4 Nutsinde ugukekeranya
4 Nutsinde ugukekeranya
“Wa muntu w’ukwizera guke we, kubera iki wakekeranije?”—Matayo 14:31.
INGORANE NI IYIHE? N’abigishwa ba Yezu vyarashitse barakekeranya. (Matayo 14:30; Luka 24:36-39; Yohani 20:24, 25) Nkako, Bibiliya ivuga yuko ukubura ukwizera ari “igicumuro kitwizingirako bitagoranye.” (Abaheburayo 12:1) Intumwa Paulo yanditse ati: “Ukwizera [si] ikintu gifiswe na bose.” (2 Abanyatesalonika 3:2) Ivyo ntibishaka kuvuga ko hari abadashoboye kugaragaza iyo kamere. Ahubwo riho, abenshi ntaco bakora kugira bayironke. Imana izohezagira utwigoro abarondera iyo kamere bagira.
USHOBORA GUTE GUTSINDA IYO NGORANE? Numenye ibituma ukekeranya. Nk’akarorero, umwigishwa Toma yarakekeranije yuko Yezu yazuwe, naho nyene abandi bigishwa bavuga yuko bari bamubonye. Toma yarondera ikimenyamenya. Yohani 20:24-29.
Uti none havuyemwo iki? Yezu yaramuhaye ico kimenyamenya yari akeneye kugira ngo agire ukwizera gukomeye.—Abicishije kuri Bibiliya, Yehova Imana araduha inyishu dukeneye kugira ngo duhere amakenga. Nk’akarorero, abantu benshi barareka kwizera Imana kubera ko ari yo begekako, haba mu buryo bugaragara canke butagaragara, intambara, ubukazi be n’ubukene vyugarije abantu. None Bibiliya ivuga iki kuri ico kibazo?
Imana ntitegeka ibicishije ku ntwaro z’abantu. Yezu yavuze ko ikiremwa c’impwemu kitaboneka citwa Shetani ari co “mutware w’isi.” (Yohani 14:30) Shetani yaremereye Yezu ubukuru ku bwami bwose bwo mw’isi mu gihe yomusenga rimwe gusa, yamubwiye ati: “Ndaguha ubwo bukuru bwose n’ubuninahazwa bwabwo, kubera ko nabuhawe, kandi uwo nshaka wese ndabumuha.” Yezu ntiyahakanye ko Shetani atari afise bene ubwo bukuru. Ahubwo, yavuze ati: “Vyanditswe ngo: ‘Yehova Imana yawe ni we utegerezwa gusenga, kandi ni we wenyene utegerezwa gukorera igikorwa ceranda.” (Luka 4:5-8) Shetani n’intwaro z’abantu ni vyo vyobazwa umubabaro uri mw’isi, si Imana.—Ivyahishuwe 12:9, 12.
Yehova Imana agiye gukuraho ibintu vyose bitera umubabaro. Yaramaze gutunganya Ubwami, ni ukuvuga intwaro, irongowe n’Umwana wiwe Kristu Yezu kugira itegeke abantu. (Matayo 6:9, 10; 1 Abakorinto 15:20-28) Mu gushitsa iranguka ry’ubuhanuzi bwo muri Bibiliya, inkuru nziza yerekeye ubwo Bwami ubu iriko iramamazwa hirya no hino kw’isi. (Matayo 24:14) Vuba ubwo Bwami buzokuraho abantu bose baburwanya be n’ibituma abantu bamererwa nabi.—Daniyeli 2:44; Matayo 25:31-33, 46; Ivyahishuwe 21:3, 4.
IMPERA NI IYIHE? Abantu bakekeranya bameze nk’ibisebuzi bizungagizwa n’“umuyaga uwo ari wo wose w’inyigisho biciye ku mayeri y’abantu.” (Abanyefeso 4:14; 2 Petero 2:1) Ibitandukanye n’ivyo, abaronka inyishu zimara akanyota ku bibazo vyabo barashoboye ‘guhagarara bashikamye mu kwizera.’—1 Abakorinto 16:13.
Ivyabona vya Yehova, abasohora iki kinyamakuru, boshima kugufasha kuronka inyishu z’ibibazo woba ufiseko amakenga. Baragusavye ngo wifatanye na bo wongere usuzume wewe ubwawe inyigisho zabo. Ubigenjeje gutyo, bizokomeza cane ukwizera Imana kwawe.
Nimba ushaka ayandi makuru, raba ikigabane ca 8 kivuga ngo “Ubwami bw’Imana ni iki?” be n’ica 11 kivuga ngo “Ni kubera iki Imana ireka abantu bagacumukura,” mu gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? a
[Akajambo k’epfo]
a Casohowe n’Ivyabona vya Yehova.
[Ifoto ku rup. 9]
Abaronka inyishu zimara akanyota ku bibazo vyabo, baba bafise ishingiro rikomeye ry’ukwizera kwabo