Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ibibazo vy’abasomyi

Ibibazo vy’abasomyi

Itegeko dusanga mu Balewi 19:16 rivuga ngo “ntugahagurukire kuvisha amaraso” ya mugenzawe risobanura iki? Vyongeye, ritwigisha iki?

Yehova yahimirije Abisirayeli kuba beranda. Kugira ngo abibafashemwo, yababwiye ati: “Ntukagendagende mu bantu b’iwanyu ugenzwa no kubeshera umuntu. Ntugahagurukire kuvisha amaraso ya mugenzawe. Ndi Yehova.”​—Lew. 19:2, 16.

Imvugo ngo ‘guhagurukira’ umuntu iratomora neza insobanuro y’imvugo y’igiheburayo yakoreshejwe ng’aho. None guhagurukira umuntu bisobanura iki? Igitabu kimwe c’Abayahudi gisesangura ibivugwa mu gitabu c’Abalewi, kigira giti: “Ako gace k’uwo murongo . . . karagoye cane gusobanura kubera ko ata wuzi neza insobanuro y’igiheburayo yakoreshejwe [ng’aho], na yo ijambo ku rindi akaba ari ‘ntuje hejuru, iruhande, hafi.’”

Abahinga bamwebamwe biyumvira ko iyo mvugo ifitaniye isano n’ibivugwa mu murongo w’imbere y’aho, uwugira uti: “Ntimuze murenganye mu guca urubanza. Ntukagire nkunzi mu kuntu ufata umuntu mutoyi, kandi ntugahengamire ku wuhambaye. Mugenzawe ukwiye kumucira urubanza mu butungane.” (Lew. 19:15) Nimba ari ko biri, iryo tegeko riri ku murongo wa 16 ribuza ‘guhagurukira’ umuntu, ryoca risobanura ko abasavyi b’Imana bari bakwiye kwirinda kugirira nabi umuntu mu bijanye n’imanza, mu kazi, canke mu bintu vyo mu muryango, bakirinda no kugoramika ibintu ku bw’inyungu zabo bwite. Birumvikana ko tudakwiye gukora ibintu nk’ivyo. Ariko rero, hariho ubundi buryo bwiza kuruta bwodufasha kurushiriza gutahura iyo mvugo dusanga mu murongo wa 16.

Raba amajambo atangura uwo murongo. Imana yategetse abasavyi bayo kutagendagenda bagenzwa no kubeshera abandi canke kubambika ibara. Niwibuke yuko kwambika ibara umuntu atari ukumuvugako urusaku gusa, naho na rwo nyene rushobora gukwega ingorane. (Imig. 10:19; Umus. 10:12-14; 1 Tim. 5:11-15; Yak. 3:6) Umuntu yambika ibara abandi, akenshi abigira mu kuvuga amajambo afise intumbero yo kubacafuza. Arashobora kwagiriza ikinyoma mugenziwe, mbere naho vyoshira mu kaga ubuzima bw’uwo muntu. Ibuka ba bagabo bambika ibara Naboti mu kumwagiriza ikinyoma, bigatuma yicishwa amabuye. (1 Abm. 21:8-13) Ego cane, uwambika ibara abandi yarashobora guhagurukira kuvisha amaraso ya mugenziwe nk’uko bivugwa mu gice ca kabiri c’​Abalewi 19:16.

N’ikindi kandi uwambika ibara uwundi aba yerekanye ko amufitiye urwanko. Muri 1 Yohani 3:15 hagira hati: “Umuntu wese yanka mwene wabo ni umwicanyi, kandi murazi yuko ata mwicanyi afise ubuzima budahera buguma muri we.” Biri n’ico bivuze kubona Imana ihejeje kuvuga ivyo dusanga ku murongo wa 16, yaciye ivuga iti: “Ntukankire mwene wanyu mu mutima wawe.”​—Lew. 19:17.

Iryo tegeko ridasanzwe rero dusanga mu Balewi 19:16, ni ingabisho ikomeye ku bakirisu. Turakwiye kwirinda kwiyumvira nabi uwundi muntu no kumwambika ibara. Mu ncamake rero, hamwe ‘twohagurukira’ uwundi muntu mu kumwambika ibara kubera ko tutamwiyumvamwo canke tumufitiye ishari, vyoshobora kwerekana ko tumwanka canke bigatuma tumwanka. Abakirisu barakwiye kwirinda ico kintu.​—Mat. 12:36, 37.