Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

NIWIGANE UKWIZERA KWABO | REBEKA

“Ndemeye kugenda”

“Ndemeye kugenda”

REBEKA agenda aritegereza aho hantu huzuye ibibuye mu gihe izuba ririko rirarenga. Mu mayinga amaze muri urwo rugendo yamenyereye kugendera ku mugongo udunduye w’ingamiya igenda iramucekagura. Ageze kure cane y’igisagara cabo Harani, nko ku bilometero amajana mu bumanuko bushira ubuseruko. Ashobora kutazosubira kubona umuryango wiwe. Nta gukeka ko ivyiyumviro ari vyinshi ku bijanye na kazoza kiwe narirya bagira bashike.

Baca ahanini i Kanani bakaba bariko bajabuka akarere kagoye ka Negebu. (Itanguriro 24:62) Rebeka ashobora kuba abona intama. Aho hantu nta mirima myinshi iriho kubera ko ari agahinga kandi hakaba hagadutse, ariko hariho ubwatsi bwinshi bwo kuragiramwo. Umutama amuyoboye wewe arahamenyereye. Si we abona arashitse kugira abwire agakuru keza shebuja k’uko Rebeka yari yemeye kuba umugore wa Izahaki! Ariko rero Rebeka ategerezwa kuba ariko aribaza ingene ubuzima bw’aho hantu buzoba bumeze. Mbega aza gusanga umugabo wiwe Izahaki ameze gute? Erega ntibari bwigere babonana! Yoba aza kumushima? Ubwo Rebeka we araza kumukunda?

Mu mihingo myinshi ivy’uko abavyeyi ari bo baronderera umuntu uwo bazokwubakana ntibimenyerewe. Ahandi na ho usanga bimenyerewe. Uko aho uba vyoba vyifashe kwose ntiwoharira ko Rebeka atari azi ikimurindiriye. Mu bisanzwe yari umwigeme afise umutima rugabo n’ukwizera bidasanzwe. Ivyo nyene ni vyo tuba dukeneye igihe hari ibihindutse mu buzima. Hariho n’ibindi bintu vyiza kandi vy’imbonekarimwe vyaranze Rebeka kubera ko yari afise ukwizera.

“N’INGAMIYA ZAWE NDAZIVOMERA AMAZI”

Ayo mahinduka akomeye yabaye mu buzima bwa Rebeka yatangujwe n’ikintu ashobora kuba yabona ko gisanzwe cane. Yari yakuriye i Harani canke mu micungararo yaho, kikaba cari igisagara c’i Mezopotamiya. Abavyeyi biwe bari batandukanye n’abantu b’i Harani. Ntibasenga Sini imana-kwezi, ahubwo basenga Yehova.​—Itanguriro 24:50.

Rebeka yasa n’irirenga ariko ubwiza bwiwe ntibwari ubwo ku mubiri gusa. Yarakunda ibikorwa kandi yarigenza runtu. Naho umuryango wabo wari utunze bakaba bari bafise n’abasuku, Rebeka ntiyakuze afyina canke yamikaye. Yarigishijwe ibikorwa. Cokimwe n’abandi bagore bo muri ico gihe, Rebeka yarakora ibikorwa bitoroshe harimwo no kuvomera umuryango. Ku mugoroba yaratora umubindi akawushira ku rutugu maze akaja kw’iriba.​—Itanguriro 24:11, 15, 16.

Umusi umwe ku mugoroba ahejeje kuvoma, umutama umwe yaramwegereye amubwira ati: “Ndakwinginze umpe nywe utuzi dukeyi ku mubindi wawe.” Uwo mutama yavuganye urupfasoni n’ukwifata ruto! Rebeka yarabona ko yagize urugendo rurerure. Yaratuye uwo mubindi aramuha aranywa. Ntiyamuhaye duke gusa ahubwo yaramuretse aranywa arashira inyota. Yarabonye ko yari afise umugwi w’ingamiya cumi zari zivyagiye aho kandi ko mu bwato zanyweramwo ata mazi yarimwo. Abonye ukuntu uwo mutama amurabana ikigongwe, yaripfuje kumufasha uko ashoboye kwose. Yaciye amubwira ati: “N’ingamiya zawe ndazivomera amazi gushika zihejeje kunywa.”​—Itanguriro 24:17-19.

Urabona ko Rebeka atavuze ko agira ahe amazi gusa izo ngamiya cumi ahubwo ko yagira azivomere gushika zishize inyota. Ingamiya imwe inyotewe cane irashobora kunywa amalitiro arenga 95! Nimba izo ngamiya cumi zari zinyotewe kuri rwo rugero, Rebeka yamaze amasaha n’ayandi azivomera. Ariko biboneka ko zitari zinyotewe cane. * None Rebeka yoba yari azi ko zitanyotewe cane igihe yemera kuzivomera? Oya. Yari afise umutima ukunze mbere ashashaye gukora uko ashoboye kwose kugira yitwararike uwo mutama w’ingenzi. Uno na we yaravyemeye. Yaramwitegereje yitonze ingene yaza aravoma amazi mu mubindi agaca aza kuyasuka muri bwa bwato incuro n’izindi.​—Itanguriro 24:20, 21.

Rebeka yari umunyamwete n’umwakiranyi

Rebeka ni akarorero keza kuri twebwe. Muri iki gihe ubwikunzi buriraye. Nk’uko vyari vyaravuzwe, abantu basigaye ‘bikunda,’ ntibashaka no gufasha abandi. (2 Timoteyo 3:1-5) Abakirisu baripfuza kurwanya bene ako gatima. Barakeneye rero kwigira ku karorero Bibiliya itanga k’uwo mwigeme wo mu bihe vya kera yitanze atiziganya mu kuvomera ingamiya.

Nta gukeka ko Rebeka yabonye ko uwo mutama yaguma amwitegereza. Nta mvo mbi yabigirana, ahubwo yamuraba atangaye kandi anezerewe. Rebeka ahejeje, yaramuhaye agashimwe k’udusharizo tw’agaciro. Yaciye amubaza ati: “Uri umukobwa wa nde? Ndakwinginze umbwire. Hoba hari ikibanza mu nzu ya so tworaramwo?” Amaze kumubwira ibijanye n’umuryango wabo, uwo mutama yaranezerewe cane. Kumbure kubera ko Rebeka yari aryohewe cane yaciye yongerako ati: “Iwacu hariho ibikumbi n’indya z’ibitungwa nyinshi, be n’ahantu ho kurara.” Emwe uwo wari umutima mwiza udasanzwe kuko uwo mutama yari kumwe n’abandi. Rebeka yaciye yiruka kubwira nyina wiwe ivyabaye.​—Itanguriro 24:22-28, 32.

Biraboneka ko Rebeka yari yarigishijwe kuba umwakiranyi. Ico ni ikindi kintu c’imbonekarimwe muri iki gihe kandi ivyo bikwiye gutuma twigana ukwizera kw’uwo mwigeme w’umutima mwiza. Kubera ko twizera Imana dukwiye kuba abakiranyi. Yehova ni umwakiranyi kuko aha ivyiza bose atitangiriye itama kandi yipfuza ko abamusenga bamwigana. Igihe tugiriye neza n’abantu batazotwishura birahimbara Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru.​—Matayo 5:44-46; 1 Petero 4:9.

UZORONDERERE “UMUHUNGU WANJE UMUGORE”

None uwo mutama yari nde? Yari umusuku wa Aburahamu, mwene wabo na sekuru wa Rebeka. Rero baramwakiriye neza kwa Betuweli se wa Rebeka. Uwo musuku ashobora kuba yari Eliyezeri. * Baramuzimanye ariko yaranse gufungura gushika ababwiye ikimugenza. (Itanguriro 24:31-33) Turashobora kwiha ishusho ariko aravuga anezerewe cane ukuntu yiboneye ikimenyamenya gikomeye c’ukuntu Yehova yahezagiye igikorwa ciwe. Uti gute?

Ibaze nawe Eliyezeri ariko arigana ivyamushikiye, Betuweli se wa Rebeka na Labani musazawe bamuteze yompi. Yarababwiye ingene Yehova yahezagiriye cane i Kanani Aburahamu be n’uko we na Sara bibarutse umuhungu yitwa Izahaki akaba ari we yobaye samuragwa. Aburahamu yari yajeje uwo musuku igikorwa gihambaye: kuronderera Izahaki umugeni mu ncuti za Aburahamu i Harani.​—Itanguriro 24:34-38.

Aburahamu yari yararahije Eliyezeri kutazoronderera Izahaki umugore mu bakobwa b’i Kanani. Kubera iki? Kubera ko abanyakanani batubaha canke ngo basenge Yehova Imana. Aburahamu yari azi ko Yehova yohanye ayo mahanga yakora ikibi igihe yashinze kigeze. Ntiyashaka ko umuhungu wiwe yakunda cane yunga ubucuti n’abo bantu bari barononekaye mu nyifato runtu. Yari azi kandi ko umuhungu wiwe afise uruhara rukomeye mw’iranguka ry’umugambi w’Imana.​—Itanguriro 15:16; 17:19; 24:2-4.

Eliyezeri yarababwiye kandi ko igihe yashika kw’iriba hafi y’i Harani yasenze Yehova. Yamusavye guhitiramwo Izahaki umwigeme azotwara. Uti gute? Yasavye Imana ngo itume umwigeme ishaka ko abera umugore Izahaki aza kuri iryo riba. Yayisavye kandi ko niyamusaba amazi yokwemera kuyamuha akemera no kuvomera ingamiya ziwe. (Itanguriro 24:12-14) None ni nde yaje agakora neza na neza ivyo vyose? Nta wundi atari Rebeka! Iyumvire uko Rebeka yamerewe nimba yarumvise Eliyezeri ariko ariganira umuryango wiwe iyo nkuru!

Betuweli na Labani barumiwe. Bavuze bati: “Ico kintu cavuye kuri Yehova.” Nk’uko vyagenda kera, baremeye ko batanze Rebeka ngo abe umugore wa Izahaki. (Itanguriro 24:50-54) None ivyo vyoba bisobanura ko Rebeka ata jambo yari afise?

Indwi zingahe imbere y’aho, Eliyezeri yari yabajije ico kibazo Aburahamu ati: “Bite none nya mugore natazanana nanje?” Aburahamu yamwishuye ati: “Uzoba ukuweko ico indahiro igusaba.” (Itanguriro 24:39, 41) No kwa Betuweli, barabona ko iciyumviro c’uwo mwigeme gihambaye. Kubera ko Eliyezeri yari ashashaye cane gusozera igikorwa bamutumye, bukeye yaciye asaba ko yojana na Rebeka i Kanani. Ariko rero uwo muryango washaka ko Rebeka yoguma ng’aho iyindi misi cumi. Amaherezo bavuze bati: “Reka duhamagare uwo mwigeme twumve irimuva mu kanwa.”​—Itanguriro 24:57.

Yari ingingo itoroshe Rebeka yabwirizwa gufata. None aza kwishura iki? Yoba aza gufatira ku vyo se na musaza we bashaka kugira yirinde kuja iyo atazi? Canke yoba abona ko ari agateka kugira uruhara mu bintu biboneka neza ko Yehova ariko arayobora? Inyishu atanga irerekana uko abona iryo hinduka ritoroshe kandi atari yiteguriye. Yavuze gusa ati: “Ndemeye kugenda.”​—Itanguriro 24:58.

Mbega ukuntu yabona ibintu mu buryo bwiza! Muri iki gihe imigenzo dukurikiza mu bijanye no kwubaka ishobora kuba itandukanye n’iyo, ariko turashobora kwigira vyinshi kuri Rebeka. Icari gihambaye kuri we ntivyari ivyo yipfuza, ahubwo vyari ivyo Yehova Imana ashaka. Ku bijanye no kwubaka, n’ubu Ijambo ry’Imana riraduha impanuro nziza cane zerekeye ukuntu twohitamwo uwo twubakana n’ukuntu umuntu yoba umugabo canke umugore mwiza. (2 Abakorinto 6:14, 15; Abanyefeso 5:28-33) Vyoba vyiza twiganye Rebeka tukisunga impanuro Imana iduha.

‘URYA MUGABO NI NDE?’

Umuryango wa Betuweli warahezagiye umukobwa wabo Rebeka. We na Debora, uwamureze kuva akiri muto, hamwe n’abandi basukukazi baca bajana na Eliyezeri n’abo bari kumwe. (Itanguriro 24:59-61; 35:8) Bidatevye, barashika kure y’i Harani. Rwari urugendo rurerure rw’ibilometero nka 800 kandi rushobora kuba rwamaze indwi zitatu. Ntirwari urugendo rworoshe. Naho Rebeka yari amaze kubona ingamiya akatari gake, ntitwovuga ko yari amenyereye kuzigenderako. Bibiliya ivuga ko umuryango wabo bari abungere. Ntibari abadandaza b’ingenzi bagendera ku ngamiya. (Itanguriro 29:10) Abantu bagitangura kugendera ku ngamiya, akenshi baridoga ko biruhisha naho baba bayigiriyeko akanya gato.

Uko biri kwose, Rebeka yaguma ahanze amaso imbere. Nta gukeka ko yabajije Eliyezeri amakuru yose ashoboka yerekeye Izahaki n’umuryango wiwe. Sa n’uwubona uwo mutama ariko aramuganirira ku kagoroba bicaye imbere y’agacanwa amubwira imihango Yehova yasezeraniye umugenzi wiwe Aburahamu. Imana yari yaravuze ko biciye ku ruvyaro rwa Aburahamu amahanga yose azoronka umuhezagiro. Ibaze ingene Rebeka yakozwe ku mutima igihe yamenya ko Yehova yoshikije umuhango wiwe biciye kuri Izahaki, uwari agiye kumubera umugabo, no kuri we ubwiwe!​—Itanguriro 22:15-18.

Rebeka yagaragaje ukwicisha bugufi kw’imbonekarimwe kandi kw’agaciro

Ubu na ho tugeze kuri ya nkuru twavuga mu ntango z’iki kiganiro. Igihe bariko barajabuka akarere ka Negebu izuba ririko rirarenga, Rebeka yarabonye umusore yariko aragendagenda mu mirima. Yasa n’uwuriko arazirikana yatwawe n’ivyiyumviro. Iyo nkuru ivuga ko Rebeka yaciye “asimbira hasi avuye ku ngamiya,” kumbure akaba atanarindiriye ko ipfukama. Yaciye abaza wa mutama ati: “Urya mugabo ariko agendagenda mu gahinga aza guhura natwe ni nde?” Amaze kumenya ko ari Izahaki, yaciye yitwikira. (Itanguriro 24:62-65) Kubera iki? Biboneka ko yashatse kwerekana ko yubaha uwugiye kumubera umugabo. Hari abobona ko ivyo vyataye igihe. Ariko rero abagabo n’abagore barashobora kwigira kuri ukwo kwicisha bugufi kwa Rebeka. Nakare ni nde muri twebwe adakeneye kurushiriza kugaragaza ukwicisha bugufi?

Izahaki yari afise nk’imyaka 40. Naho hari haciye imyaka itatu nyina wiwe Sara apfuye, yari agifise intuntu. Duca tubona ko Izahaki yari umuntu yiyumvamwo abandi. Ese ukuntu wari umuhezagiro kuri uwo musore kuronka umukenyezi akunda ibikorwa, yakirana kandi yicisha bugufi! None bamaze kubonana vyagenze gute? Bibiliya ivuga gusa iti: “[Izahaki] aramukunda.”​—Itanguriro 24:67; 26:8.

Naho haciye ibinjana 39, na twebwe turashima Rebeka. Hari uwutokorwa ku mutima n’umwete, umutima rugabo, ubwakiranyi n’ukwicisha bugufi yagaragaje? Twese turakwiye kwigana ukwizera kwiwe twaba tukiri bato canke dukuze, turi abagabo canke abagore.

^ ing. 10 Hari ku mugoroba. Iyo nkuru ntivuga ko Rebeka yamaze kw’iriba amasaha n’ayandi. Ntivuga kandi ko yashitse muhira bamaze kuryama canke ko hari uwaje kuraba igituma yatevye.

^ ing. 15 Naho iyo nkuru itavuga ko uwo musuku yari Eliyezeri birashoboka ko yari we. Igihe kimwe Aburahamu yariyumviriye kuraga ivyo atunze vyose Eliyezeri kubera ata mwana yari bwaronke. Ategerezwa rero kuba ari we yari umusuku wa Aburahamu akuze kandi yizigirwa kuruta abandi bose. Umusuku avugwa muri iyo nkuru ya Rebeka na we nyene ni ko adondorwa.​—Itanguriro 15:2; 24:2-4.