INKURU Y’UBUZIMA
Twarize kutigera twanka ivyo Yehova adusavye gukora
INYUMA y’igihuhusi cateye, uruzi rwaruzuye ivyondo n’ibibuye bininibinini. Twashaka kujabuka hakurya, mugabo dusanga uruzi rwasaze gushika n’aho rutwara ikiraro. Twe n’umugabo wanje Harvey be n’uwo twari kumwe yasobanura mu rurimi rw’iki amisi, twaragize ubwoba twongera turihebura. Igihe abavukanyi bari hakurya bariko baratwitegereza bahagaritse umutima, twaratanguye kujabuka. Twabanje kwuriza akaduga kacu mw’ikamyo nini. Iyo kamyo yaciye ijabuka bukebuke kubera ko akaduga kacu tutari twakabohesheje imigozi canke iminyororo bituma kaguma hamwe. Naho hari hafi, si twe twabonye turahejeje kuhajabuka. Twagenda turasenga Yehova ngo adufashe kujabuka amahoro. Aho hari mu 1971. Twari ku nkengera yo mu buseruko bwa Tayiwani, hakaba hari ku bilometero ibihumbi uvuye mu gihugu cacu c’amavukiro. Reka ndabahe iyo nkuru.
TWIGA GUKUNDA YEHOVA
Harvey ni we yari mukuru mu bahungu bane. Umuryango wiwe wamenyeye ukuri mu gisagara citwa Midland Junction, muri Ostraliya yo mu Burengero, igihe ivy’ubutunzi vyari vyifashe nabi mu myaka ya 1930. Harvey yakuze akunda Yehova maze abatizwa afise imyaka 14. Bidatevye yarize kwemera ibikorwa yashingwa mw’ishengero. Igihe kimwe akiri umusore, yaranse gusoma Umunara w’Inderetsi kw’ikoraniro yibaza ko atari kubishobora. Ariko umuvukanyi yaganiriye na we yaramufashije kuzirikana ati: “Mw’ishirahamwe rya Yehova iyo hari uwugusavye gukora ikintu kanaka, aba abona ko ubishoboye!”—2 Kor. 3:5.
Jewe na mawe na mukurwanje twamenyeye ukuri mu Bwongereza. Dawe yakiriye ukuri mu nyuma kubera ko yabanje kukurwanya. Nabatijwe mfise imyaka iri munsi ya cumi naho atavyerekwa. Narishingiye umugambi wo kuba umutsimvyi, mu nyuma naho nkaba umumisiyonari. Ariko dawe yashaka ko nkora ubutsimvyi nshikanye imyaka 21. Mugabo jewe sinashaka kurindira ico gihe cose. Igihe rero nari mfise imyaka 16, yaranyemereye kuja kuba kwa mukuru wacu twese, yari yarimukiye
muri Ostraliya. Amaherezo nshikanye imyaka 18, naciye ntangura ubutsimvyi.Aho muri Ostraliya, ni ho nahuriye na Harvey. Twempi twari duhuje umugambi wo gukorera Yehova turi abamisiyonari. Twubakanye mu 1951. Tumaze imyaka ibiri turi abatsimvyi, twaciye dusabwa gukorera mu muzunguruko. Umuzunguruko twakoreramwo wari ugizwe n’igice kinini co muri Ostraliya yo mu Burengero, akaba ari co gituma twaca mu turere dushushe kandi turi iyo catawe.
ICIPFUZO CACU KIRANGUKA
Mu 1954, twaratumiwe kwitaba Ishure rya Gileyadi, mu mugwi ugira 25. Icipfuzo twari dufise co kuba abamisiyonari cari kigiye kuranguka! Twashitse i New York n’ubwato, maze dutangura ivyigwa vyimbitse vya Bibiliya. Ku rutonde rw’ivyo twari kwiga harimwo ururimi rw’igisupanyoli, na rwo rukaba rutorohera Harvey kubera vyamugora kuvuga neza urudome r muri urwo rurimi.
Turi mw’ishure, abigisha baratumenyesheje ko abipfuza kurungikwa gukorera mu Buyapani bokwiyandikisha mu mugwi w’abiga urwo rurimi. Twafashe ingingo yo kureka ishirahamwe rya Yehova rikaba ari ryo riduhitiramwo aho twoja gukorera. Inyuma y’aho gato, umwe mu bigisha b’Ishure rya Gileyadi ari we Albert Schroeder, yaramenye ko tutari twiyandikishije. Yatubwiye ati: “Subira muvyiyumvire.” Umuvukanyi Schroeder abonye ko tuguma tugonanwa, yaciye atubwira ati: “Jewe n’abandi bigisha twabandikishije. Nimurabe nimba mwogerageza kwiga ikiyapani.” Harvey vyaramworoheye kwiga urwo rurimi.
Twashitse mu Buyapani mu 1955, igihe hari abamamaji 500 gusa mu gihugu cose. Harvey yari afise imyaka 26 nanje nkagira 24. Twarungitswe gukorera mu gisagara citwa Kobe gifise ikivuko, tukaba twahakoreye imyaka ine. Mu nyuma twarahimbawe igihe basubira kudushinga igikorwa co kugendera amashengero, tukaba twakorera hafi y’igisagara ca Nagoya. Muri uwo murimo twarakunze ibintu vyose: uri abavukanyi, ibifungurwa, n’akarere gateye igomwe. Ariko ata gihe kirekire kihaciye, twararonse akandi karyo ko kutanka igikorwa Yehova adushinze.
IGIKORWA GISHASHA KITATWOROHEYE
Inyuma y’imyaka itatu turi mu gikorwa co kugendera amashengero, ishami ryo mu Buyapani ryaradusavye nimba twoshima kuja muri Tayiwani, gukorana n’imvukira zaho zo mu bwoko * Kubera ko twakunda cane igikorwa twarangurira mu Buyapani, ntivyatworoheye gufata iyo ngingo. Mugabo kubera ko Harvey yari yarize kutigera yanka igikorwa bamushinze, twaremeye kujayo.
bw’aba Amisi. Hari haradutseyo ubuhuni, hakaba rero hari hakenewe umuvukanyi avuga neza ikiyapani, kugira ngo afashe gusubiza ibintu mu buryo.Twashitse muri Tayiwani muri Munyonyo 1962, hakaba hariyo abamamaji 2.271, abenshi muri bo bakaba bari abo mu bwoko bw’aba Amisi. Ariko twari dukeneye kubanza kwiga igishinwa. Naho twari dufise igitabu kimwe gusa n’umwigisha atari azi icongereza, twarize igishinwa turakimenya.
Haciye igihe gito dushitse muri Tayiwani, Harvey yaratewe agateka ko kuba umusuku w’ishami. Kubera ko ibiro vy’ishami vyari bitoyi, Harvey yarashobora gukora ibikorwa vyo mu biro, akongera akamara indwi zitatu mu kwezi akorana n’abavukanyi b’aba Amisi. Vyongeye, rimwe na rimwe yarakora nk’umucungezi w’intara, aho hakaba harimwo no gutanga insiguro ku materaniro. Harvey yazitanga mu kiyapani, kandi abavukanyi b’aba Amisi barabitahura. Ariko rero leta yarasavye ko amakoraniro y’amadini yoza araba mu gishinwa gusa. Naho Harvey atari bwamenye neza igishinwa, yaratanga insiguro muri urwo rurimi, uwundi muvukanyi na we akaza arasigura mu rurimi rw’iki amisi.
Ico gihe Tayiwani yagengwa n’amategeko nk’ayo mu ntambara, abavukanyi rero bakaba babanza gusaba impusha kugira ngo bagire amateraniro. Kuronka izo mpusha ntivyari vyoroshe, kandi igipolisi carateba kuzitanga. Hageze indwi y’iteraniro igipolisi kitaratanga uruhusha, Harvey yaca aja kwicara ku gituro cabo, gushika barutanze. Uwo mukenyuro warabaye ngirakamaro, kuko igipolisi caterwa isoni no kubona umunyamahanga aguma yicaye ku gituro cabo.
NDUGA UMUSOZI ARI BWO BWA MBERE
Muri za ndwi twamara dukorana n’abavukanyi, rimwe na rimwe twaramara isaha canke irenga tugenda n’amaguru, tukaduga imisozi tukongera tukajabuka inzuzi. Ndibuka umusi naduga umusozi ari bwo bwa mbere. Uwo musi twihereje akayi tunyarutsa, maze isaha 11 n’inusu z’igitondo dufata ibisi tuja mu kigwati kiri kure, duca tujabuka uruzi runini, hanyuma tuduga umusozi uhanamye. Uwo musozi wari uhanamye cane ku buryo ibirenge vy’umuvukanyi yari imbere yanje vyari bitumberanye no mu maso hanje.
Muri ico gitondo, Harvey yakoranye indimiro n’abavukanyi bamwebamwe b’imvukira, nanje ndikorana mu gasagara kamwe kabamwo abantu bavuga ikiyapani. Hageze nk’isaha indwi, narumvise inguvu zimperanye kubera hari haciye amasaha menshi ntafunguye. Twahavuye duhura na Harvey, ata wundi muvukanyi bari kumwe. Harvey yari yatanze ibinyamakuru maze bamuha amagi atatu. Yaranyeretse ingene barya irigi babanje kuritobora hanyuma bakarinunuza. Nanje naciye ngerageza kurya irya kabiri naho bitari biteye akayabagu. None ni nde yari kurya irya gatatu? Ni je naririye kubera ko Harvey atari gushobora
kunterura ngo amanukane umusozi bishitse nkarabikwa n’inzara.UBWOGERO NTARI MENYEREYE
Igihe kimwe twagiye kw’iteraniro ry’umuzunguruko, narashikiwe n’ikintu ntari menyereye. Twari twashikiye ku muhana w’umuvukanyi yaba impande y’Ingoro y’Ubwami. Kubera ko aba Amisi babona ko kwoga bihambaye cane, umukenyezi w’umucungezi w’umuzunguruko yaraduteguriye amazi yo kwoga. Harvey yaciye ansaba gutangura, kubera ko yari afatiriwe. Bari baduteguriye ibintu bitatu: indobo y’amazi akanye, iy’amazi ashushe, be n’ibase igaragara. Naratangaye nsanze uwo mukenyezi yabishize hanze aharabana n’Ingoro y’Ubwami, aho abavukanyi bariko barakora ibikorwa vyo gutegura iteraniro bari gushobora kutubona. Naramusavye ko yondonsa ikintu co gukingiriza. Erega nagiye mbona anzanira igisashe kibonerana! Naciye niyumvira ivyo kuja kwikinga inyuma y’inzu, mugabo ndahasanga imbata natinya ko zari kunoba. Nibwiye nti: ‘Abavukanyi barafatiriwe n’ibikorwa ntibaza kumenya ko ndiko ndoga. Vyongeye nintoga biraza kubatsitaza. Reka noge!’ Naciye rero noga.
ABA AMISI BARONKA IBITABU
Harvey yarabonye ko abavukanyi b’aba Amisi vyabagora gutera imbere mu vy’impwemu, kubera ko benshi batari barize kandi bakaba ata bitabu bari bafise. Kubera ko ururimi rw’iki amisi rwari ruherutse gutangura gushirwa mu nyandiko, vyari bikenewe ko abavukanyi bigishwa gusoma ururimi rwabo. Naho ico gikorwa kitari coroshe, abavukanyi bahavuye bashobora kuza bariyigisha mu rurimi rwabo. Ibitabu vyo mu rurimi rw’iki amisi vyatanguye kuboneka mu mpera za 1960. Mu 1968 na ho, Umunara w’Inderetsi waratanguye gusohoka muri urwo rurimi.
Ariko rero leta yarabujije ibitabu bitari mu gishinwa. Kugira ngo twirinde ingorane, Umunara w’Inderetsi ugenewe aba Amisi waza urasohoka mu mero zitandukanye. Nk’akarorero, mu kiringo kanaka, uwo Munara wasohorwa mu kimandarini kiri kumwe n’iki amisi. Ivyo vyatuma abantu bibaza ko twariko twigisha imvukira zaho igishinwa. Kuva ico gihe ishirahamwe rya Yehova ryagiye rirasohora ibitabu vyinshi mu ki amisi, kugira rifashe abantu baho kumenya ukuri kwo muri Bibiliya.—Ivyak. 10:34, 35.
IKIRINGO CO GUTYORORA
Mu myaka ya 1960 be na 1970, abavukanyi benshi b’aba Amisi ntibabaho bisunga ingingo ngenderwako z’Imana. Kubera ko batatahura neza ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya, hari abakora ubuhumbu, bakaborerwa, bakanywa itabi canke ubugoro. Harvey yaragendeye amashengero menshi, arafasha abavukanyi gutahura ingene Yehova abona ivyo bintu. Bimwe navuga mu ntango vyadushikiye turi mu rugendo nk’urwo.
Abavukanyi bicisha bugufi baremeye kugira ivyo bahinduye. Mugabo ikibabaje, abandi benshi nta co bahinduye. Ivyo vyatumye igitigiri c’abamamaji muri Tayiwani kigabanuka, kiva ku barenga 2.450 gishika nko ku 900 mu kiringo c’imyaka 20. Ivyo vyari ibintu bibabaje cane. Ariko twari tuzi ko Yehova atokwigeze ahezagira ishirahamwe rihumanye. (2 Kor. 7:1) Amaherezo, amashengero yaho yaratyorowe, maze Yehova arahezagira ku buryo muri Tayiwani ubu hariyo abamamaji barenga 11.000.
Kuva mu ntango z’imyaka ya 1980, twariboneye ingene amashengero akoresha iki amisi yagiye aratera imbere, kandi Harvey yaramara umwanya munini ari kumwe n’abavuga igishinwa. Yararyohewe no kuba yarafashije abagabo bubakanye na bashiki bacu gucika Ivyabona. Ndibuka ko yavuze ingene yahimbawe igihe umwe muri abo bagabo yatura isengesho Yehova ari bwo bwa mbere. Na jewe ndanezerwa no kuba narafashije abantu benshi b’imitima nziraburyarya kwiyegereza Yehova. Naranahimbawe no kuba narakoreye kw’ishami rya Tayiwani ndi kumwe n’umuhungu n’umukobwa b’umwe mu bo nigishije Bibiliya.
NGIRA INTUNTU YO KUBURA
Ubu narapfakaye. Umugabo wanje Harvey yahitanywe na kanseri ku wa 1 Nzero 2010, tumaze hafi imyaka 59 twubakanye. Yamaze hafi imyaka 60 ari mu murimo w’igihe cose. N’ubu ndacafise intuntu yiwe. Ariko ndahimbawe no kuba naramushigikiye mu gikorwa twakoranye mu bihugu bibiri biteye igomwe cane. Twarize kuvuga indimi zibiri zigoye zo muri Aziya, Harvey wewe akaba yarize no kuzandika.
Inyuma y’imyaka mikeyi, Inama Nyobozi yarafashe ingingo ko vyoba vyiza nsubiye muri Ostraliya kubera ko nari nitereye mu myaka. Iciyumviro ca mbere canjemwo cari ic’uko ntova muri Tayiwani. Ariko Harvey yari yaranyigishije kutigera nanka igikorwa ishirahamwe rya Yehova rinshinze, nkaba rero ntari kuvyanka. Mu nyuma, narabonye ko iyo ngingo yaranga ubukerebutsi.
Muri iki gihe nkorera kw’ishami ryo muri Australasie, mu mpera z’indwi na ho nkifatanya n’ishengero ndimwo. Ndahimbarwa no gukoresha ikiyapani n’igishinwa mu gutembereza abantu kuri Beteli. Mugabo rero ndarindiranye igishika izuka Yehova yasezeranye. Ndazi ko Yehova azokwibuka Harvey, uwize kutigera yanka igikorwa yaba amushinze.—Yoh. 5:28, 29.
^ ing. 14 Naho igishinwa ari rwo rurimi rukoreshwa mu nzego za leta muri Tayiwani, ikiyapani carigeze kumara imyaka mirongo ari rwo rurimi rukoreshwa. Ku bw’ivyo rero, abantu bo mu moko atandukanye yo muri Tayiwani bari bagikoresha ikiyapani.