Zaburi 55:1-23

  • Isengesho ry’uwahemukiwe n’umugenzi

    • Gutukwa n’umugenzi somambike (12-14)

    • «Terera umuzigo wawe kuri Yehova» (22)

Ku mukuru w’abaririmvyi: ikwiye guherekezwa n’ibicurarangisho vy’imirya. Ni indirimbo* ya Dawidi. 55  Ewe Mana, niwumvirize isengesho ryanje+.Ntiwirengagize ugutakamba kwanje ndagusaba imbabazi*+.   Nuntege ugutwi, unyishure+. Amaganya yanje yampagaritse umutima+,kandi nataye umutwe cane,   kubera amajambo y’umwansin’agahahazo k’umubisha. Baguma banteza ivyago,bakambikira inzigo n’ishavu n’akantu+.   Umutima wanje wuzuye amaganya+,narengewe n’ubwoba bw’urupfu+.   Natekewe n’ubwoba n’ukujugumira,ndiko ndahinda agashitsi.   Nguma mvuga nti: «Iyaba nari mfise amababa nk’inuma! Nokwigurukiye nkaja kwibera ahantu hatekanye.   Emwe, nohungiye kure cane+. Nogiye kwibera mu gahinga+. (Sela*)   Nokwirutse nkaja ahantu ninyegeza,kure y’ikivumbuzi, kure y’igihuhusi.»   Ewe Yehova, nutume bata umutwe, uburabuze imigambi yabo*+kuko nabonye ubukazi n’indyane mu gisagara. 10  Ijoro n’umurango, baguma* bakizunguruka bari ku mpome zaco,kandi muri co hari ububisha n’ivyago+. 11  Agatikizo kari hagati muri co.Agacinyizo n’ububeshi ntivyigera biva mu bibanza rusangi* vyaho+. 12  Kuko umwansi atari we ariko arantuka+,ahandiho nari kuvyihanganira. Uwundwanya si we yampagurukiye,ahandiho nari kumwinyegeza. 13  Ariko ni wewe, umuntu nkanje+,umugenzi wanje nzi neza+. 14  Twahora twinovorera hamwe ubugenzi bwacu.Twahora tujana ku nzu y’Imana turi kumwe n’isinzi. 15  Ese botikira giturumbuka+! Nibamanuke mu kuzimu ari bazima,kuko ikibi catse indaro iwabo no mu mitima yabo. 16  Ariko jewe nzotakambira Imana,kandi Yehova azonkiza+. 17  Ku mugoroba, mu gitondo no ku mutaga nguma niganyira kandi nkaniha*+,ariko Imana irumva ijwi ryanje+. 18  Izonkiza* abandwanya kandi impe amahoro,kuko abandwanya ari isinzi+. 19  Imana, yo yicaye ku ntebe y’ubwami kuva kera+,izonyumva kandi izobishura ivyo bakora+. (Sela) Abantu badatinya Imanantibazokwemera guhinduka+. 20  Atera* uwo bari babanye amahoro+,akarenga kw’isezerano ryiwe+. 21  Amajambo yiwe arasosa*+,ariko umutima wiwe wuzuyemwo urwanko. Amajambo yiwe aroroshe kuruta amavuta,ariko ameze nk’inkota zikarishe+. 22  Terera umuzigo wawe kuri Yehova+,na we azogushigikira+. Ntazokwigera yemera ko umugororotsi atemba*+. 23  Ariko wewe ga Mana, uzobaterera mu cobo kirekire cane+. Abantu b’abicanyi kandi b’ababeshi ntibazobaho n’igice c’imisi yabo+. Mugabo jewe nzokwizigira wewe.

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo havuga ngo «masikili.» Raba Insiguro y’amajambo (Masikili).
Canke «ntiwinyegeze igihe ndagutabaza.»
Mu giheburayo havuga ngo «uyoberanye ururimi rwabo.»
Canke «biguma», ni ukuvuga ububisha n’indyane.
Canke «nkaboroga.»
Mu giheburayo havuga ngo «izoncungura.»
Uyo atera ni wa mugenzi avugwa ku murongo wa 13 na 14.
Mu giheburayo havuga ngo «anyerera kuruta amavuta y’inka.»
Canke «acumbagira (adandabagirana).»