Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

Imana yoba ibaho? Kubimenya vyokumarira iki?

Imana yoba ibaho? Kubimenya vyokumarira iki?

Ikibazo co kumenya nimba Imana ibaho, abantu benshi babona ko kidashobora kwishurwa canke ko kidahambaye. Hervé, uwakuriye mu Bufaransa, yavuze ati: “Naho ntovuga ko ndi umuhakanamana canke ko nkekeranya ko ibaho, ivy’Imana sindavyitaho cane. Mbona ko uburyo bwiza bwo kubaho ari ugukoresha ubwenge. Ivyo ntibisaba ko uba wemera Imana.”

Abandi bashobora kuba bameze nka John wo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Yavuze ati: “Narezwe n’abavyeyi batemera Imana. Igihe nari umusore, nari ntahompagaze ku bijanye n’uko Imana ibaho canke itabaho. Ariko vyarashika nkibaza nimba ibaho.”

Woba umaze kwibaza nimba Imana ibaho canke nimba ubuzima bufise intumbero? Ushobora kuba umaze kubona ko hariho ibintu vyogorana gusigura nka hamwe umuntu yovuga ko Umuremyi atabaho. Bimwe muri ivyo ni ibimenyamenya abahinga batanga vyerekana ko ibidukikije bitunganijwe neza cane ku buryo bishoboka ko kw’isi haba ubuzima, be n’ibimenyamenya vyerekana ko igifise ubuzima kidashobora kuva ku kidafise ubuzima.—Raba uruzitiro ruvuga ngo “ Nusuzume ibimenyamenya.”

Zirikana akamaro k’ivyo bimenyamenya. Vyoshobora gutuma ushika ku bintu vy’agaciro twogereranya n’itunga. Uronse ibimenyamenya bikujijura yuko Imana ibaho be n’amakuru yo kwizigirwa ajanye na yo, wohungukira vyinshi. Ng’ibi bine gusa mu vyo wohungukira.

1. INTUMBERO Y’UBUZIMA

Nimba ubuzima bufise intumbero, turipfuza kuyimenya no gutahura isano ifitaniye n’ubuzima bwacu. Hamwe Imana yoba ibaho ariko tukaba tutabizi, twoba tubayeho tutazi ukuri guhambaye gusumba ibindi vyose.

Bibiliya ivuga ko Imana ari yo Sôko ry’ubuzima. (Ivyahishuwe 4:11) None kubimenya bidufasha gute kugira ubuzima bufise intumbero? Raba ico Bibiliya ibivugako.

Abantu baratandukanye n’ibindi biremwa vyose biri kw’isi. Bibiliya ivuga ko twaremwe kugira twigane Imana mu kugaragaza kamere nk’izayo. (Itanguriro 1:27) Vyongeye, Bibiliya yigisha yuko abantu bashobora kuba abagenzi b’Imana. (Yakobo 2:23) Nta kintu cotuma ubuzima bwacu burushiriza kugira intumbero coza gisumba ugucudika n’Umuremyi wacu.

None kuba umugenzi w’Imana bimaze iki? Abagenzi b’Imana barashobora kwivuganira na yo. Na yo ibasezeranira ko izobatega ugutwi kandi ikabafasha. (Zaburi 91:15) Ducuditse n’Imana, turashobora kumenya ico Imana yiyumvira ku bintu bitandukanye. Ivyo birashobora gutuma turonka inyishu zo kwizigirwa z’ibibazo bihambaye cane vyerekeye ubuzima bwacu.

Nimba Imana ibaho ariko tukaba tutabizi, twoba tubayeho tutazi ukuri guhambaye gusumba ibindi vyose

2. AMAHORO YO MU MUTIMA

Abantu bamwebamwe birabagora kwemera ko Imana ibaho kubera imibabaro ishikira abantu kw’isi yose. Baribaza bati: ‘Kubera iki Umuremyi mushoboravyose yokwemera ko habaho ikibi n’imibabaro?’

Ico womenya co ni uko Bibiliya ivuga yuko Imana itigeze yipfuza ko abantu bashikirwa n’imibabaro. Igihe Imana yarema abantu, nta mibabaro yariho. Eka n’urupfu ntirwari mu mugambi wayo. (Itanguriro 2:7-9, 15-17) Ivyo vyoba bigoye kwemera? Coba ari ikintu kidashoboka? Habe namba. Nimba Umuremyi mushoboravyose abaho kandi urukundo rukaba ari rwo canecane rumuranga, ntitwokwitega none ko yipfuriza abantu ubuzima bwiza?

Uti none ni ibiki vyatumye abantu bashikirwa n’imibabaro? Bibiliya isigura ko Imana yaremanye abantu ubushobozi bwo kwihitiramwo. Ntiyaturemye nk’ibimashini bitegerezwa gukora ico yo ishaka. Umugabo n’umugore ba mbere, ari na bo twese dukomokako, bahisemwo kugambararira Imana. N’ubwikunzi n’akantu, bashimye gukora ivyo bishakiye. (Itanguriro 3:1-6, 22-24) Ivyo ni vyo vyadukwegeye imibabaro.

Kumenya ko imibabaro idushikira itari mu mugambi w’Imana, birashobora gutuma tugira amahoro menshi mu mutima. Ariko rero, turipfuza icoturuhurira. Turakeneye icotuma tugira icizigiro ku bijanye na kazoza.

3. ICIZIGIRO

Abantu bakimara kugarariza, Imana yaciye isezerana yuko itazobura gushitsa umugambi yari ifitiye isi. Kubera ko Imana ari mushoboravyose, nta coyibuza kuwushitsa. (Yesaya 55:11) Vuba, Imana igiye gukuraho ingaruka zose z’ubugarariji bw’abantu, maze isi n’abantu bimere nk’uyo yari yaripfuje ko vyomera.

None ni ivyiza ibihe ushobora kuzoharonkera? Raba bibiri gusa mu bintu vyinshi Imana yasezeranye muri Bibiliya ko izodukorera.

  • UBUBISHA BUZOKURWAHO, AMAHORO ASASAGARE KW’ISI. “Hasigaye akanya gatoyi, umubisha ntabe akiriho; kandi uzokwitegereza koko aho yahora, umubure. Mugabo abatekereza bazokwigabira isi, kandi bazokwinovora amahoro menshi.”Zaburi 37:10, 11.

  • INDWARA N’URUPFU BIZOVAHO. “Nta wuhaba azovuga ngo: ‘Ndarwaye.’” (Yesaya 33:24) “Emwe, urupfu azorumira miyonzwa gushitsa ibihe bidahera, kandi Umukama Segaba Yehova azohanagura koko amosozi mu maso ha bose.”Yesaya 25:8.

Kubera iki twokwizigira imihango y’Imana dusanga muri Bibiliya? Kubera ko hari ibintu vyinshi Imana yari yaravuze vyarangutse, hakaba hariho n’ibimenyamenya bivyemeza. Ariko rero, icizigiro c’uko muri kazoza tuzoruhurirwa ntigica gikuraho ingorane zidushikira ubu. Hoba none hariho ubundi buryo Imana idufasha?

4. ICODUFASHA MU NGORANE NO MU GUFATA INGINGO

Imana iradufasha kumenya ingene twovyifatamwo igihe dufise ingorane n’ingene twofata ingingo nziza. Ingingo nyinshi dufata usanga ari izisanzwe, ariko hakaba n’izindi zitugirako ingaruka igihe kirekire. Nta muntu n’umwe yoduha impanuro nziza ziruta izo Umuremyi wacu yoduha. Arazi ivya kahise vyose n’ivya kazoza, kandi ni we yaduhaye ubuzima. Arazi rero icotubera ciza.

Bibiliya irimwo ivyiyumviro vya Yehova Imana, kuko abayanditse bari bayobowe n’impwemu yiwe. Bibiliya ivuga iti: “Jewe Yehova ndi Imana yawe, Umwe akwigisha ibikwungura, Umwe agucisha mu nzira ukwiye kugenderamwo.”Yesaya 48:17, 18.

Imana ifise ububasha butagira akarimbi, kandi iripfuza kubukoresha ku neza yacu. Bibiliya ivuga ko Imana imeze nk’umuvyeyi yuzuye urukundo yipfuza kudufasha. Ivuga iti: “Data ari mw’ijuru [azoha] impwemu nyeranda abayimusaba!” (Luka 11:13) Ubwo bubasha Imana itanga burashobora kutuyobora no kudukomeza.

None wokora iki ngo Imana igufashe? Bibiliya yishura iti: “Uwegera Imana ategerezwa kwemera yuko iriho be n’uko ihemba abayironderana ubwira.” (Abaheburayo 11:6) Kugira ujijuke ko Imana ibaho, ukwiye kwisuzumira ibimenyamenya bivyerekana.

WOBA NONE UZOVYITOHOREZA?

Kurondera ukuri ku vyerekeye Imana bisaba umwanya, ariko birashobora kukugirira akamaro kanini. Raba nk’akarorero ivyashikiye Xiujin Xiao, uwavukiye mu Bushinwa, ubu akaba aba muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Avuga ati: “Naho nari umuntu yemera yuko ubuzima bwabayeho biciye kw’ihindagurika, naripfuza kumenya ivyo Bibiliya ivuga. Naciye rero ntangura kwiga Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova. Mu mwaka wa nyuma kuri kaminuza, narafatiriwe cane ku buryo mbura umwanya wo kubandanya kwiga Bibiliya. Umunezero nari mfise waragabanutse. Ariko igihe nasubira gufatana uburemere ivyo kwiga Bibiliya, naragize umunezero mu mutima.”

Woshima kumenya vyinshi ku bijanye n’Umuremyi wacu, Yehova Imana? Ubona gute ufashe umwanya ukavyitohoreza?