Imana imererwa gute igihe uri mu mibabaro?
Hari abibaza ko Imana itabona imibabaro idushikira be n’uko itayitwararika.
RIMBURA IVYO BIBILIYA IVUGA
Imana irabibona kandi ikavyitwararika
‘Yehova yarabonye ko ububi bw’umuntu bwari bugwiriye mw’isi, biramubabaza mu mutima.’—Itanguriro 6:5, 6.
Imana izokuraho imibabaro yose
“Kandi hasigaye akanya gatoyi, umubisha ntabe akiriho; kandi uzokwitegereza koko aho yahora, umubure. Mugabo abatekereza bazokwigabira isi, kandi bazokwinovora amahoro menshi.”—Zaburi 37:10, 11.
Ico Imana ikwipfuriza
“‘Nzi neza ivyiyumviro ndabiyumvirako,’ ni ko Yehova avuze, ‘ivyiyumviro vy’amahoro, atari ivy’ivyago, kugira ngo ndabahe kazoza n’icizigiro. Muzompamagara koko, muze, maze munsenge, nanje nzobumviriza.’”—Yeremiya 29:11, 12.
“Mwiyegereze Imana, na yo izobiyegereza.”—Yakobo 4:8.