Woba ushobora gukorera aho abamamaji b’Ubwami bakenewe kuruta ahandi?
Woba ushobora gukorera aho abamamaji b’Ubwami bakenewe kuruta ahandi?
“Naho twari tubayeho neza muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, twari turajwe ishinga n’uko agatima ko kwiruka inyuma y’amaronko karangwa mu bari badukikije kohavuye katugirako akosho kabi twe n’abahungu bacu babiri. Jewe n’umukenyezi wanje twahoze dukora umurimo w’ubumisiyonari, kandi twashaka gusubira kugira ubwo buzima bubayabaye ariko buhimbaye.”
MU 1991 ni ho uwitwa Ralph n’umukenyezi wiwe Pam, babitumwe n’ico cipfuzo, bafata ingingo yo kwandikira ibiro vy’amashami atari make baserura ko bipfuza gukorera aho abamamaji b’Ubwami bari bakenewe kuruta ahandi. Ibiro vy’ishami ryo muri Megizike vyarabishuye bibamenyesha ko hari hakenewe bimwe vyihutirwa abamamaji b’Ubwami bokwamamaje inkuru nziza mu bantu bavuga icongereza baba muri ico gihugu. Nkako, iryo shami ryavuze yuko iyo ndimiro yari ‘yeze, igeze kwimbura.’ (Yoh. 4:35) Ralph na Pam be n’abahungu babo, umwe akaba ico gihe yari afise imyaka 8 uwundi na we imyaka 12, baremeye ubwo butumire badatebaganye maze baca batangura kwitegurira kwimukira muri ico gihugu.
Icibare kinini cane
Ralph yigana ati: “Imbere y’uko tuva muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, hari abavukanyi n’abavukanyikazi biboneka ko batwipfuriza ineza batubwiye bati: ‘Kuja kuba mu mahanga birimwo akaga gakomeye!’ ‘Muzobigenza gute nivyashika mukarwara?’ ‘Ni kubera iki mugiye kwamamaza mu cibare kibamwo abantu bavuga icongereza? Erega abantu bavuga icongereza baho ntibazoshimishwa n’ukuri!’ Ariko rero, ingingo twari twafashe yari ntabanduka. Kanatsinda, iyo ngingo yo kwimukira mu kindi gihugu twari twayifashe tubanje kuyizirikanako. Twari tumaze imyaka itari mike tubitegekanya. Twari twaririnze gufata amadeni y’igihe kirekire, turaziganya amahera twongera turaganira kenshi uko tugize umuryango ku ngorane zodushikiye.”
Ralph n’umuryango wiwe babanje kugendera ishami ryo muri Megizike. Abavukanyi bakorera kuri iryo shami baraberetse ikarata y’ico gihugu cose maze bababwira bati: “Ng’iki icibare canyu!” Uwo muryango wagerereye i San Miguel de Allende, igisagara kirimwo abantu benshi bava mu bindi bihugu, cari ku bilometero nka 240 mu Buraruko bushira Uburengero bw’igisagara ca Mexico. Haciye imyaka itatu bashitse, muri ico gisagara harashinzwe ishengero rikoresha icongereza ryari rigizwe n’abamamaji 19. Iryo ni ryo shengero rya mbere rikoresha icongereza ryashinzwe muri Megizike, ariko hari hakiri vyinshi vyo gukora.
Bivugwa ko abantu baturuka muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika baba muri Megizike boba bashika nko ku muliyoni umwe. Ikindi kandi, icongereza ni rwo rurimi rugira kabiri Abanyamegizike benshi bize be n’abanyeshure batari bake usanga bakoresha. Ralph asigura ati: “Twarasenze dusaba abandi bakozi. Twamye nantaryo mu nzu yacu dutegekanya Guh. 13:2.
icumba c’abashitsi kugira ngo gikoreshwe n’abavukanyi be n’abavukanyikazi bashikira muri ako karere twabamwo baje ‘gutata ico gihugu,’ tubivuze mu buryo bw’ikigereranyo.”—Baroroheje ubuzima bwabo kugira bagure ubusuku bwabo
Abandi bavukanyi be n’abavukanyikazi bashaka kwagura ubusuku bwabo ntibatevye gushika muri ico gihugu. Muri abo hari uwitwa Bill n’umukenyezi wiwe Kathy baje bava muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Bari bamaze imyaka 25 bakorera mu vyibare vyari bikeneye cane abamamaji. Bari bafise umugambi wo guca biga igisupanyoli, ariko barahinduye ivyiyumviro inyuma y’aho bimukiye mu gisagara citwa Ajijic co ku nkengera z’Ikiyaga Chapala, kino kikaba ari co gisagara abakukuruke baturuka muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika bashima kubamwo. Bill asigura ati: “Aho i Ajijic twarakoze uko dushoboye kwose kugira ngo turondere abantu bavuga icongereza bashaka kumenya ukuri.” Haciye imyaka ibiri, Bill na Kathy bashitse muri ico gisagara, baranezerewe no kubona hashingwa ishengero, rino rikaba ryari irigira kabiri muri Megizike rikoresha icongereza.
Uwitwa Ken n’umukenyezi wiwe Joanne baturuka muri Kanada baripfuza kworosha ubuzima bwabo maze bagahebera umwanya wiyongereye imirimo y’Ubwami. Na bo nyene barimukiye muri Megizike. Ken yigana ati: “Vyasavye igihe kitari gito kugira ngo tumenyere ubuzima bw’aho hantu usanga ushobora kumara imisi itari mike ata mazi, umuyagankuba canke telefone uronka.” Ariko rero, kugira uruhara mu gikorwa co kwamamaza vyaratuma tugira umunezero. Budakeye na kabiri, Ken yaragenywe kuba umukozi w’ishengero, haciye imyaka ibiri na ho, agenwa kuba umukurambere. Mu ntango, vyarabereye urugamba umukobwa wabo Britanny kwifatanya n’abandi bakiri bato bakeyi bo mw’ishengero ryabo ritoyi ryakoresha icongereza. Ariko, inyuma y’aho atanguriye kugira uruhara mu maporoje y’ubwubatsi bw’Ingoro z’Ubwami, yarironkeye abagenzi benshi beza hirya no hino muri ico gihugu.
Uwitwa Patrick n’umukenyezi wiwe Roxanne baturuka muri Leta ya Texas muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, baranezerewe cane no kwumva ko bashobora gukorera ubumisiyonari mu cibare kitari kure cane y’akarere kabamwo abantu bavuga icongereza. Patrick avuga ati: “Inyuma y’aho tugiriye gutembera i Monterrey, kino na co kikaba ari igisagara co mu Buraruko bushira Ubuseruko bwa Megizike, twarabonye ko Yehova yariko atuyobora kugira ngo dufashe muri ako karere.” Mu misi itanu, barashoboye kugurisha inzu yabo i Texas maze baca ‘bajabukira i Makedoniya,’ tubivuze mu buryo bw’ikigereranyo. (Ibik. 16:9) Ntivyaboroheye kuba muri Megizike, ariko haciye imyaka ibiri gusa, baranezerewe no kubona umugwi mutoyi wari ugizwe n’Ivyabona 17 utera imbere ukaba ishengero ryari rigizwe n’abamamaji 40.
Jeff na Deb ni uwundi mugabo n’umugore boroheje ubuzima bwabo kugira ngo bagure ubusuku bwabo. Baragurishije inzu yabo nini yari muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika maze bimukira mu nyubakwa ntoyi y’i Cancún, igisagara kiri ku nkengera yo mu Buseruko bwa Megizike. Bakiri iwabo, bari bamenyereye kwitaba amateraniro yabera mu nyubakwa nziza irimwo mwene vya vyuma bitanga ubushuhe canke ubukanye yari hafi y’iwabo. Ico gihe ho, babwirizwa kugira urugendo rw’amasaha umunani kugira ngo bitabe iteraniro ryo mu congereza twovuga ko ryabera hafi cane y’aho baba, rino rikaba ryagirirwa mu kibanza kidasakaye. Ariko baragize umunezero mwinshi kubona i Cancún hashingwa ishengero rigizwe n’abamamaji nka 50.
Hari abavukanyi n’abavukanyikazi b’Abanyamegizike na bo batanguye gufasha mu gikorwa co kwamamaza bakoresheje icongereza. Nk’akarorero, igihe uwitwa Rubén n’umuryango wiwe bumva ko i San Miguel de Allende hashinzwe ishengero rya mbere rikoresha icongereza be n’uko muri Megizike hose ari co cibare iryo shengero ryari ryakebewe, baciye ubwo nyene bafata ingingo yo gufasha. Ivyo vyabasaba kwiga icongereza, kumenyera imico itandukanye n’iyabo be no kwama bagira ingendo ndende cane z’ibilometero 800 buri ndwi kugira ngo bitabe amakoraniro. Rubén yigana ati: “Twaragira umunezero wo kubwira inkuru nziza abantu baturuka mu bindi bihugu bari bamaze imyaka itari mike baba muri Megizike, ariko rikaba ryari ryo rya mbere bumva ubutumwa bwerekeye inkuru nziza mu rurimi rwabo kavukire. Hari abakoroye amosozi mu kugaragaza ukuntu badukengurukira.” Inyuma y’aho Rubén n’umuryango wiwe bafashirije ishengero ry’i San Miguel de Allende, baciye bakorera ubutsimvyi mu gisagara c’i Guanajuato, hagati na hagati muri Megizike, aho bafashije harashingwa ishengero rikoresha icongereza ryari rigizwe n’abamamaji barenga 30. Muri iki gihe, bariko basukurira mu mugwi ukoresha icongereza w’i Irapuato, igisagara kiri hafi y’i Guanajuato.
Kubwira inkuru nziza abo bitoroshe gushikira
Uretse abantu baturuka mu bindi bihugu, hariho Abanyamegizike benshi bavuga icongereza. Akenshi usanga bigoye kubabwira ubutumwa bw’Ubwami kubera ko baba mu duce tw’abakire aho abakozi bo mu nzu ari bo bitaba iyo umuntu adodoye ku rugi. Canke bishitse bene inzu bakaza kuraba uwudodoye, hari aho batumviriza ubutumwa dushikiriza kubera bibaza ko Ivyabona vya Yehova ari akadumbi k’idini ko ng’aho. Yamara, igihe abo bantu bagendewe n’Ivyabona bava mu bindi bihugu, hari ababwakira neza.
Rimbura akarorero k’umukenyezi umwe yitwa Gloria wo mu gisagara ca Querétaro, hagati na hagati muri Megizike. Asigura ati: “Nari narigeze kugenderwa n’Ivyabona bavuga igisupanyoli ariko sinabumvirije. Yamara, igihe umuryango wanje be n’abagenzi banje batangura gushikirwa n’ingorane, narumvise mvunitse umutima maze nca ndasenga Imana, ndayitakambira ngo inyereka ico nokora. Gatoyi inyuma y’aho, hari umukenyezi umwe avuga icongereza yadodoye ku rugi. Yarabajije niba hari uwoba yari asanzwe avuga icongereza muhira. Kubera ko yari umunyamahanga, naripfuje kumenya ibimwerekeye, maze nca ndamubwira ko mvuga icongereza. Igihe yariko aravuga icatumye atugendera, naguma nibaza nti: ‘Mbega uwu Munyamerikakazi ariko akora iki muri aka karere kacu?’ Mugabo, nari nasenze Imana ndayisaba kumfasha. Rero, uwo munyamahanga ashobora kuba yari we nyishu y’isengesho ryanje.” Gloria yaremeye kugirirwa inyigisho ya Bibiliya maze aratera imbere ningoga gushika abatijwe, naho yarwanywa n’abo mu muryango. Gloria ubu asukura ari umutsimvyi asanzwe, kandi umunega wiwe n’umuhungu wiwe na bo nyene barasukurira Yehova.
Impera abagura ubusuku bwabo bironkera
Gukorera aho abamamaji bakenewe kuruta ahandi usanga birimwo ingorane, ariko impera zivamwo ni nyinshi. Wa muvukanyi Ralph twavuga mu ntango, avuga ati: “Twarigishije Bibiliya abantu baturuka mu Bushinwa, mu Bwongereza, muri Jamayike, muri Suwede turayigisha mbere n’abantu b’abakire baturuka muri Gana. Bamwe muri abo batohoji ba Bibiliya baratanguye gukora umurimo w’igihe cose. Mu myaka itari mike iheze, umuryango wacu wariboneye ingene amashengero indwi avuka. Abahungu bacu bompi baratanguye gukora igikorwa c’ubutsimvyi nkatwe, kandi muri iki gihe bariko basukurira kuri Beteli yo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika.”
Ubu muri Megizike hari amashengero 88 be n’imigwi itari mike bikoresha icongereza. None ni igiki dukesha iryo yongerekana ryihuta gutyo? Abantu benshi bo muri Megizike bavuga icongereza usanga batari bwigere bayaga n’Ivyabona. Abandi na bo usanga bavyakiriye neza kubera ko ata kosho bari bafise k’abagenzi kobabujije nk’igihe bobaye bari mu gihugu cabo c’amavukiro. Hari n’abandi bemeye kugirirwa inyigisho ya Bibiliya kubera ko bari barakukurutse maze bakaba bari bafise umwanya wo kwitwararika ivy’impwemu. N’ikindi kandi, abarenga ica gatatu c’abamamaji bo mu mashengero akoresha icongereza usanga ari abatsimvyi, ivyo na vyo bikaba bifasha cane kugira ngo amashengero agume arangwamwo umwete n’iterambere riboneka.
Imihezagiro ushobora kwironkera
Nta gukeka ko abantu benshi bo hirya no hino kw’isi bashobora kuvyakira neza igihe bumvise ubutumwa bw’Ubwami bwamamazwa mu rurimi rwabo kavukire. Bireza umutima rero kubona abavukanyi n’abavukanyikazi batari bake bakomeye mu vy’impwemu, baba ari abakuze canke abakiri bato, abubatse canke abatarubaka, bari n’umutima ukunze wo kwimukira mu turere aho usanga abamamaji b’Ubwami bakenewe cane kuruta ahandi. Ego ni ko boshobora gushikirwa n’ibintu bigoye, ariko usanga ivyo bintu ata co bivuze ubigereranije n’agahimbare bagira igihe baronse abantu b’umutima nziraburyarya bemera ukuri kwo muri Bibiliya. Woba ushobora kugira ivyo uhinduye kugira ngo wimukire mu cibare co mu gihugu c’amavukiro canke co mu mahanga aho usanga abamamaji b’Ubwami bakenewe cane kuruta ahandi? a (Luka 14:28-30; 1 Kor. 16:9) Hamwe wobigenza gutyo, woshobora kwizigira udakeka ko uzoronka imihezagiro myinshi cane.
[Akajambo k’epfo]
a Niba wipfuza kumenya vyinshi ku bijanye n’ugukorera aho abamamaji bakenewe kuruta ahandi, raba igitabu Twagizwe ishirahamwe ngo dukore ivyo Yehova agomba, urupapuro rwa 111-112.
[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 21]
Abakukuruke bahimbawe baratumye ashimishwa n’ukuri
Umukenyezi umwe yitwa Beryl aturuka mu Bwongereza yarimukiye muri Kanada. Aho muri Kanada yarakoze ari umuyobozi mu mashirahamwe mpuzamakungu y’urudandaza atari make. Yarabaye kandi umukenyezi karuhariwe mu vyo kugendera ku mafarasi, aranatorwa ngo aserukire Kanada muri za nkino mpuzamakungu za Olympique zabaye mu 1980. Aho Beryl akukurukiye akaja kuba i Chapala muri Megizike, we n’umunega wiwe barakunda kuja kurira mu maresitora yaho. Aho aboneye abandi bakukuruke bavuga icongereza, bano bakaba baboneka ko bahimbawe, yarabegereye maze arababaza ico bariko bakora ng’aho muri Megizike. Abantu bahimbawe baza kurira kuri ayo maresitora wasanga imisi nka yose ari Ivyabona vya Yehova. Kubera Beryl n’umunega wiwe biyumviriye ko kugira ubuhirwe be n’ubuzima buri n’ico buvuze vyoba biterwa no kumenya Imana, baciye na bo nyene bipfuza kuyimenya. Beryl amaze amezi atari make yitaba amakoraniro ya gikirisu, yaremeye kugirirwa inyigisho ya Bibiliya, mu nyuma araba Icabona. Beryl yarashoboye kumara imyaka itari mike asukura ari umutsimvyi asanzwe.
[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 22]
“Ni umuhezagiro kuba turi kumwe na bo”
Abimukiye mu bihugu aho usanga abamamaji b’Ubwami bakenewe kuruta ahandi barashimwa cane n’abavukanyi bo muri ivyo bihugu. Ibiro vy’ishami rimwe ryo muri Karayibe vyanditse biti: “Hamwe abavukanyi amajana baturuka mu mahanga bakorera ng’aha bogenda, amashengero ntiyobura guca ahungabana. Ni umunezero kuba turi kumwe na bo.”
Ijambo ry’Imana rivuga ko “abagore bakwiza inkuru [nziza ari] ingabo nyinshi.” (Zab. 68:11) Ntibitangaje rero kubona muri abo basukurira mu mahanga harimwo abavukanyikazi benshi b’abirebange. Abo bavukanyikazi bitanga barafasha cane. Hari ibiro vy’ishami riri mu Buraya bwo mu Buseruko vyavuze biti: “Mu mashengero yacu menshi, usanga abavukanyikazi ari bo benshi cane, rimwe na rimwe bakaba bashika ku bice 70 kw’ijana. Benshi muri bo usanga ari bashasha mu kuri, ariko abavukanyikazi b’abatsimvyi b’abirebange baturuka mu bindi bihugu barafasha cane mu kumenyereza abo bashasha. Abo bavukanyikazi bava mu mahanga ni ingabirano koko twaronse!”
None abo bavukanyikazi bumva bamerewe gute ku bijanye n’ugusukurira mu mahanga? Umuvukanyikazi umwe yitwa Angelica afise imyaka nka 35, kandi akaba amaze imyaka itari mike akorera mu kindi gihugu ari umutsimvyi w’umwirebange, avuga ati: “Ingorane ni nyinshi. Mu cibare kimwe nakoreramwo, ku musi ku musi, narwana urugamba rwo guca mu mabarabara arimwo ivyondo kandi aho naca hose narahabona abantu bacumukura mu buryo bwinshi bubabaje cane. Ariko narumva mpimbawe cane igihe naba ndiko ndafasha abantu mu busuku. Vyongeye, narakorwa ku mutima n’amajambo y’ugukenguruka abavukanyikazi bo muri ico gihugu bambwira, akenshi bakaba barankengurukira ku kuba naraje kubafata mu mugongo. Hari umuvukanyikazi umwe yambwiye ko akarorero natanze ko kwemera kugira urugendo rurerure nkaza mu gihugu ciwe gukora ndi umutsimvyi vyatumye na we nyene akora umurimo w’igihe cose.”
Umutsimvyikazi umwe yitwa Sue afise imyaka irenga gatoyi 50, avuga ati: “Ushobora gusanga wugarijwe n’ingorane, ariko izo ngorane nta ho zihuriye n’imihezagiro uhakura. Ubusuku buraryoshe ntiworaba! Kubera ko mara igihe kinini nkorana n’abavukanyikazi bakiri bato, ndababwira ivyo nize muri Bibiliya no mu bisohokayandikiro bitwereka ingene twokwihanganira intambamyi zidushikira. Barakunze kumbwira ko bafashwa n’akarorero ntanga mu kwihanganira ingorane zagiye ziranshikira mu myaka myinshi maze nsukura ndi umutsimvyi w’umwirebange, bakabona ko na bo nyene bashobora gutorera umuti ingorane zibashikira mu buzima. Gufasha abo bavukanyikazi biratuma numva nshize akanyota rwose.”
[Ikarata ku rup. 20]
MEGIZIKE
Guanajuato
Irapuato
Chapala
Ajijic
Ikiyaga Chapala
Monterrey
San Miguel de Allende
Querétaro
IGISAGARA CA MEGIZIKE
Cancún
[Ifoto ku rup. 23]
Bamwebamwe bari n’umunezero wo kubwira inkuru nziza abantu bo mu bindi bihugu usanga ari bwo bwa mbere bayumvise