Zaburi 84:1-12
Ku mukuru w’abaririmvyi: bayiririmbira kuri Gititi*. Ni zaburi y’abahungu ba Kora+.
84 Ewe Yehova Nyeningabo,ese ukuntu ihema ryawe rihambaye ari ryiza cane*+!
2 Ndashashaye cane,emwe ndipfuza caneibigo vya Yehova+.
Umutima wanje n’umubiri wanje birashemeza Imana nzima.
3 Mbere n’inyoni iraronka aho yibera mu nzu yawe,n’intamba ikaronka aho yubaka icari cayo,aho yitwararikira utwana twayo,iruhande y’igicaniro cawe gihambaye, ewe Yehova Nyeningabo,Mwami wanje ukaba n’Imana yanje!
4 Hahiriwe abantu bibera mu nzu yawe+!
Baguma bagushemeza ubudahengeshanya+. (Sela*)
5 Hahiriwe abantu bakura inkomezi kuri wewe+,abashira umutima ku mabarabara aja ku nzu yawe.
6 Iyo baciye mu mubande w’ibisaka* vy’imibaka,bahahindura ahantu h’imbizi,maze imvura ya kare ikahasuka imihezagiro*.
7 Bagenda bariyubura mu nkomezi+,umwe wese agaseruka imbere y’Imana i Siyoni.
8 Ewe Yehova Mana Nyeningabo, niwumve isengesho ryanje.Ewe Mana ya Yakobo, nuntege ugutwi! (Sela)
9 Ewe nkinzo yacu+ n’Imana yacu, ehe raba*!Nurabe mu maso h’uwo warobanuje amavuta*+.
10 Nkako, kumara umusi umwe mu bigo vyawe biruta kumara imisi igihumbi ahandi+.
Nopfuma mpagarara ku bwinjiriro bw’inzu y’Imana yanjehako mba mu mahema y’ababisha.
11 Kuko Yehova Imana ari izuba+ n’inkinzo+.Ubuntu n’iteka ni vyo atanga.
Yehova nta ciza na kimwe azokwimaabaguma ari intungane+.
12 Ewe Yehova Nyeningabo,hahiriwe umuntu akwizigira+.
Utujambo tw'epfo
^ Raba Insiguro y’amajambo.
^ Canke «ese ukuntu nkunda cane ihema ryawe rihambaye.»
^ Raba Insiguro y’amajambo.
^ Canke «ibiti.»
^ Hashobora kandi kuvugwa ngo «maze umwigisha akisakara imihezagiro.»
^ Hashobora kandi kuvugwa ngo «ewe Mana, raba inkinzo yacu.»
^ Raba Insiguro y’amajambo (Kurobanura).