Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ibibazo Vy’abasomyi

Ibibazo Vy’abasomyi

Kubera iki muri 2 Samweli 21:7-9 havuga ko Dawidi yagiriye impuhwe Mefibosheti, ariko mu nyuma akamutanga ngo bamwice?

Bamwe mu basomye iyo nkuru bihuta baribajije ico kibazo. Ariko muri iyo mirongo, havugwamwo abantu babiri batandukanye bitwa Mefibosheti, kandi nitwasuzuma ivyabaye turaza kugira ico tuhigiye.

Umwami Sauli wa Isirayeli yari afise abahungu indwi n’abakobwa babiri. Umuhungu wiwe w’imfura yari Yonatani. Mu nyuma, uwo mwami yaravyaye umuhungu yitwa Mefibosheti ku ncoreke yiwe yitwa Rizipa. Ariko rero na Yonatani yari afise umuhungu yitwa Mefibosheti. Uca wumva rero ko Umwami Sauli yari afise umuhungu yitwa Mefibosheti be n’umwuzukuru yitwa gutyo nyene.

Igihe kimwe, Umwami Sauli yarahagurukiye Abanyagibeyoni baba muri Isirayeli kugira ngo abaherengeteze. Biboneka ko hapfuye abatari bake. Ico kintu yakoze cari kibi. Uti kubera iki? Kubera ko mu gihe ca Yosuwa, abakuru b’ikoraniro rya Isirayeli bari baragiraniye isezerano ry’amahoro n’Abanyagibeyoni.​—Yos. 9:3-27.

Mu gihe c’Umwami Sauli, iryo sezerano ryari rigikora. Ariko rero, uwo mwami yararenze kuri iryo sezerano mu kugerageza guherengeteza Abanyagibeyoni. Ivyo vyatumye ‘Sauli n’inzu yiwe bagirwa n’amaraso.’ (2 Sam. 21:1) Mu nyuma, Dawidi yarabaye umwami. Abanyagibeyoni bari bararokotse baramwiganiye ikibi kibishe Sauli yari yarabakoreye. Dawidi yaciye ababaza ingene hotangwa impongano ku bw’ico kibi Sauli yari yarakoze, gutyo Yehova agahezagira ico gihugu ca Isirayeli. Aho gusaba amahera, abo Banyagibeyoni bamusavye ko abahungu indwi b’uwo mugabo yari ‘yateguye umugambi wo kubazimanganya’ yobatanga bakicwa. (Guh. 35:30, 31) Dawidi yarabibemereye.​—2 Sam. 21:2-6.

Ico gihe Sauli na Yonatani bari barapfiriye ku rugamba, ariko Mefibosheti umuhungu wa Yonatani yari akiriho. Yari ikimuga kubera isanganya yagize akiri umwana, kandi nta ruhara yagize mu gitero sekuru yari yaragavye ku Banyagibeyoni. Dawidi yari yaragiraniye isezerano na Yonatani ryo kuba abagenzi, rikaba ryogiriye akamaro uruvyaro rwiwe, na Mefibosheti umuhungu wa Yonatani. (1 Sam. 18:1; 20:42) Iyo nkuru igira iti: “Umwami [Dawidi] agirira impuhwe Mefibosheti mwene Yonatani, Yonatani wa Sauli, kubera indahiro ya Yehova yari hagati yabo.”​—2 Sam. 21:7.

Naho ari ukwo, Dawidi yarashikije ivyo Abanyagibeyoni bari bamusavye. Yaratanze abahungu babiri ba Sauli, umwe muri bo akaba yitwa Mefibosheti, atanga n’abuzukuru batanu ba Sauli. (2 Sam. 21:8, 9) Ico kintu Dawidi yakoze catumye igihugu gikurwako ukwagirwa n’amaraso.

Ivyo bintu vyabaye si inkuru gusa. Itegeko ry’Imana ryari ritomoye. Ryagira riti: “Abana ntibakwiye kwicwa bazira ba se.” (Gus. 24:16) Yehova ntiyari kureka abahungu babiri ba Sauli n’abuzukuru biwe batanu ngo bicwe, iyo baba ata co bazira. Iryo tegeko ryongerako riti: “Umwe wese azopfa ahowe igicumuro ciwe bwite.” Biboneka ko abo bantu indwi bakomoka kuri Sauli bapfuye bari baragize uruhara mu mugambi Sauli yateguye wo guhonya Abanyagibeyoni. Ivyo vyatumye abo indwi bishura ikibi bari barakoze.

Iyi nkuru irerekana ko umuntu ata co yokwireguza ku kibi yakoze, mu kwiyumvira canke mu kuvuga ko we yariko arakurikiza ubuyobozi gusa. Umugani umwe uranga ubukerebutsi ugira uti: “Sena inzira y’ikirenge cawe, kandi inzira zawe zose zibe izishimangiwe.”​—Imig. 4:24-27; Ef. 5:15.