Zaburi 113:1-9

  • Imana iraduza umuntu mutoyi

    • Izina rya Yehova rizoshemezwa ibihe vyose (2)

    • Imana irunama (6)

113  Shemeza Yehova*! Yemwe basavyi ba Yehova, nimumushemeze!Nimushemeze izina rya Yehova.   Ese izina rya Yehova ryokwama rishemezwa,kuva ubu no gushika ibihe bidahera+.   Izina rya Yehova nirishemezwe+,kuva mu buseruko gushika mu burengero.   Yehova ari hejuru y’amahanga yose+,kandi ubuninahazwa bwiwe buri hejuru y’ijuru+.   Ni nde ameze nka Yehova Imana yacu+,we yibera* iyo hejuru?   Arunama* kugira arabe ijuru n’isi+,   akaduza umuntu mutoyi amukuye mu mukungugu. Aduza umukene amukuye mu kirundo c’umunyota*+,   kugira amwicarike hamwe n’abanyacubahiro,abanyacubahiro bo mu bantu biwe.   Aha umugore w’ingumba inzu yiberamwo,akiberaho ahimbawe ari kumwe n’ibibondo* vyiwe+. Shemeza Yehova*!

Utujambo tw'epfo

Canke «haleluya!» Mu giheburayo havuga ngo «shemeza Ya!» «Ya» ni impfunyapfunyo y’izina «Yehova.»
Canke «yicaye ku ntebe y’ubwami.»
Canke «arimanura.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «amukuye mu mwavu.»
Mu giheburayo havuga ngo «abahungu.»
Canke «haleluya!» Mu giheburayo havuga ngo «shemeza Ya!» «Ya» ni impfunyapfunyo y’izina «Yehova.»