Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO C’UKWIGA CA 47

Ingene tworushiriza gukundana

Ingene tworushiriza gukundana

«Tubandanye gukundana kuko urukundo ruva ku Mana.»—1 YOH. 4:7.

URURIRIMBO RWA 109 Dukundane cane bivuye ku mutima

INCAMAKE a

1-2. (a) Kubera iki intumwa Pawulo yavuze ko «ikiruta vyose» ari urukundo? (b) Tugiye kwihweza ibibazo ibihe?

 IGIHE intumwa Pawulo yariko aravuga ibijanye n’ukwizera, icizigiro n’urukundo, yasozereye avuga yuko «ikiruta ivyo vyose [ari] urukundo.» (1 Kor. 13:13) Kubera iki none yavuze gutyo? Muri kazoza ntituzoba tugikeneye kwizera imihango Imana yatanze ijanye n’isi nshasha canke ngo twizigire ko iyo mihango izoranguka, kuko izoba yaramaze kuranguka. Mugabo gukunda Yehova n’abantu vyovyo bizokwama bikenewe. Ego cane, tuzoguma turushiriza kubakunda ibihe bidahera.

2 Kubera ko tuzokwama dukeneye urukundo, tugiye kwihweza ibibazo bitatu. Ica mbere, kubera iki dukwiye gukundana? Ica kabiri, twerekana gute ko dukundana? Ica gatatu, tworushiriza gute gukundana?

KUBERA IKI DUKWIYE GUKUNDANA?

3. Ni imvo izihe zikwiye gutuma dukundana?

3 Kubera iki bihambaye ko dukundana? Kimwe coco ni uko urukundo ari rwo ruranga abakirisu b’ukuri. Yezu yabwiye intumwa ziwe ati: «Urukundo ruri hagati yanyu ni rwo ruzokwereka abantu bose ko muri abigishwa banje.» (Yoh. 13:35) Vyongeye gukundana bituma tuguma twunze ubumwe. Urukundo Pawulo yarwise «umugozi utagira akanenge utuma abantu bunga ubumwe.» (Kol. 3:14) Ariko rero hariho iyindi mvo ihambaye ikwiye gutuma dukundana. Intumwa Yohani yandikiye abakirisu bagenziwe ati: «Uwukunda Imana ategerezwa no gukunda mwenewabo.» (1 Yoh. 4:21) Iyo dukundanye tuba twerekanye ko dukunda Imana.

4-5. Tanga akarorero kerekana ukuntu urukundo dukunda Imana rufitaniye isano n’urwo dukundana.

4 Ni mu buryo iki urukundo dukunda Imana rufitaniye isano cane n’urwo dukunda abavukanyi bacu na bashiki bacu? Raba akarorero. Zirikana kw’isano riri hagati y’umutima wacu n’ibindi bihimba vy’umubiri. Igihe umuganga ashize akuma ku rutoke rwacu kugira asuzume ingene umutima wacu utera, yoshobora kumenya nimba umutima wacu umeze neza canke ufise ikibazo. None ivyo bijanye gute n’ivy’urukundo?

5 Nka kurya nyene umuganga ashobora kumenya ingene umutima wacu umeze afatiye ku kuntu utera, natwe turashobora kumenya urwo dukunda Imana uko rungana dufatiye ku rwo dukunda abandi. Igihe dusanze urwo dukunda abandi hari ukuntu rwagabanutse, vyoshobora kuba ari ikimenyetso c’uko urwo dukunda Imana na rwo nyene ruriko ruragabanuka. Mugabo igihe twama tugaragariza urukundo abo dusangiye ukwemera, biba vyerekana ko urwo dukunda Imana rukomeye.

6. Hamwe twobona ko urwo dukunda abavukanyi na bashiki bacu ruriko ruragabanuka, kubera iki tudakwiye kubifata minenegwe? (1 Yohani 4:​7-9, 11)

6 Igihe tubonye ko urwo dukunda abavukanyi na bashiki bacu ruriko ruragabanuka ntidukwiye kubifata minenegwe. Kubera iki? Kubera ko ivyo bishobora gusigura ko dufise ingorane mu vy’impwemu. Intumwa Yohani arabitomora mu kutwibutsa ati: «Uwudakunda mwenewabo yabonye [nta]shobora gukunda Imana atabonye.» (1 Yoh. 4:20) None ni icigwa ikihe tuhakura? Iyo “dukundana” ni ho gusa duhimbara Yehova—Soma 1 Yohani 4:​7-9, 11.

TWEREKANA GUTE KO DUKUNDANA?

7-8. Ni mu buryo bumwebumwe ubuhe tweurekana ko dukundana?

7 Ahenshi mw’Ijambo ry’Imana turahasanga itegeko ridusaba “gukundana.” (Yoh. 15:​12, 17; Rom. 13:8; 1 Tes. 4:9; 1 Pet. 1:22; 1 Yoh. 4:11) Ariko rero urukundo ruri mu mutima, ni ukuvuga imbere muri twebwe, akaba ata muntu ashobora kubona ibiri mu mutima wacu. None abandi bomenya gute ko tubakunda? Biciye ku vyo tuvuga no ku vyo dukora.

8 Hari uburyo butandukanye twokwereka abavukanyi na bashiki bacu ko tubakunda. Raba ibintu bimwebimwe twokora: «Muvugane ukuri.» (Zak. 8:16) «Mubane amahoro.» (Mrk. 9:50) Mube aba mbere «mu gutera iteka bagenzi banyu.» (Rom. 12:10) «Nimuhane ikaze.» (Rom. 15:7) «Mubandanye . . . kubabarirana.» (Kol. 3:13) «Mubandanye kwikoreranira imizigo.» (Gal. 6:2) «Nimugume . . . muhozanya.» (1 Tes. 4:18) «Mugume . . . mwubaka bagenzi banyu.» (1 Tes. 5:11) «Musengeranire.»—Yak. 5:16.

Twofasha gute uwo dusangiye ukwemera ari mu ngorane? (Raba ingingo ya 7-9)

9. Kubera iki guhoza abandi ari icerekana ko tubakunda? (Raba n’ishusho.)

9 Reka turabe bumwe mu buryo bwavuzwe mu ngingo iheze twogaragazamwo urukundo. Tugiye gusuzuma impanuro Pawulo yatanze igira iti: «Nimugume . . . muhozanya.» Kubera iki guhoza abandi ari icerekana ko tubakunda? Twisunze igitabu kimwe gisigura ivyerekeye Bibiliya, ijambo Pawulo yakoresheje ryahinduwe ngo «guhoza» risobanura «guhagarara iruhande y’umuntu ari mu ngorane zikomeye maze ukamuremesha.» Iyo duhojeje uwo dusangiye ukwizera rero ari mu ngorane, tuba tumufashije guhaguruka maze akabandanya agendera muri ya nzira y’ubuzima. Buri gihe rero tubaye hafi uwo dusangiye ukwemera, tuba tumweretse ko tumukunda.—2 Kor. 7:​6, 7, 13.

10. Kugirira abandi impuhwe no kubahoza bifitaniye isano gute?

10 Kugirira abandi impuhwe no kubahoza birafitaniye isano cane. Mu buryo ki? Umuntu afitiye impuhwe abandi, arabahoza akongera akagerageza kugira ico akoze kugira abafashe. Tubanza rero kugirira impuhwe abandi, hanyuma tukabahoza. Pawulo arerekana ko impuhwe Yehova adufitiye ari zo zituma aduhoza. Avuga ko Yehova ari «Se w’imbabazi n’ikibabarwe [a]kaba n’Imana y’uruhoza rwose.» (2 Kor. 1:3) Iyo mvugo ngo «imbabazi n’ikibabarwe» Pawulo akoresha, yerekeza ku mpuhwe umuntu agirira abandi. Imana rero yitwa Se w’imbabazi n’ikibabarwe kubera ko ifitiye impuhwe nyinshi abantu. Izo mpuhwe zica zituma iduhoza «mu bigeragezo vyacu vyose.» (2 Kor. 1:4) Nka kurya nyene amazi meza yo mw’iriba amara abantu inyota, ni ko na Yehova aruhurira abantu bari mu ngorane akongera akabahoza. None twokwigana gute Yehova mu kugirira impuhwe abandi no mu kubahoza? Kimwe mu vyobidufashafamwo ni ugutsimbataza kamere zodufasha guhoza abandi. None zimwe muri zo ni izihe?

11. Twisunze Abakolosayi 3:12 na 1 Petero 3:​8, ni izindi kamere izihe dukwiye gutsimbataza zodufasha kuguma dukunda abandi no kubahoza?

11 Ni igiki kizodufasha kuguma dukunda abandi no “kuguma duhozanya” ku musi ku musi? Turakwiye gutsimbataza kamere nziza nk’ukubabarana, gukunda abavukanyi no kugira ubuntu. (Soma Abakolosayi 3:12; 1 Petero 3:8.) None izo kamere zidufasha gute? Iyo dufise impuhwe be n’izindi kamere bijana, duca twipfuza guhoza abari mu ngorane. Nk’uko Yezu yabivuze, «ivyuzuye mu mutima ni vyo akanwa kavuga. Umuntu mwiza asohora ibintu vyiza abikuye mw’itunga ryiwe ryiza.» (Mat. 12:​34, 35) Mu vy’ukuri, guhoza abavukanyi na bashiki bacu bari mu ngorane ni uburyo bwiza bwo kubereka ko tubakunda.

TWORUSHIRIZA GUTE GUKUNDANA?

12. (a) Kubera iki dukwiye kuguma turi maso? (b) Tugiye kwihweza ikibazo ikihe?

12 Twese turipfuza “kubandanya dukundana.” (1 Yoh. 4:7) Ariko rero, birahambaye ko twibuka yuko Yezu yavuze ko «urukundo rw’abantu benshi [rwotimvye].» (Mat. 24:12) Yezu ntiyashaka kuvuga yuko ivyo vyoshikiye benshi mu bigishwa biwe. Naho ari ukwo, turakwiye kuguma turi maso kugira ntidutakaze urukundo nk’abantu b’iyi si. Ku bw’ivyo rero, nimuze twihweze iki kibazo gihambaye: Hoba hari uburyo twosuzuma ko urukundo dukunda abavukanyi bacu rukomeye?

13. Twosuzuma gute urwo dukunda abavukanyi bacu?

13 Kimwe mu vyodufasha kumenya nimba urwo dukunda abavukanyi bacu rukomeye, ni ugusuzuma ingene tuvyifatamwo mu bintu bimwebimwe bidushikira mu buzima. (2 Kor. 8:8) Intumwa Petero aravuga kimwe muri ivyo bintu ati: «Na canecane, mukundane rwose kuko urukundo rupfuka ibicumuro vyinshi.» (1 Pet. 4:8) Utunenge tw’abandi rero be n’amakosa bakora birashobora kwerekana urwo tubakunda uko rungana.

14. Twisunze 1 Petero 4:​8, ni urukundo nyabaki dukeneye kugaragaza? Tanga akarorero.

14 Nimuze dusuzume twitonze ayo majambo Petero yavuze. Igice ca mbere c’umurongo wa 8, kirerekana urukundo dukwiye kugira mu kuvuga ngo «mukundane rwose.» Ijambo ry’ikigiriki Petero yakoresheje ryahinduwe ngo «rwose» ritekeye iciyumviro co «kwagura.» Igice ca kabiri c’uwo murongo, cerekana ico ugukundana rwose bivamwo. Birapfuka ibicumuro vy’abavukanyi bacu, ni ukuvuga ko tubababarira. Tubitangire akarorero: Urukundo tworugereranya n’igitambara bapfukisha imeza. Mu gupfuka imeza ifise utunenge twinshi, umuntu aragisanza kikaguka cane gushika gipfutse utwo tunenge twose. Muri ubwo buryo nyene, igihe dukunda rwose abavukanyi bacu turabababarira amakosa yose badukorera, bikamera nk’aho twaguye rwose urukundo rwacu rugapfuka utunenge twabo twose, ari vyo «bicumuro vyinshi.»

15. Igihe urwo dukunda abavukanyi na bashiki bacu rukomeye bihagije bituma dukora iki? (Abakolosayi 3:13)

15 Urukundo dukunda abavukanyi na bashiki bacu rukwiye kuba rukomeye bihagije ku buryo tubababarira amakosa yabo, n’igihe biba bitoroshe gukora. (Soma Abakolosayi 3:13.) Iyo tubabariye abandi tuba twerekanye ko urwo tubakunda rukomeye be n’uko twipfuza guhimbara Yehova. None ni ikindi kintu ikihe codufasha kwirengagiza utunenge tw’abandi be n’amakosa bakora?

Nka kurya nyene tubika amafoto meza mabi na yo tukayafuta, tuguma twibuka ivyiza abavukanyi bacu bakora, ibibi na vyo tukavyihoza (Raba ingingo ya 16-17)

16-17. Ni ikindi kintu ikihe codufasha kwirengagiza ibicumuro bidahambaye abandi bakora? Tanga akarorero. (Raba n’ishusho.)

16 Nushire umutima kuri kamere nziza abavukanyi na bashiki bacu bafise aho kuwushira ku tunenge twabo. Raba aka karorero. Dufate yuko muteramanye n’umugwi w’abavukanyi na bashiki bacu. Muriko muraryoherwa maze imbere yo gutandukana, mugaca mufata ifoto ya mwese. Muciye mufata izindi foto zibiri kugira ngo ntimuburiremwo hamwe iya mbere itotoka neza. Ubu rero uciye ugira amafoto atatu. Ariko kuri imwe muri zo, urabonye ko hariho umuvukanyi atamwenyuye. None uca ukora iki? Uca uyifuta maze ugasigarana zibiri aho mwese mwariko muramwenyura, ushizemwo n’uwo muvukanyi.

17 Ubu na ho ayo mafoto twasigaranye, reka tuyagereranye n’ivyo tubika mu bwenge. Mu bisanzwe ibihe vyiza tumarana n’abavukanyi na bashiki bacu tuguma tuvyibuka. Ariko rero, dufate yuko igihe kimwe muri ivyo, hari umuvukanyi wacu avuze canke akoze ikintu kitubabaza. None dukwiye guca dukora iki? Turakwiye guca tubifuta mu bwenge nka ya foto. (Imig. 19:11; Ef. 4:32) Turakwiye guca dufuta mu bwenge ico gicumuro kidahambaye uwo muvukanyi yoba adukoreye, kuko haba hari ibindi bihe vyiza twibuka twamaranye na we. Ivyo bihe vyiza ni vyo dukwiye kugumana mu bwenge kandi tukabiha agaciro.

IGITUMA URUKUNDO RUKENEWE CANECANE MURI IKI GIHE

18. Ku bijanye n’urukundo, ni ivyiyumviro ibihe nyamukuru twarimbuye muri iki kiganiro?

18 Kubera iki dukwiye kurushiriza gukundana? Nk’uko twabibonye, iyo dukunda abavukanyi na bashiki bacu tuba twerekanye ko dukunda Yehova. None twerekana gute ko dukunda abo dusangiye ukwemera? Uburyo bumwe twobigira ni mu kubahoza. Impuhwe dufitiye abandi zizotuma “tuguma duhozanya.” None ni gute tworushiriza gukundana? Ni mu kwihatira kubabarira abandi amakosa yabo.

19. Kubera iki bihambaye ko dukundana canecane muri iki gihe?

19 Kubera iki bihambaye ko dukundana canecane muri iki gihe? Ni kubera iyi mvo Petero avuga ati: «Iherezo ry’ibintu vyose riregereje. Rero . . . mukundane rwose.» (1 Pet. 4:​7, 8) Twokwitega iki none uko iherezo ry’isi rirushiriza kwegereza? Yezu yabwiye abigishwa biwe ati: «Muzokwankwa n’amahanga yose kubera izina ryanje.» (Mat. 24:9) Kugira twihanganire urwo rwanko, turakwiye kuguma twunze ubumwe. Nitwabigenza gutyo, utwigoro twose Shetani agira two kuducanishamwo nta co tuzoshikako kuko dufatanijwe n’urukundo, wa «mugozi utagira akanenge utuma abantu bunga ubumwe.»—Kol. 3:14; Flp. 2:​1, 2.

URURIRIMBO RWA 130 Tubabarire abandi

a Ubu kuruta ikindi gihe, birahambaye ko dukunda abavukanyi na bashiki bacu. Kubera iki, kandi tworushiriza gute kwerekana ko tubakunda?