Imana isezerana ko iyi si izorusimba
«Iyi si irakomeye cane kuruta uko tuvyibaza.»
Ivyo ni vyo umugwi w’abashakashatsi mpuzamakungu washitseko ku bijanye n’ihindagurika ry’ikirere. Nimba wemera ko hariho Umuremyi yitwararika abantu, ico kintu abahinga bashitseko kirashobora kukwibutsa ukuntu Imana yaremye iyi si yacu ku buryo yisanasana mu mice myinshi.
Ariko, uravye urugero abantu bagezako mu kwonona isi, harakenewe n’ibindi kugira iyi si izorusimbe. Kubera iki twokwemera tudakeka ko Imana izogira ico ikoze?
Raba ivyanditswe biri mu ruzitiro bidukura amazinda ko iyi si izorusimba mbere ikamera neza cane.
Isi yaremwe n’Imana. «Mu ntango, Imana yaremye ijuru n’isi.»—Itanguriro 1:1.
Imana ivuga ko isi ari iyayo. «Isi n’ibiri muri yo vyose ni ivya Yehova a.»—Zaburi 24:1.
Imana yaremye isi ku buryo idashobora kuvaho. «Wateretse isi ku mushinge wayo. Ntizokwigera iva mu kibanza cayo gushika ibihe bidahera.»—Zaburi 104:5.
Imana isezerana ko ibiremwa bizoba kw’isi ibihe bidahera. “Imana y’ukuri, yo yabumvye isi, ntiyayiremeye ubusa mugabo yayiremye ngo ibeko abantu.”—Yesaya 45:18.
Imana isezerana ko abantu bazoba kw’isi ibihe bidahera. «Abagororotsi bazokwigabira isi, kandi bazoyibako ibihe bidahera.»—Zaburi 37:29.
Imana yaremye isi ku buryo ishobora kuguma imeze neza naho abantu boba bayonona. Bibiliya ivuga ko igihe Yehova Imana yashinze nicagera, azokuraho abantu bose bonona isi.—Ivyahishuwe 11:18
Bibiliya ivuga ko ico gihe Imana izohindura isi ikaba iparadizo nziza cane, kandi “igapfumbaturura igipfunsi cayo, igahaza icipfuzo c’ikiri n’ubuzima cose.”—Zaburi 145:16
a Yehova ni izina ry’uruharo ry’Imana.—Yesaya 12:2.