UMUNARA W’INDERETSI (INTEGURO Y'UKWIGA) Nyakanga 2014

Iki kinyamakuru kirimwo ibiganiro vy’ukwiga kuva ku wa 27 Gitugutu gushika ku wa 30 Munyonyo 2014.

Woba uriko ‘urondera gushikira ibanga’?

Wobigira gute mu buryo bubereye?

Ni igiki cakujijuye ko uri mu kuri?

Iki kiganiro kiraca irya n’ino imvo zimwezimwe zituma abantu benshi bemera ko Ivyabona vya Yehova bari mu kuri. Turihweza kandi imvo zituma Ivyabona ubwabo bajijuka ko bari mu kuri.

Nukorere Imana udahemuka naho woca mu “makuba menshi”

Twese turashikirwa n’amakuba kubera turi mw’isi ya Shetani. Amwe mu mayeri Shetani akoresha mu kudutera ni ayahe? Twoyitegurira gute?

Bavyeyi, nimuragire abana banyu

Abavyeyi bafise ibanga ryo kurera abana babo “mu kubatoza indero no mu kuyobora ivyiyumviro vyabo nk’uko Yehova yashinze.” (Abanyefeso. 6:4) Iki kiganiro kiraca irya n’ino uburyo butatu abavyeyi bashobora kuragira abana babo no kubafasha gukunda Yehova.

Ibibazo vy’abasomyi

Ivyo Bibiliya ivuga muri Zaburi 37:25 no muri Matayo 6:33 vyoba bisobanura ko Yehova atokwigeze areka ngo umukirisu abure ibifungurwa?

Umwansi wa nyuma ari we rupfu azokurwaho

Urupfu n’ibintu vyose bishikana kuri rwo biratuma haba imibabaro ikomeye. Kubera iki abantu bapfa? Wa ‘mwansi wa nyuma, ari we rupfu, azokurwaho’ gute? (1 Abakorinto 15:26) Raba ukuntu inyishu z’ivyo bibazo zishira ahabona ubutungane bwa Yehova, ubukerebutsi bwiwe, na canecane urukundo rwiwe.

Twibuke abari mu murimo w’igihe cose

Abasavyi ba Yehova benshi barakora bagatama mu murimo w’igihe cose. Twokora iki kugira twibuke ‘igikorwa cabo kiva ku kwizera be n’ukubira akuya kwabo’?—1 Abatesalonika 1:3.