Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | BIBILIYA YOBA IGIFISE AKAMARO?

Ivyo ivuga ni kirumara kandi ntibita igihe—Kuvuga ukuri

Ivyo ivuga ni kirumara kandi ntibita igihe—Kuvuga ukuri

ICO BIBILIYA IVUGA: “Ni nde azoba umushitsi mw’ihema ryawe [ewe Mana]? . . . Ni uwugenda ata mahinyu, agakora ibigororotse, kandi akavuga ukuri mu mutima wiwe.”Zaburi 15:1, 2.

IVYIZA BIVAMWO: Abantu benshi barakunda umuntu avuga ukuri kandi w’umwizigirwa. Mugabo bigenda gute igihe baronse akaryo ko kubesha bakahungukira kandi ntihagire uwubimenya? Aho rero ni ho uca umenya ico bari koko.

Raquel mu kazi yari ajejwe harimwo n’ivyo kugura ibintu. Yavuze ati: “Hari abadandaza bashatse kumpa igiturire. Bambwiye yuko ndabashoreye bongabanirije ibiciro ku bintu bimwebimwe ariko ku kazi nkabereka ibiciro biri hejuru, ayarengako akaba rwanje. Mugabo naributse ico Bibiliya itubwira ku bijanye no kuvuga ukuri nca ndabankira. Mabuja yarabimenye, bica bituma arushiriza kunyizigira.”

Iyo Raquel yemera, yari guca atangura kuhatorera akoyoko. Ariko vyari kugenda gute inabuja abimenye? Yoba yari kuguma muri ako kazi? Ubwo vyomworoheye kuronka akandi? Icari gihambaye cane kuri we kwari ukugumana ijwi ryo mu mutima ryiza no kwumva ko afise agaciro. Mu Migani 22:1 havuga hati: “Wohitamwo izina ryiza aho guhitamwo itunga ryinshi; ubutoni buraruta mbere ifeza n’inzahabu.”

Jessie arazwi ko ari umukozi avuga ukuri

Jessie na we nyene yari umuntu avuga ukuri kandi w’umwizigirwa, akaba ari co gituma shebuja yamwemera cane. None vyavuyemwo iki? Yaradugijwe igiti yongera aroroherezwa mu rutonde rwiwe rw’akazi. Ivyo vyatumye arushiriza kumarana umwanya n’umukenyezi wiwe n’abana yongera araronka umwanya wo kwitaho cane ivy’Imana.

Abakoresha bamwebamwe iyo bakeneye abakozi usanga baja kubarondera mu bantu bazwi ko bavuga ukuri. Nk’akarorero, hari umukuru w’ishirahamwe rimwe ryo muri Filipine yandikiye ibiro vy’Ivyabona vya Yehova bo muri ico gihugu, abasaba ko Ivyabona boza ngo abahe akazi. Yavuze ko Ivyabona ari abantu “bakora cane, bavuga ukuri kandi badafyinata.” Ariko ivyo vyose tubikesha Yehova Imana, we atwigisha ‘kwanka ikibi’ no ‘gukunda iciza.’Amosi 5:15.