Icogufasha kwiga Bibiliya neza kandi bikakuryohera
YOSUWA arafise igikorwa kitoroshe. Ategerezwa kuyobora ihanga rya Isirayeli akarishikana muri ca Gihugu c’isezerano naho hari intambamyi zikomeye. Yamara, Yehova aramukura amazinda ko azororanirwa, kandi akamuremesha ati: ‘Ugire umutima rugabo kandi ukomere cane. Ukore wisunze Itegeko ryanje. Urisome umurango n’ijoro, kugira ngo witwararike gukora wisunze ivyanditswe muri ryo vyose. Aho ni ho uzotuma inzira yawe iroranirwa kandi ugakorana ubukerebutsi.’—Yos. 1:7, 8.
Muri ibi “bihe bitoroshe kandi bigoye kwihanganira,” na twebwe turashikirwa n’intambamyi zikomeye. (2 Tim. 3:1) Nk’ukwo kwa Yosuwa, turashobora kuroranirwa dukurikije iyo mpanuro Yehova yamuhaye. Turakwiye kwama dusoma Bibiliya, kandi tukitwararika gushira mu ngiro ingingo ngenderwako ziri muri yo igihe dushikiwe n’ingorane.
Ariko rero, benshi muri twebwe bokwiyemerera ko kwiga atari ikintu kiturimwo. Yamara kubera ko kwiga Bibiliya bihambaye cane, nurabe uruzitiro ruvuga ngo “ Nugerageze ibi vyiyumviro.” Uraza kuronka impanuro nziza zishobora gutuma wiga neza kandi bikakuryohera.
Umwanditsi wa zaburi yaririmvye ati: “Nutume ngendera mu munyuro w’amabwirizwa yawe, kuko nahimbawe na wo.” (Zab. 119:35) Urashobora guhimbarwa cane no kwiga Ijambo ry’Imana. Niwimba uzokwubura ubutunzi buri muri ryo.
Naho udasabwa kuyobora ihanga nka Yosuwa, na wewe ntubuze intambamyi. Cokimwe na Yosuwa rero, niwige kandi wisunge ivyo Yehova yandikishije kugira bikugirire akamaro. Niwabigira, na wewe uzororanirwa kandi ukorane ubukerebutsi.