Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Abagore boba bakwiye kuba abasuku?

Abagore boba bakwiye kuba abasuku?

Twisunze Bibiliya

Abagore boba bakwiye kuba abasuku?

HARI umugore w’umugatolika yandikiye ikinyamakuru kimwe (USA Today) ati: “Ndatangazwa nkongera ngashavuzwa no kubona ata kintu na kimwe cahindutse ku bagore mu bijanye no gushingwa amabanga mu vy’idini.” Abantu benshi babona ibintu nk’uko uwo mugore abibona. Nakare, mu yandi madini usanga abagore ari abasuku, abapatiri, abasenyeri, be n’indongozi mw’idini ry’Abayuda.

Amadini ashigikira ivyo vyiyumviro bibiri bitandukanye, ni ukuvuga ayatemerera abagore kuba abasuku be n’ayabemerera kwigishiriza imbere y’ishengero, avuga yuko yisunga Ivyanditswe. Ariko rero, Bibiliya nta ciyumviro na kimwe muri ivyo ishigikira. Ivyo bishoboka bite? Kugira ngo twishure ico kibazo, dutegerezwa kubanza kurimbura ingene Bibiliya ikoresha ijambo “umusuku.”

Abasuku bo mu kinjana ca mbere

Ijambo “umusuku” risobanura iki kuri wewe? Abantu benshi boca ubwo nyene babona indongozi y’idini, yaba umugabo canke umugore, ihagarikira ishengero mu bijanye no gusenga. Mugabo Bibiliya ikoresha iryo jambo mu buryo bwagutse. Rimbura ibijanye na wa mugore w’umukirisu ari we Foyibe, uwo intumwa Paulo yavuze ko ari “mushiki wacu . . . umusuku w’ishengero riri i Kenkireya.”—Abaroma 16:1.

Woba wibaza yuko Foyibe yahagarara imbere y’ishengero ry’i Kenkireya, agahagarikira ibijanye no gusenga? None vy’ukuri, ni ubusuku nyabaki Foyibe yarangura? Mw’ikete Paulo yandikiye Abafilipi, yavuze yuko abagore bamwebamwe “bafatanije [na we] . . . gukwiragiza inkuru nziza.”—Ni twe dushimitse; Abafilipi 4:2, 3, Contemporary English Version.

Uburyo nyamukuru abakirisu bo mu kinjana ca mbere bakwiragiza inkuru nziza kwari ukwigisha “ku mugaragaro be n’inzu ku nzu.” (Ivyakozwe 20:20) Abagira uruhara muri ico gikorwa bari abasuku. Muri abo harimwo abagore nka Pirisila. We hamwe n’umugabo wiwe “bara[siguriye] neza inzira y’Imana mu buryo bugororotse kuruta” umugabo yatinya Imana atari bwabatizwe ngo abe umukirisu. (Ivyakozwe 18:25, 26) Nka kumwe kwa Foyibe, biragaragara ko Pirisila yari umusuku kirumara, nk’uko abagore benshi bari.

Uruhara ruteye iteka

None ubusuku burangurwa ku mugaragaro coba cari igikorwa co hasi, ni ukuvuga igikorwa kidahambaye cashingwa abagore mu gihe abagabo bakora igikorwa gihambaye co guhagarikira ishengero? Ivyo si ko vyari biri na gato kubera imvo zibiri. Ubwa mbere, Bibiliya iratomora yuko abakirisu bose, harimwo n’abagabo bari bafise amabanga ahambaye mw’ishengero, bategerezwa kugira uruhara mu busuku bwo ku mugaragaro. (Luka 9:1, 2) Ubugira kabiri, ubusuku bwo ku mugaragaro bwari bwo buryo nyamukuru abakirisu b’ibitsina vyompi bashitsa itegeko Yezu yatanze ryo ‘guhindura abantu bo mu mahanga yose abigishwa, mu kubigisha,’ kandi n’ubu ni ko biri.—Matayo 28:19, 20.

Hariho urundi ruhara ruhambaye abagore bamwebamwe barangura mw’ishengero. Paulo yanditse ati: “Abatamakazi . . . babe abigisha b’ivyiza; ngo bakebanure abagore bakiri bato bagarure ubwenge kugira bakunde abagabo babo, bakunde abana babo.” (Tito 2:3, 4) Ku bw’ivyo rero, abagore bahumuye bazi utuntu n’utundi mu bijanye no kubaho rukirisu barafise agateka ko gufasha abagore bakiri bato kandi bataraca uruma kugira ngo babe abantu bahumuye. Urwo na rwo nyene ni uruhara ruteye iteka kandi ruhambaye.

Kwigisha mw’ishengero

Ariko rero, nta na hamwe muri Bibiliya abagore babwirwa guhagarara imbere y’ishengero kugira ngo bigishe. Ahubwo nyabuna, intumwa Paulo yabategetse “[gucereza] mu makoraniro.” (Ubwuzure Bushasha) Uti kubera iki? Yanditse yuko imvo imwe ari ukugira ngo ibintu bikorwe “mu buryo bubereye kandi ku rutonde.” (1 Abakorinto 14:34, 40) Kugira ngo ibintu bigende neza mw’ishengero, Imana yashinze umugwi umwe w’abantu ibanga ryo kwigisha. Mugabo wibuke yuko umuntu adaterwa agateka ko kuba umucungezi mw’ishengero kubera ko gusa ari umugabo; ako gateka gaterwa gusa abagabo bakwije neza ibisabwa. *1 Timoteyo 3:1-7; Tito 1:5-9.

None uruhara Imana yashinze abagore rwoba rutuma baba abakengeretse? Oya. Uribuka yuko Yehova Imana abazeza igikorwa gihambaye, ico na co kikaba ari ico kumushingira intahe ku mugaragaro. (Zaburi 68:11) Mu Vyabona vya Yehova bo muri iki gihe, abagabo n’abagore barangura igikorwa c’ubusuku ku mugaragaro barafashije abantu amamiliyoni barashika ku kwigaya maze bararonka ubukiriro. (Ivyakozwe 2:21; 2 Petero 3:9) Ico si ikintu gito baranguye!

Iyo ntunganyo ijanye n’abagabo be n’abagore iratuma haba amahoro ikongera igatera iteka abo bantu b’ibitsina vyompi. Tubitangire akarorero: Amaso n’amatwi birasenyera ku mugozi umwe kugira ngo bifashe uwugenda n’amaguru kujabuka ibarabara ririko riracamwo imiduga myinshi. Muri ubwo buryo nyene, igihe abagabo n’abagore barangura ivyo Imana igomba bisunze uruhara bamwebamwe bose bashinzwe, Imana irahezagira ishengero mu gutuma rigira amahoro.—1 Abakorinto 14:33; Abafilipi 4:9. *

[Utujambo tw’epfo]

^ ing. 13 Uribuka kandi yuko ubukuru umugabo afise mw’ishengero buri n’aho bugarukira. Abwirizwa kuyobokera Kristu kandi ategerezwa kwisunga ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya. (1 Abakorinto 11:3) Abafise amabanga mw’ishengero bategerezwa kandi ‘kuyobokera bagenzi babo,’ bakagaragaza agatima ko kwicisha bugufi no gusenyera ku mugozi umwe.—Abanyefeso 5:21.

^ ing. 15 Igihe abagore bakirisu bubashe uruhara Imana yashinze abagabo mw’ishengero, baba kandi babereye akarorero abamarayika bo mw’ijuru.—1 Abakorinto 11:10.

WOBA UMAZE KUVYIBAZA?

● Abagore bo mw’ishengero rya gikirisu ryo mu ntango bigisha gute?—Ivyakozwe 18:26.

● Ni bande bashingwa ibanga ryo kuba abacungezi mw’ishengero?—1 Timoteyo 3:1, 2.

● Imana ibona gute ubusuku abagore bakirisu bo muri iki gihe barangura?—Zaburi 68:11.

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 15]

“Yehova ubwiwe aravuga ijambo; abagore batangaza inkuru nziza ni ingabo nyinshi.”—ZABURI 68:11