Hoba hari uwubona ivyo ukora?
BEZALELI na Oholiyabu bari bamenyereye ivyo kwubaka. Kubera ko bari baramaze imyaka ari abashumba mu Misiri, birashoboka ko bari barabumvye amatafari menshi cane ku buryo batari kuvyibagira. Ariko rero, ivyo bari barabisezeye. Igihe bashingwa igikwa co guhagarikira ubwubatsi bw’itaberenakulo, bari bagiye kuba abahinguzi b’utugenegene ba karuhariwe. (Kuv. 31:1-11) Naho ari ukwo, abantu bari ku rushi ni bo babonye bimwebimwe mu bikorwa vyiza igitangaza bakoze. None ivyo vyoba vyarabababaje? Hoba vy’ukuri hari uwabonye ivyo bakoze? Hoba hari uwubona ivyo ukora?
IBIKORWA BITEYE IGOMWE VYABONYWE N’ABANTU BAKE
Bimwebimwe mu bikoresho vy’itaberenakulo vyari akaroruhore. Rimbura nk’akarorero ibishusho vy’abakerubi b’inzahabu vyari hejuru y’isandugu y’isezerano. Intumwa Paulo yavuze ko vyari “ubuninahazwa.” (Heb. 9:5) Zirikana ukuntu ivyo bishusho bikozwe mu nzahabu itavanze bitegerezwa kuba vyari vyiza bimwe bidasanzwe!
Nka hamwe ibintu Bezaleli za Oholiyabu bahinguye vyoboneka muri iki gihe, vyoba bibereye gushirwa mu nzu y’iratiro ry’utwa kera nziza kuruta izindi zose, aho abantu amasinzi bashobora kubitamarira. Ariko none wibaza ko igihe vyakorwa ari abantu bangahe babonye vy’ukuri ubwiza bwavyo? Abo bakerubi bari Aheranda Rwose. Umuherezi mukuru rero ni we wenyene yababona igihe yaba yinjiyeyo rimwe mu mwaka ku Musi w’impongano. (Heb. 9:6, 7) Ku bw’ivyo, abantu bari ku rushi ni bo bababonye.
NUHIMBARWE NAHO ABANTU BATOGUHAYAGIZA
Iyo uza kuba uri Bezaleli canke Oholiyabu ukaba warabize akuya uhingura ivyo bikorwa vy’utugenegene vyiza igitangaza, wokwumva umerewe gute umenye yuko abantu bakeyi ari bo babibonye? Muri iki gihe, abantu babona ko hari ico bashitseko iyo bashimagijwe canke bemewe n’urunganwe rwabo. Ico ni co kibereka ko ubutame bwabo butabaye impfagusa. Abasavyi ba Yehova bo si ukwo. Cokimwe na Bezaleli na Oholiyabu, duhimbarwa no gukora ivyo Yehova agomba be no gushimwa na we.
Mu gihe ca Yezu, indongozi z’idini zarakunda gutura amasengesho yo gutangaza abandi. Ariko rero, Yezu yarerekanye ubundi buryo bwo gusenga, Mat. 6:5, 6) Biragaragara ko igihambaye atari ivyo abandi biyumvira ku bijanye n’amasengesho dutura, mugabo ni ivyo Yehova yiyumvira. Ingene abona amasengesho yacu ni vyo bituma aba ay’agaciro vy’ukuri. Ivyo ni na ko biri ku kintu ico ari co cose turangura mu murimo mweranda. Agaciro kaco ntikarabirwa ku kuba gihayagizwa n’abantu; ahubwo karabirwa ku kuba gishimisha Yehova, we “araba mu mpisho.”
akaba ari ubu: Nusenge ata buryarya, udafise icipfuzo co gushimagizwa n’abakwitegereza. None bica bivamwo iki? Yavuze ati: “So araba mu mpisho azobikwishura.” (Igihe itaberenakulo yuzura, igicu “[caratanguye] gupfuka rya hema ry’ihuriro, ubuninahazwa bwa Yehova na bwo bwuzura nya taberenakulo.” (Kuv. 40:34) Ese ukuntu ivyo vyerekanye neza ko Yehova ayishimye! Wibaza ko Bezaleli na Oholiyabu bumvise bamerewe gute ico gihe? Naho amazina yabo atanditswe kuri ivyo bintu bakoze, bategerezwa kuba barahimbawe n’uko Imana yari yahezagiye utwigoro twabo twose. (Imig. 10:22) Nta gukeka ko mu myaka yakurikiye bahimbawe no kumenya yuko ivyo bahinguye vyabandanije gukoreshwa mu murimo wa Yehova. Bezaleli na Oholiyabu nibazuka mw’isi nshasha, bazohimbarwa vy’ukuri no kumenya yuko iyo taberenakulo yamaze imyaka nka 500 ikoreshwa mu gusenga kw’ukuri!
Muri iki gihe mw’ishirahamwe rya Yehova, abakora amavidewo, abahingura utugenegene, abacuraranzi, abafata amafoto, abahinduzi be n’abanditsi, bose usanga batamenyekana. Ni nk’aho ata n’umwe abona ivyo bakora. Ivyo ni na kwo biri ku bikorwa vyinshi birangurirwa mu mashengero arenga 110.000 hirya no hino kw’isi. Ni nde abona uwujejwe amakonte ariko aruzuza impapuro zabigenewe ku mpera y’ukwezi? Ni nde aba abibona igihe umunyamabanga ategura raporo y’umurimo wo mu ndimiro y’ishengero? Ni nde aba abibona igihe mwene wacu canke mushiki wacu asanura ikintu kanaka ku Ngoro y’Ubwami?
Ku mpera y’ubuzima bwabo, Bezaleli na Oholiyabu ntibaronse udushimwe, imidari canke ivyandikano bokwiratira kubera ibintu vyiza bahinguye be n’iyo taberenakulo nziza bubatse. Mugabo bararonse ikintu c’agaciro kuruta kure n’iyo, na co akaba ari ukwemerwa na Yehova. Turashobora kwemera tudakeka ko Yehova yabonye igikorwa cabo. Nimuze twigane akarorero kabo ko kwicisha bugufi no gukora babikunze.