igihe ikigeragezo kiba gishobora kudushikira.

_______

Uburyo butandukanye Shetani yoshobora gukoresha kugira ngo atugerageze.

_______

Ukuntu twohangana n’ikigeragezo.

_______

KU BIJANYE N’IYI NKURU, NI IGIKI UBONA GIHAMBAYE CANE KURI WEWE, KANDI KUBERA IKI?

_______