Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

 ICOFASHA UMURYANGO | URWARUKA

Ingene wokwerekana urupfasoni mu vy’amamesaje

Ingene wokwerekana urupfasoni mu vy’amamesaje

INGORANE

Uriko uraganira n’umugenzi amaso mu yandi, maze ugiye ubona mesaje ng’iyo. Ukwiye guca ukora iki?

  1. Woca usoma iyo mesaje ukiriko uraganira n’umugenzi wawe.

  2. Woca umubwira uti “ntunga gato” ugaca usoma iyo mesaje.

  3. Woca wihoza iyo mesaje, ukabandanya kuganira n’umugenzi wawe.

Hoba hari ico bitwaye uhisemwo ico ari co cose muri ivyo? Egome, biri n’ico bitwaye!

ICO UKWIYE KUMENYA

Kwandikira umugenzi mu gihe ukiriko uraganira n’uwundi ni nko gukina urukino ukunda cane utubahiriza amategeko yarwo. Hari aho woca uvuga uti: ‘Erega baba ari abagenzi banje!’ Nimba ari abagenzi bawe, wari ukwiye rero kurushiriza kubagaragariza urupfasoni. Ivyo ntibisobanura ko ukwiye kugira urupfasoni rurenze urugero canke gukurikiza amategeko ku kantu kose. Ariko ico womenya ni iki: Udafatanye urupfasoni abagenzi bawe, bitebe bitebuke bazoguheba.

Uti kubera iki? Kubera ko abantu badakunda ko babafata nabi. Umwigeme umwe yitwa Beth * avuga ati: “Birambabaza iyo ndiko ndaganira n’umugenzi, akaguma yirabira telefone yiwe nk’aho yoba arindiriye ikintu gisumba ivyo ndiko ndamubwira!” Wibaza ko Beth azokwihanganira umugenzi nk’uwo kugeza ryari?

Wisunze ukuntu uhora ukoresha telefone yawe, subira urabe ca kintu gishobora gushika cavuzwe munsi y’agatwe kavuga ngo “Ingorane.” Ikintu kibereye kuruta ibindi wohitamwo gukora ni ikihe? Ushobora kuba ubona ko guhitamwo A bitaranga urupfasoni. Ariko tuvuge iki kuri B na C? Mbega vyoba bitaranga urupfasoni uciriyemwo umuntu kugira urabe mesaje? Canke vyoba bitaranga urupfasoni wihojeje mesaje kugira wibandanirize ikiyago?

Uca ubona rero ko kumenya ikibereye bitama vyoroshe. Mugabo Bibiliya irashobora kudufasha. Ivuga iti: “Nk’uko mushaka ko abantu babagirira, abe ari ko nyene mubagirira.” (Luka 6:31) Urashobora gukurikiza iyo mpanuro mu bijanye n’amamesaje. Uti gute?

 ICO WOKORA

Niwandike gusa mu myanya ibereye. Umusore yitwa Richard avuga ati: “Birashika nkaronka mesaje bwije cane. Hari igihe usanga itanahambaye, ikantesha itiro!” Niwibaze uti: ‘Noba nandikira abantu mu myanya bashobora kuba baruhutse?’—Iciyumviro co muri Bibiliya cofasha: Umusiguzi 3:1.

Nukoreshe urupfasoni. Ijwi dukoresha, amajambo, ibimenyetso vy’umubiri no mu maso, vyose biragira uruhara mu kiyago. Ariko ikibabaje ni uko vyinshi muri ivyo usanga bibuze muri mesaje. None wokora iki kugira ubisubirize? Umwigeme umwe yitwa Jasmine avuga ati: “Nukoreshe urupfasoni. Nubaze uwo wandikiye uti: ‘Amakuru?’ Nukoreshe n’amajambo nk’aya ngo ‘ndakwinginze’ canke ‘urakoze.’”—Iciyumviro co muri Bibiliya cofasha: Abakolosayi 4:6.

Nurabe ikibereye. Subira urabe ca kintu gishobora gushika kiri munsi y’ahavuga ngo “Ingorane.” Nimba wari witeze mesaje ihambaye, hari aho vyoba ngombwa ko usaba uwo muriko muraganira ngo agutunge gato. Ariko kenshi usanga iyo mesaje ishobora kurindira. Umwigeme yitwa Amy w’imyaka 17 avuga ati: “Umugenzi wawe niyaheza kuvuga, telefone yawe nta ho izoba iraja, ariko uciye uja mu vy’amamesaje hari aho woheza umugenzi wawe yigiriye.” Urashobora kuzirikana muri ubwo buryo n’igihe ukoraniye hamwe n’abandi. Umwigeme yitwa Jane w’imyaka 18 avuga ati: “Niwirinde kwama uri mu mamesaje. Ni nk’aho woba uriko urabwira abantu ngo ‘Nta co bimbwiye kuba ndi kumwe namwe; noshima kuba nibereye ahandi.’”

Niwiyumvire imbere yo kurungika mesaje. Ivyo wanditse vyoba vyoshobora gutahurwa ukutariko? Gukoresha udushusho vyoba vyofasha kugira mesaje wanditse ntitahurwe nabi? Umwigeme yitwa Amber w’imyaka 21 avuga ati: “Nimba ivyo wanditse ari ivyo kujajura, nuce ushiramwo n’agashusho k’umuntu ariko aramwenyura. Abantu barababara canke mbere hakaduka amatati kubera ko amajambo yo gufyina bayafatanye uburemere.”—Iciyumviro co muri Bibiliya cofasha: Imigani 12:18.

Biragaragara rero ko uburyo ukoresha telefone yawe atari ikintu co gufata minenegwe!

Zirikana: Urupfasoni rushingiye ku rukundo. None umuntu yerekana urukundo gute? Bibiliya ivuga iti: “Urukundo ruriyumanganya kandi rugira ubuntu. Urukundo ntirugira ishari, ntirwiyemera, ntirwivyimvya, ntirwigenza ukutabereye, ntirurondera inyungu zarwo bwite, ntirukaza ishavu.” (1 Abakorinto 13:4, 5) Muri ivyo bintu biranga urukundo, ni ikihe wewe ukeneye kuryohora?

^ par. 11 Muri iki kiganiro, bamwebamwe si ko basanzwe bitwa kubera ko bitashimwe ko bamenyekana.