Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Umuntu ntabeshwaho n’umukate gusa—Ukuntu narokotse amabohero y’Abanazi

Umuntu ntabeshwaho n’umukate gusa—Ukuntu narokotse amabohero y’Abanazi

Umuntu ntabeshwaho n’umukate gusa​—Ukuntu narokotse amabohero y’Abanazi

NK’UKO VYAVUZWE NA JOSEPH HISIGER

Narabajije uwo twari dupfunganywe nti: “Ico uriko urasoma ni igiki?” Na we ati: “Ni Bibiliya.” Maze yongerako ati: “Kandi noshobora kuyiguha umpebeye umukate wandikiwe gufungura mu ndwi yose.”

NAVUKIYE i Moselle ku wa 1 Ntwarante 1914, ako kakaba kari akarere ico gihe kegukira Ubudagi. Intambara ya mbere y’isi yose imaze guhera mu 1918, akarere ka Moselle kaciye gasubira kwegukira Ubufaransa. Mu 1940, yarasubiriye kwigarurirwa n’Ubudagi. Mu nyuma, aho Intambara ya kabiri y’isi yose irangiriye mu 1945, Moselle harasubiriye kandi kwegukira Ubufaransa. Igihe cose ivyo vyaba bibaye, ubwenegihugu bwanje bwarahinduka, akaba ari co gituma nize kuvuga igifaransa be n’ikidagi.

Abavyeyi banje bari abagatolika b’abanyamwete. Imisi yose mw’ijoro imbere yo kuja kuryama, umuryango wacu warapfukama kugira ngo dusenge. Ku misi y’iyinga be no ku misi mikuru, twaraja mu misa. Narafatana uburemere idini narimwo kandi nari mu mugwi w’abantu bakurikirana ivyigwa vy’ikatikisimu ya Ekeleziya gatolika.

Ukuntu natanguye kwitwararika cane igikorwa c’Ivyabona vya Yehova

Mu 1935, abavyeyi banje baragendewe n’Ivyabona vya Yehova babiri. Ivyo bayaze vyari bijanye n’ukuntu idini ryagize uruhara mu ntambara ya mbere y’isi yose. Inyuma y’aho, nararushirije gushimishwa na Bibiliya, maze mu 1936, narabajije patiri niba nari gushobora kuyironka. Yambwiye ko kugira ngo ndayitahure nategerezwa kwiga tewolojiya. Ivyo vyatumye nyabuna inyota nari mfitiye Bibiliya be n’icipfuzo nari mfise co kuyisoma birushiriza kwongerekana.

Muri Nzero 1937, hari uwo twakorana yitwa Albin Relewicz, uno akaba yari Icabona, yatanguye kunganirira ku bijanye n’ivyo Bibiliya yigisha. Namubajije nti: “Nibaza ko uyifise?” Yari ayifise nyene, kandi inyuma y’aho gatoya, yaranyeretse izina ry’Imana ari ryo Yehova mu mpinduro yo mu kidagi yitwa Elberfelder, iyo yaciye ampa. Naracitse umusomyi wayo w’umunyamwete kandi naratanguye kwitaba amakoraniro y’Ivyabona yabera mu gisagara co mu micungararo yaho citwa Thionville.

Muri Myandagaro 1937, narajanye na Albin kw’ihwaniro mpuzamakungu ry’Ivyabona ryabereye i Paris. Aho i Paris, naratanguye kwamamaza inzu ku nzu. Gatoya inyuma y’aho, narabatijwe, maze mu ntango zo mu 1939 ndaba umutsimvyi, ni ukuvuga umusuku mukirisu w’igihe cose. Narungitswe gukorera mu gisagara ca Metz. Muri Mukakaro na ho, nararonse ubutumire bwo kuja gukorera ku biro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova i Paris.

Amakuba yo mu gihe c’intambara

Umurimo narangurira ku biro vy’ishami ntiwamaze kabiri, kuko muri Myandagaro 1939 naciye ntumwako ngo nje mu gisirikare c’Ubufaransa. Ijwi ryanje ryo mu mutima ntiryashobora kunyemerera kugira uruhara mu ntambara, ivyo bikaba vyatumye ncirwa urubanza rwo gupfungwa. Muri Rusama mu mwaka wakurikiye, igihe nari mw’ibohero, Ubudagi bwarateye Ubufaransa bukwi na bukwi. Muri Ruheshi, Ubufaransa bwari bwamaze gutsindwa, maze nca nsubira kuba Umudagi. Gutyo rero, igihe narekurwa nkava mu munyororo muri Mukakaro 1940, naciye nsubira kuja kubana n’abavyeyi banje.

Kubera yuko twaba ahantu hatwarwa n’Abanazi, twakoranira hamwe mu kinyegero kugira ngo twige Bibiliya. Twaronka Umunara w’Inderetsi biciye kuri Maryse Anasiak, uno akaba yari umukenyezi mukirisu w’umunyamwete twahora duhurira mw’iduka rimwe ry’imikate, nyeneryo akaba yari Icabona. Gushika mu 1941, narashoboye kuza ndazibukira ingorane zashikira Ivyabona mu Budagi.

Ariko rero umusi umwe, ca giporisi c’Abanazi citwa Gestapo carangendeye. Umukuru w’izo ngabo amaze kumenyesha atomora yuko igikorwa c’Ivyabona cari cabujijwe, yaciye ambaza nimba nari mfise umugambi wo kuguma ndi Icabona. Igihe nasubizayo nti: “Egome,” yaciye ambwira ngo ndamukurikire. Kubera yuko mawe yarengewe n’ubwoba, yaciye araba. Uwo mukuru w’ingabo za ca giporisi c’Abanazi amaze kubona ibibaye, yaciye ambarira ngo ngume ng’aho kugira ngo nitwararike mawe.

Mw’ihinguriro nakoreramwo, sinaramutsa umuyobozi waryo nkoresheje ya ndamukanyo yo guhayagiza Hitler yagira iti: “Heil Hitler!” Naranse kandi kuba umunywanyi w’umugambwe w’Abanazi. Ivyo vyatumwe ku musi wakurikiye, mfatwa na ca gipolisi c’Abanazi. Igihe nariko ndasambishwa, naranse kuvuga amazina y’Ivyabona bagenzanje. Uwariko aransambisha yarankubitishije ikirindi c’inkoho mu mutwe n’ubukazi bwinshi, nca ndata ubwenge. Ku wa 11 Nyakanga 1942, Sondergericht (Sentare idasanzwe) yari ishashe i Metz yarankatiye umunyororo w’imyaka itatu, nagirijwe ko ngo “nkwiragiza ivyiyumviro bishigikira Ishirahamwe ry’Ivyabona vya Yehova be n’Abatohoji ba Bibiliya.”

Haciye indwi zibiri, naravuye mw’ibohero ry’i Metz mfata urugendo rwahavuye runshikana mw’ikambi y’ibikorwa vy’agahato ry’i Zweibrücken. Ng’aho, nakoreye mu mugwi ujejwe kubungabunga ibarabara ry’indarayi. Twarahindura ivyuma vy’indarayi biremereye, tukabifungira hasi dukoresheje amaburo, amabuye twaba twakuye muri nya barabara ry’indarayi tugaca tuyasubiza mu kibaza cayo. Udufungurwa twaronka ntitwarenga agakombe k’ikawa be n’amagarama 75 y’umukate mu gitondo, hamwe n’agasahani k’isupu ku murango be no ku mugoroba. Nahavuye nimurirwa mw’ibohero ryari mu gisagara co hafi yaho, aho nkaba nakoreye mu gahinguriro kamwe k’ibirato. Inyuma y’amezi atari make, narasubiye kurungikwa i Zweibrücken, ico gihe hoho nkaba nari ngiye gukorera mu mirima.

Narabayeho ntatunzwe n’umukate gusa

Mw’ibohero narimwo, uwo twari dupfunganywe mu kumba yari umusore yaturuka mu Buholande. Biciye ku kwiga ku rugero runaka ururimi yavuga, narashoboye kumubwira ivyo nemera. Yarize ingingo mfatirwako z’Imana kandi aratangura kubaho azisunga, gushika n’aho ansaba ko nomubatiriza mu ruzi. Igihe yava mu mazi, yarangumbiriye maze ambwira ati: “Yozefu, ndi umuvukanyi wawe!” Igihe nasubira kurungikwa gukorera mu mabarabara y’indarayi, twaciye dutandukana.

Ico gihe hoho, uwo twari dupfungiwe mu kumba kamwe yari Umudagi. Umusi umwe ku mugoroba, yaratanguye gusoma agatabu gatoya, kano kakaba kari akabibiliya! Ico gihe ni ho yambwira ko yompa iyo Bibiliya ndamuhebeye umukate nandikiwe gufungura mu ndwi yose. Namwishuye nti: “Ndavyemeye!” Naho guheba umukate nari nandikiwe gufungura mu ndwi yose kwari uguheba ikintu gikomeye, sinigeze nicuza kuba naravyemeye. Naratanguye gutahura insobanuro y’amajambo Yezu yavuze agira ati: “Umuntu ntakabeshweho n’umukate gusa, mugabo azobeshwaho n’ijambo ryose riva mu kanwa ka Yehova.”​—Matayo 4:4.

Kubera ko rero nari maze kuronka Bibiliya, urugamba rwari rusigaye rwari urwo kuyigumana. Naho abandi banyororo bari bemerewe gutunga Bibiliya, ku Vyabona bobo carazira. Ni co gituma nayisomera mu mpisho mw’ijoro, ninyegeje mu burengeti. Ku murango, naca ndayinyegeza munsi y’ishati naba nambaye maze nkayigendana. Sinashobora kuyisiga mu kumba nari mpfungiwemwo kubera yuko bama bahasatse.

Umusi umwe, igihe twari twakoraniye hamwe kugira ngo dutange raporo y’ivyo dukora, nasanze nari nibagiye ya Bibiliya yanje. Ku mugoroba w’uwo musi, natashe mu kumba nari mpfungiwemwo amaguru adakora hasi, mugabo nasanze ya Bibiliya bayitwaye. Maze gutura isengesho Imana, naragiye kuraba umurinzi w’ibohero, ndamusigurira yuko hari umuntu yari yantwaye igitabu kandi ko nashaka ko yokingarukanira. Uwo murinzi ntiyarondeye kuvyinjiramwo cane, kikaba ari co gituma nashoboye gusubira kuronka ya Bibiliya yanje. Emwe, narakengurukiye Yehova bimwe bivuye ku mutima!

Ikindi gihe, bari bandungitse mu twumba two kwiyuhagiriramwo. Igihe nariko ndakura impuzu zanje zari zicafuye, narakororeye hasi ya Bibiliya ku mayeri. Igihe wa murinzi atariko arandaba, naciye ndayisunikira mu kumba ko kwiyuhagiriramwo nkoresheje ukuguru. Muri ako kumba, naciye mba ndayinyegeje ku ruhande igihe nariko ndiyuhagira. Igihe navayo, nasubiye kubigenza kwa kundi nyene maze nca nyegeza nya Bibiliya mu kirundo c’impuzu zari zimeshe.

Ivyiza n’ibibi vyanshikiye mu mabohero

Umusi umwe mu gitondo mu 1943, igihe abanyororo bari batonze imirongo mu kibuga, nagiye mbona Albin! Na we nyene yari yarafashwe. Yarandavye amvunira akagohe maze aca ashira ukuboko kwiwe ku mutima bwa kimenyetso c’urukundo rwa kivukanyi. Akoresheje ibimenyetso, yaciye anyereka ko yonyandikiye. Ku musi wakurikiye, igihe yari arenganye, yaciye akororera hasi agapapuro. Ariko rero umurinzi yarabibonye, maze twempi duca duhabwa igihano co gupfungwa indwi zibiri umwumwe ari ukwa wenyene. Baduha gusa umukate wumye be n’amazi, kandi twaryama ku mbaho ata n’uburengeti dufise bwo kwipfuka.

Inyuma y’ivyo, narimuriwe mw’ibohero ry’i Siegburg, aho nakoreye mu ruganda rw’ivyuma. Ico gikorwa cararuhisha cane, kandi batugaburira intica ntikize. Mw’ijoro nararota ndiko ndafungura utuntu turyoshe, nk’amagato be n’ivyamwa, maze nkikangura mu nda hagaragara n’imihogo yumye. Nari nsigaye ku mutwe nk’ubuhiri. Ariko rero, ku musi ku musi narasoma ka kabibiliya kanje maze nkumva mpimbawe n’ukubaho.

Nza naronka umwidegemvyo!

Bukwi na bukwi, umusi umwe mu gitondo co muri Ndamukiza 1945, abarinzi barahunze barata ibohero, basiga imiryango itaburuye. Emwe, nari ndonse umwidegemvyo! Ariko rero, nabanje kumara igihe kinaka ndi mu bitaro kugira ngo nsubirane. Mu mpera za Rusama, narashitse aho abavyeyi banje baba. Bari baramaze kwihebura ko ntakiri muzima. Mawe ambonye, yaciye aturikisha ararira kubera umunezero. Ikibabaje ni uko inyuma y’aho gatoya abavyeyi banje baciye bapfa.

Narasubiye kwifatanya na rya shengero ry’i Thionville. Ese umunezero nagize igihe nasubira kubona umuryango w’abo dusangiye ukwemera! Narahimbawe no kumenya ukuntu bagumye ari abizigirwa naho bashikiwe n’ibigeragezo vyinshi. Wa mugenzi wanje mukundwa Albin yari yapfiriye i Regensburg, mu Budagi. Mu nyuma, naramenye yuko muvyaranje yitwa Jean Hisiger yari yarabaye Icabona maze aca aricwa kubera yuko ijwi ryiwe ryo mu mutima ritamwemerera kuja mu bikorwa vya gisirikare. Uwitwa Jean Queyroi na we, uno tukaba twari twarakoranye ku biro vy’ishami i Paris, yari yarihanganiye imyaka itanu yamaze mw’ikambi ry’ibikorwa biruhisha ry’Abadagi. a

Naciye nihutira gusubira kwamamaza mu gisagara ca Metz. Ico gihe, narakunda kubonana n’umuryango w’uwitwa Minzani. Umukobwa wabo yitwa Tina yari yabatijwe ku wa 2 Munyonyo 1946. Yari afise umwete mwinshi mu busuku, kandi narabona ko ari uw’igikundiro. Twarubakanye ku wa 13 Kigarama 1947. Muri Nyakanga 1967, Tina yaratanguye igikorwa c’ukwamamaza igihe cose, kandi yagumye muri uwo murimo gushika aho apfiriye muri Ruheshi 2003, afise imyaka 98. Kuba narabuze Tina bituma ngira intuntu nyinshi.

Muri kino gihe mfise imyaka irenga 90, ndatahura yuko Ijambo ry’Imana ryamye nantaryo rindonsa inkomezi zo guhangana n’ibigeragezo be no kubitsinda. Vyarashika ngatubika uwa vubi, ariko namye nantaryo ngaburira umuzirikanyi wanje n’umutima wanje Ijambo ry’Imana. Kandi, Yehova yarankomeje. ‘Ijambo ryiwe ryaranzigamiye ubuzima.’​—Zaburi 119:50, NW.

[Akajambo k’epfo]

a Ushaka inkuru y’ubuzima ya Jean Queyroi, raba Umunara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku wa 1 Gitugutu 1989, urupapuro rwa 22-26.

[Ifoto ku rup. 21]

Maryse Anasiak

[Ifoto ku rup. 21]

Umugenzi wanje mukundwa Albin Relewicz

[Ifoto ku rup. 22]

Ya Bibiliya nagujije n’umukate nari nandikiwe gufungura mu ndwi yose

[Ifoto ku rup. 23]

Ndi kumwe n’uwo nari ndeheje ari we Tina, mu 1946

[Ifoto ku rup. 23]

Jean Queyroi ari kumwe n’umukenyezi wiwe Titica