UDUKURU TW’IRYA N’INO
Uko vyifashe i Buraya
Abanyaburaya benshi barigeze kuba bakunda gusenga, ariko ubu si ko biri. Naho ari uko, amakuru aherutse gushikirizwa ku vyerekeye uwo mugabane w’isi, arashigikira ibivugwa muri Bibiliya mu buryo bushobora kugutangaza.
Akamaro k’ijwi ry’umuvyeyi
Abahinga b’i Milan mu Butaliyano, basanze abana bavutse hataragera, barushiriza kugira amagara meza igihe ba nyina babo baza barabavugisha babicishije mu kuma kaboheye ku gikonjo c’abo bana. Ubwo buhinga bugerageza kwigana ingene uruyoya rwumva ijwi rya nyina rukiri mu nda. Abo bahinga bashitse kuri iki ciyumviro: “Abana bavutse hataragera, baciye bafashwa kuza barumva ijwi rya nyina wabo hakiri kare birabagirira akamaro.”
ICO BIBILIYA IVUGA: “Nahorosheje umutima wanje, ndawutururuza kurya kw’umucuko kuri nyina.”
Ubwibone
Mu cigwa cagizwe ku bana 565 bo mu Buholande, basanze abana babwirwa n’abavyeyi babo ko “bahambaye kuruta abandi” be n’uko “badasanzwe” akenshi usanga bene abo bana bikunda, bishira hejuru kandi ataco bibanga. Uwagize ico cigwa yavuze ati: “Igihe abavyeyi babwira abana babo ko baruta abandi, bano baca bavyemera. Ivyo rero birashobora kugirira nabi abo bana mbere bikagirira nabi n’ikibano.”
ICO BIBILIYA IVUGA: “Mbwira umuntu wese muri mwebwe kutiyumvira ko ahambaye kuruta uko abwirizwa kwiyumvira, ahubwo ndamubwira kwiyumvira ku buryo agira umuzirikanyi uroranye.”
Abasaza batihebura
Abahinga bo kuri kaminuza y’i Heidelberg mu Budagi, basanze abasaza b’imyaka 100 canke irenga, bari n’icipfuzo gikomeye co kubaho naho baba bakitswe n’amagara kandi hari ivyo batacishoboje. Mu basaza babajijwe, batatu kuri bane barumira ku buzima kandi bakagerageza kuburyohererwa uko bashoboye kwose. Barashitsa imigambi bishingira, bakabona ibintu mu buryo bwiza kandi ntibihebura. Barumva ko ubuzima buri n’ico bumaze, kandi baragendera ku vyo bemera.
UVYIBAZAKO IKI? Ibivugwa mu Musiguzi 3:11, bihishura iki ku bijanye n’icipfuzo dufise co kuguma turi bazima?