Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

“Turagusezereye”

“Turagusezereye”

“Turagusezereye”

UMUYOBOZI w’iryo shirahamwe yari yaramutaziriye ngo Fred Gihangange. * Uburyo bushasha yari yarazanye bwo gukora ibintu bwari bwaratumye iryo shirahamwe ryinjiza amahera menshi mu myaka itandatu yari amaze arikorera. Igihe rero Fred yarengutswa mu biro vy’umuyobozi mukuru, yari yiteze yuko agira amwongere umushahara canke amuduze igiti. Aho kubigira gutyo, uwo muyobozi mukuru yaciye bukwi na bukwi amumenyesha ati: “Turagusezereye.”

Fred yarakubiswe n’inkuba. Avuga ati: “Nararonka amahera menshi kandi narakunda akazi nakora, mugabo mu kanya gato ibintu vyose vyari bihindutse.” Mu nyuma, igihe Fred yabwira umugore wiwe Adele ivyari vyashitse, na we nyene yarakubiswe n’inkuba. Adele avuga ivyo yibuka ati: “Naciye numva umenga amaraso arahagaze. Nibajije nti: ‘None ga yemwe tubaye aba nde?’ ”

Ivyo bintu vyashikiye Fred vyarashikiye n’abandi bantu amamiliyoni, nk’uko vyerekanwa mu gicapo cerekana ibitigiri kiri kumwe n’iki kiganiro. Ariko rero, ibitigiri vyonyene ntivyerekana ukuntu ubushomeri butuma umuntu avunika umutima bimwe bikomeye. Rimbura ivyerekeye Raúl, uno akaba yari umwimukira ava muri Peru, yirukanywe mu kazi amaze imyaka 18 akora mw’ihoteri nini cane yo mu gisagara ca New York. Raúl yararondeye akazi, ariko ntiyakaronka. Avuga ati: “Nari naramaze imyaka hafi 30 ndonsa umuryango wanje ivyo ukeneye. Igihe nakurwa mu kazi numva umengo ndi umugabo ata co amaze.”

Ivyo bintu vyashikiye Raúl birerekana ikintu kizwi cane mu bantu b’abashomeri, ico na co kikaba ari uko gukurwa mu kazi bidatuma gusa umuntu agira ingorane z’amahera. Akenshi, biratuma atuntura bimwe bikomeye. Uwitwa Renée, umugabo wiwe ari we Matthew akaba yari amaze imyaka irenga itatu atagira akazi, avuga ati: “Naratanguye kwiyumvamwo yuko ata co maze. Iyo ata co ufise, abantu baca bagufata nk’aho ata co umaze, kandi budakeye na kabiri uca utangura kwibona nk’uko bakubona.”

Uretse ko umuntu wese abaye umushomeri agira intuntu, aca kandi ahangana n’iyindi ngorane ijanye no kubeshwaho na bike. Fred avuga ati: “Igihe twari dufise amahera, ntitwigera twiyumvira ivyo kworosha ubuzima. Mugabo igihe vyaba ngombwa ko tugura vya bintu nyene twahora dukenera, kandi ico gihe tukaba tutari bwaronke akazi, nta kundi twari kubigenza atari ukworosha ubuzima.”

Igihe uriko urarondera akazi, urakenera kwihanganira ugushuha umutwe be n’amaganya biterwa n’ubushomeri. Vyoshobora kandi kuba ngombwa ko ubeshwaho na bike. Reka tubanze turimbure ibintu ngirakamaro bibiri wokora kugira ngo wihanganire ingorane zijanye no kugira intuntu.

[Akajambo k’epfo]

^ ing. 2 Bamwebamwe mu bavugwa muri uru rukurikirane rw’ibiganiro si ko basanzwe bitwa kubera bitashimwe ko bamenyekana.

[Igicapo ku rup. 3]

(Ushaka igisomwa cose, raba ico gitabu)

Igitigiri c’abantu bari bashomereye mu 2008 mu bihugu bitatu gusa

Ubuyapani 2.650.000

Esupanye 2.590.000

Leta Zunze Ubumwe 8.924.000