Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

TWISUNZE BIBILIYA

Abamarayika

Abamarayika

Abamarayika barakunda kuvugwa mu bitabu, bakerekanwa mu bicapo no mu masinema. None abamarayika ni bande? Bakora iki?

Abamarayika ni bande?

BIBILIYA IBIVUGAKO IKI?

 

Imbere y’uko Imana irema ikirere tubona be n’abantu ba mbere, hari ibiremwa bifise ubwenge vyo ku rwego rwo hejuru yari yaramaze kurema. Ivyo biremwa birakomeye kuruta abantu kandi bibana n’Imana ahantu ata muntu ashobora gushika canke kubona. (Yobu 38:4, 7) Ivyo biremwa Bibiliya ivyita “impwemu” canke “abamarayika.”​—Zaburi 104:4. *

Abamarayika bangana gute? Ni benshi cane. Abamarayika bakikuje intebe y’ubwami y’Imana ni “ibihumbi mirongo vy’ibihumbi mirongo.” (Ivyahishuwe 5:11) Agasangwa iyo mvugo dukwiye kuyitahura ukwo nyene iri, abamarayika rero ni amamiliyoni amajana n’amajana!

“Ndabona . . . abamarayika benshi bakikuje ya ntebe . . . , kandi igitigiri cabo cari ibihumbi mirongo vy’ibihumbi mirongo n’ibihumbi vy’ibihumbi.”​—Ivyahishuwe 5:11.

Ni ibiki abamarayika bakoze kera?

BIBILIYA IBIVUGAKO IKI?

 

Abamarayika kenshi bakora nk’abavugizi b’Imana canke intumwa zayo. * Bibiliya kandi irabavuga bariko barakora ibikorwa bitangaje vy’Imana. Imana yararungitse umumarayika kugira ahezagire Aburahamu yongere amubuze gutanga umuhungu wiwe Izahaki nk’ikimazi. (Itanguriro 22:11-18) Umumarayika yarabonekeye Musa mu gisaka kirurumba kugira amuhe ubutumwa bwohinduye ubuzima bw’abantu. (Kuvayo 3:1, 2) Igihe umuhanuzi Daniyeli yatabwa mu cobo c’intambwe, “Imana . . . yarungitse umumarayika wayo, yugara iminwa y’iz[o] ntambwe.”​—Daniyeli 6:22.

“Maze umumarayika wa Yehova aramubonekera [Musa] mu rubeya rw’umuriro hagati mu gisaka c’amahwa.”​—Kuvayo 3:2.

Abamarayika bakora iki ubu?

BIBILIYA IBIVUGAKO IKI?

 

Ntidushobora kumenya ibintu vyose abamarayika bariko barakora ubu. Ariko Bibiliya yerekana ko bagira ico bafashije kugira abantu b’umutima mwiza bamenye Imana.​—Ivyakozwe 8:26-35; 10:1-22; Ivyahishuwe 14:6, 7.

Yehova yaratumye sekuruza w’imiryango Yakobo abona mu ndoto abamarayika baduga bongera bamanuka “ingazi” yari hagati y’ijuru n’isi. (Itanguriro 28:10-12) Iyo ndoto irerekana ko Yehova Imana arungika abamarayika kw’isi kugira bafashe abantu b’abizigirwa.​—Itanguriro 24:40; Kuvayo 14:19; Zaburi 34:7.

“Hari ingazi yari ihagaritswe kw’isi, isonga ryayo rikaba ryashika mu majuru; kandi ehe hari abamarayika b’Imana bariko bayidugako bongera bayimanukako.”​—Itanguriro 28:12.

^ ing. 6 Bibiliya ivuga ko hari ibiremwa vy’impwemu vyagararije ubukuru bw’Imana, ikaba ivyita “amadayimoni.”​—Luka 10:17-20.

^ ing. 11 Amajambo y’igiheburayo n’ikigiriki yakoreshejwe mu ntango muri Bibiliya mu kuvuga “umumarayika” yompi asobanura “intwarabutumwa.”