IKIBAZO CA 10
Bibiliya isezerana iki ku bijanye na kazoza?
«Abagororotsi bazokwigabira isi, kandi bazoyibako ibihe bidahera.»
«Isi yoyo yamaho ibihe vyose.»
«Urupfu azorumira ubutakigaruka kandi Umukama Segaba Yehova azohanagura amosozi ku maso ya bose.»
«Ico gihe amaso y’impumyi azohumuka, amatwi y’abatumva azibuke. Ico gihe uwucumbagira azosimba nk’impongo, ururimi rwa nyamuragi rwihe akamo k’umunezero. Amazi azokwiburuka mu bugaragwa, n’inzuzi zitembe mu kiyaya c’ubugaragwa.»
«Izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kandi urupfu ntiruzoba rukiriho. Nta kigandaro canke amaborogo canke ububabare bizoba bikiriho. Ivya kera bizoba vyavuyeho.»
«Bazokwubaka amazu bayabemwo. Bazotera imirima y’imizabibu barye ivyamwa vyayo. Ntibazokwubaka inzu ngo uwundi ayibemwo, canke ngo batere abandi babirye. Kuko imisi abantu banje bazomara izongana n’imisi y’igiti, kandi abo natoye bazonezererwa cane igikorwa amaboko yabo akora.»