Imvugo ngereranyo zikoreshwa muri Bibiliya—Woba uzitahura?
Imvugo ngereranyo zikoreshwa muri Bibiliya—Woba uzitahura?
I KIGERERANYO coshobora gusigurwa mu majambo menshi cane, ariko rimwe na rimwe umuntu arashobora gukoresha ijambo rimwe gusa canke abiri kugira ngo atange ikigereranyo. Bibiliya irimwo imvugo ngereranyo nyinshi cane, ni ukuvuga imvugo zituma umusomyi yiha mu muzirikanyi ishusho y’ivyo ariko arasoma. a Nk’akarorero, hari uwavuze yuko Yezu yakoresheje imvugo ngereranyo zirenga 50 mu nsiguro imwe gusa yashikirije, ni ukuvuga ya Nsiguro yo ku Musozi.
Ni kubera iki ukwiye kwitaho ibijanye n’izo mvugo ngereranyo? Kimwe coco, ni uko kuzitahura bizotuma urushiriza guhimbarwa no gusoma Bibiliya, gutyo bitume urushiriza guha agaciro Ijambo ry’Imana. Vyongeye, utahuye neza imvugo ngereranyo iriko irakoreshwa, bizotuma urushiriza gutahura ubutumwa bwo muri Bibiliya. Nkako, iyo umuntu adatahuye imvugo ngereranyo yinaka ikoreshwa muri Bibiliya, uretse ko vyoshobora gutuma avurugwa mu bwenge biratuma kandi ashika ku vyiyumviro bitari vyo.
Nutahure imvugo ngereranyo
Imvugo ngereranyo isanisha ibintu bibiri. Ikiba kiriko kirasanishwa n’ikindi citwa iciyumviro nyamukuru, hanyuma ico bisanishwa na co kikitwa ingereranyo. Isanishwa riri hagati y’ivyo bintu bibiri na ryo ryitwa isano. Ku bw’ivyo rero, ikintu nyamukuru cogufasha gutahura insobanuro nyakuri y’imvugo ngereranyo, ni ukubanza kumenya kimwekimwe muri ivyo bintu bitatu be no kugitahura.
Rimwe na rimwe, woshobora gusanga vyoroshe kumenya iciyumviro nyamukuru be n’ingereranyo. Mugabo ku bijanye n’isano bifitaniye, woshobora gushika ku vyiyumviro vyinshi. None ni igiki kizogufasha kumenya isano ririmwo ata kwihenda? Akenshi inyishu uyitora wisunze amakikuro. b
Nk’akarorero, Yezu yabwiye ishengero ry’i Sarudi ati: “Vy’ukuri utikanguye, nzoza nk’igisuma.” Yezu ng’aha yariko asanisha ukuza kwiwe (iciyumviro nyamukuru) be n’ukuza kw’igisuma (ingereranyo). Yamara none, isano vyari bifitaniye ryari irihe? Amakikuro aradufasha kurimenya. Yezu yabandanije avuga ati: “Ntuzomenya namba isaha nzozirako kuri wewe.” (Ivyahishuwe 3:3) Ukwo gusanisha rero ntigushimika ku ntumbero y’ukuza kwiwe. Ntiyariko avuga yuko yoje azanywe no kwiba ikintu kinaka. Ahubwo riho, isano ririmwo rijanye n’uko yoshitse ata wari avyiteze, atarinze guteguza.
Ariko rero, rimwe na rimwe imvugo ngereranyo iboneka mu canditswe kimwe co muri Bibiliya yoshobora kudufasha gutahura imvugo ngereranyo bisa iboneka mu kindi canditswe. Nk’akarorero, intumwa Paulo yarakoresheje imvugo ngereranyo isa n’iyo Yezu yakoresheje, igihe yandika ati: “Mwebwe ubwanyu mu[ra]zi neza cane yuko umusi wa Yehova uzoza neza na neza nk’uko igisuma kiza mw’ijoro.” (1 Abanyatesalonika 5:2) Amakikuro y’ayo majambo Paulo yavuze ntiyerekana mu buryo butomoye isano ririmwo. Ariko rero, tugereranije iyo mvugo ngereranyo be n’iyo Yezu yakoresheje mu Vyahishuwe 3:3 birashobora kudufasha gutahura isano ririmwo. Ese ukuntu iyo mvugo ngereranyo ari icibutswa gihambaye cerekana ko abakirisu b’ukuri bose bategerezwa kuguma bari maso mu bijanye n’ugusenga!
Imvugo ngereranyo zitwigisha ivyerekeye Imana
Ntibishoboka ko umuntu atahura imice yose ijanye na kamere be n’ububasha Mushoboravyose afise. Mu bihe vya kera, Umwami Dawidi yanditse yuko ‘ubukuru bwa [Yehova] budashobora guserangurika.’ (Zaburi 145:3) Yobu amaze kurimbura bimwebimwe mu bikorwa vy’irema vy’Imana, yatangaye avuga ati: “Erega n’ivyo n’ubusunwa gusa bg’inzira zayo: kandi n’ivyo twumva kuri yo ni nk’utwongorerano dutoya! Non’imyasano y’ububasha bgayo ni nde yoshobora kuyitahura?”—Yobu 26:14.
Naho ari ukwo, Bibiliya irakoresha imvugo ngereranyo zitandukanye kugira ngo idufashe gutahura, mu buryo buri n’aho bugarukira, kamere nziza igitangaza z’Imana yacu yo mw’ijuru. Yehova yerekanwa ko ari Umwami, Uwushinga amategeko, Umucamanza be n’Umurwanantambara, ivyo bikaba vyerekana neza ko umuntu akwiye kumwubaha. Yerekanwa kandi ko ari Umwungere, Umutanzi w’impanuro, Umwigisha, Umuvyeyi, Umukiza be n’Umurokozi, ivyo bikaba vyerekana ko umuntu akwiye kumukunda. (Zaburi 16:7; 23:1; 32:8; 71:17; 89:26; 103:3; 106:21; Yesaya 33:22; 42:13; Yohani 6:45) Bumwebumwe bwose muri ubwo buryo busanzwe adondorwamwo butuma tubona mu bwenge ingereranyo zishimishije zirimwo n’amasano atari make. Mwene izo mvugo ngereranyo zirasigura neza iciyumviro kuruta uko amajambo menshi yobigira.
Bibiliya kandi irasanisha Yehova n’ibintu bitagira ubuzima. Avugwa ko ari “Igitandara c’Abisirayeli,” ko ari “urutare,” be n’uko ari ‘igihome gikomeye.’ (2 Samweli 23:3; Zaburi 18:2, NW; Gusubira mu vyagezwe 32:4) None isano ririmwo ni irihe? Nka kurya nyene igitandara kiba gishinze ahantu, kidashobora kunyiganyizwa, na Yehova Imana arashobora kukubera Isôko rikomeye ry’umutekano.
Igitabu c’Amazaburi kirimwo imvugo ngereranyo nyinshi zidondora imice itandukanye ya kamere za Yehova. Nk’akarorero, muri Zaburi 84:11 havuga ku bijanye na Yehova ko ari ‘izuba n’inkinzo’ kubera yuko ari we Sôko ry’umuco, iry’ubuzima, iry’inkomezi be n’iry’ugukingirwa. Ibihushanye n’ivyo, muri Zaburi 121:5 havuga ko “Uhoraho [ari] we gitūtu cawe i buryo bgawe.” Nka kurya nyene ahantu h’agatutu hashobora kugukingira izuba rimena imbwa agahanga, Yehova arashobora gukingira ivyago bikomeye abamusukurira, akabaronsa uburinzi bumeze nk’igitutu bari munsi y’“ukuboko” kwiwe canke munsi y’“amababa” yiwe.—Yesaya 51:16; Zaburi 17:8; 36:7.
Imvugo ngereranyo zidondora Yezu
Bibiliya irerekeza akatari gake kuri Yezu mu kumwita “Umwana w’Imana.” (Yohani 1:34; 3:16-) Abantu bamwebamwe batari abakirisu babona ko ico kintu kigoye gutahura, kubera yuko Imana idafise umugore nya mugore kandi itameze nk’abantu. Biragaragara ko Imana itavyara umwana nk’uko abantu babigira. Iyo mvugo rero ni imvugo ngereranyo. Ifise intumbero yo gufasha umusomyi gutahura yuko ubucuti Yezu afitaniye n’Imana ari nka burya umwana agiranira na se. Iyo mvugo ngereranyo irashimika kandi ku vy’uko Yezu yahawe ubuzima na Yehova, ni ukuvuga ko ari we yamuremye. Mu buryo nk’ubwo, umuntu wa mbere ari we Adamu na we nyene yitwa ko ari “mwene Mana.”— 18Luka 3:38.
Yezu yarakoresheje imvugo ngereranyo mu kudondora imice itandukanye y’uruhara arangura mw’iranguka ry’umugambi w’Imana. Nk’akarorero, yavuze ati: “Ni jewe muzabibu w’ukuri, Data akaba ari we murimyi.” Yezu yaciye asanisha abigishwa biwe n’amashami y’umuzabibu. (Yohani 15:1, 4) None ni ivyigwa bihambaye ibihe iyo mvugo ngereranyo itwigisha? Kugira ngo amashami y’igiti c’umuzabibu agume ari mazima kandi yama, ategerezwa kuguma ari ku mutumba waco. Muri ubwo buryo nyene, abigishwa ba Kristu bategerezwa kuguma bunze ubumwe na we. Yezu yavuze ati: “Mutari kumwe nanje [n]ta na kimwe mushobora gukora.” (Yohani 15:5) Kandi nka kurya nyene umurimyi yitega ko umuzabibu wama ivyamwa, Yehova yiteze ko abari mu bumwe na Kristu bama ivyamwa vyo mu buryo bw’impwemu.—Yohani 15:8.
Nurabe neza ko utahura isano ririmwo
Twoshobora kubona ibintu mu buryo butari bwo igihe dusomye gusa imvugo ngereranyo yinaka yamara ntidutahure isano ifitaniye n’iciyumviro kiriko kiravugwa. Fata nk’akarorero amajambo dusanga mu Baroma 12:20 agira ati: “Nimba umwansi wawe ashonje, mugaburire; nimba anyotewe, muhe ico anywa; kuko niwagira ivyo uzoba umurunze amakara yaka ku mutwe.” None ukwo kurunda ku mutwe w’umuntu amakara yaka vyoba vyerekeza ku kwihora? Igihe dutahura isano ririmwo duca tubona ko atari ko bimeze. Iyo mvugo ngereranyo ishingiye ku buhinga bwakoreshwa kera mu gutyorora ubutare. Ubwo butare bwarashirwa ku makara yaka, no hejuru yabwo na ho bakaharunda ayandi. Ubwo buhinga bwatuma nya butare bushonga bukavamwo imyanda yose maze hagasigara ubutyoroye. Muri ubwo buryo nyene, kugaragaza ubuntu bizogira ico bikoze ku gatima umuntu afise maze bitume agaragaza kamere nziza.
Gutahura neza imvugo ngereranyo ntibituma gusa tubona mu buryo butomoye iciyumviro kinaka, ariko kandi biradukora ku mutima. Turatahura uburemere bw’icaha igihe kigereranijwe n’umwenda. (Luka 11:4) Ariko igihe Yehova aduhariye akongera agaheba uwo mwenda twategerezwa kuriha, emwe turumva turuhuriwe vy’ukuri! Igihe tubwirwa ko ‘atwikira’ akongera ‘agahanagura’ ibicumuro vyacu, nka kurya umuntu ahanagura ikibaho kigasigara gisa neza, turumva dusubirijwe umutima mu nda yuko atazoduharurako ivyo bicumuro muri kazoza. (Zaburi 32:1, 2; Ibikorwa 3:19) Vyongeye, urazi ukuntu bihumuriza kumenya yuko Yehova ashobora gufata ibicumuro vyibonekeza cane nka kurya kw’ibara ry’agahama canke nka kurya kw’ibara ritukura tukutuku akabigira ivyera nka shelegi!—Yesaya 1:18.
Izo ni nkeyi gusa mu mvugo ngereranyo amajana n’amajana dusanga mw’Ijambo ry’Imana Bibiliya. Igihe rero usoma Bibiliya yawe, uritwararika bimwe bidasanzwe imvugo ngereranyo. Nufate umwanya kugira urabe neza ko utahura amasano arimwo wongere uyazirikaneko. Niwabigenza gutyo, bizotuma urushiriza gutahura no guha agaciro Ivyanditswe.
[Utujambo tw’epfo]
a Muri iki kiganiro, “imvugo ngereranyo” muri rusangi yerekeza ku mpinyanyuro zose, ni ukuvuga nk’impinyanyuro mberanya, ingereranyo canke ubundi buryo bujanye n’ikoreshwa ry’imvugo ngereranyo.
b Za mbumbe zibiri z’inkoranyabumenyi ya Bibiliya ari yo Étude perspicace des Écritures, zasohowe n’Ivyabona vya Yehova, ziratanga amakuru menshi ajanye n’ivyo uba uriko urasoma ashobora kugufasha mu mice myinshi kumenya isano riri hagati y’ibintu bibiri.
[Uruzitiro ku rup. 13]
Ukuntu imvugo ngereranyo zifasha
Imvugo ngereranyo ziradufasha mu buryo bwinshi. Iciyumviro kigoye coshobora kugereranywa n’ikintu gica gitahurika bitagoranye. Imvugo ngereranyo zitari nke zoshobora gukoreshwa kugira ngo zishire ahabona imice itandukanye y’iciyumviro kinaka kimwe. Imice ihambaye y’iciyumviro kinaka yoshobora gushimikwako hakoreshejwe imvugo ngereranyo canke ikagirwa iyihimbaye kuruta.
[Uruzitiro ku rup. 14]
Nutahure vya bintu bitandukanye
IMVUGO NGERERANYO: “Muri umunyu w’isi.” (Matayo 5:13)
ICIYUMVIRO NYAMUKURU: Muri (Abigishwa ba Yezu)
INGERERANYO: Umunyu
ISANO BIFITANIYE TWISUNZE AMAKIKURO: Ubushobozi bwo kuzigama ikintu
ICIGWA: Abigishwa bari bafise ubutumwa bwoshobora kuzigama ubuzima bw’abantu benshi
[Picture/Iciyumviro ku rup. 15]
“Uhoraho ni we mwungere wanje, sinzokena.”—ZABURI 23:1