Igitabu ca kera ariko gifasha ab’ubu
Abantu benshi barubaha Bibiliya kubera babona ko ari igitabu ceranda. Ariko rero, Bibiliya iratubwira n’ibindi uretse ibijanye n’Imana. Irimwo impanuro zidufasha mu buzima bwa misi yose.
Raba nk’akarorero ivyo bamwebamwe bavuze ku kuntu ubwabo bungukiye ku gusoma Bibiliya no ku gushira mu ngiro impanuro itanga.
“Ubuzima bwanje bumeze neza kuruta. Nararushirije gutekana mu bwenge no mu mutima. Ubu ndahimbawe cane.”—Fiona.
“Kwiga Bibiliya vyatumye ntahura neza intumbero y’ubuzima.”—Gnitko.
“Ubuzima bwanje bwarahindutse cane. Singitwarwa n’akazi ku buryo mburira umwanya umuryango wanje.”—Andrew.
Abo ni bakeyi gusa mu bungukiye kuri Bibiliya. Abantu benshi hirya no hino kw’isi basanze Bibiliya irimwo impanuro nyinshi cane zibafasha mu buzima bwa misi yose.
Reka twihweze ingene Bibiliya ishobora gutuma abantu barushiriza kugira . . .
Amagara meza
Ugutekana
Ubucuti bwiza mu muryango be n’abagenzi
Ingorane nke mu vy’ubutunzi
Ubucuti bwiza n’Imana
Bibiliya ni igitabu ceranda gishobora kugufasha mu buryo ngirakamaro.