Yesaya 51:1-23

  • Siyoni itunganywa nk’umurima wa Edeni (1-8)

  • Siyoni ihozwa n’Umuremyi wayo akomeye (9-16)

  • Igikombe c’uburake bwa Yehova (17-23)

51  Nimunyumvirize, mwebwe abakurikirana ubugororotsi,mwebwe abarondera Yehova. Nimwibuke igitandara mwasatuwekon’ahantu bimba amabuye mwakuwe.   Nimwibuke so Aburahamuna Sara+ yabavyaye*. Aburahamu yari umwe gusa igihe namuhamagara+,ndaheza ndamuhezagira, ndamugwiza+.   Kuko Yehova azohoza Siyoni+. Azozana uruhoza mu bibanza vyaho vyose vyatikijwe+.Azotuma agahinga kaho kamera nka Edeni+,ikiyaya c’ubugaragwa caho kimere nk’itongo rya Yehova+. Hazorangwa ukwigina n’umunezero,ugukenguruka n’indirimbo ziryoshe+.   Nimunyumvirize yemwe bantu banje,ntega ugutwi ewe hanga ryanje+. Kuko nzosohora itegeko+,kandi nzoshinga ubutungane bwanje bubere umuco amahanga+.   Ubugororotsi bwanje buri hafi+. Nzobarungikira ubukiriro+,kandi amaboko yanje azocira imanza amahanga+. Amazinga azonyizigira+,arindire ukuboko* kwanje.   Nimuraramurire amaso kw’ijuru,mwongere murabe hasi kw’isi. Kuko ijuru rizovungagurika risanzare nk’umwotsi.Isi izoshira nk’impuzu,kandi abayibako bazopfa kurya kw’imibu*. Mugabo ubukiriro bwanje buzoba ubw’ibihe vyose+,kandi ubugororotsi bwanje ntibuzokwigera buhera+.   Nimunyumvirize, mwebwe abazi ubugororotsi,mwebwe mufise amategeko* yanje mu mutima+. Ntimutinye agacokoro k’abantu buntu,kandi ibitutsi vyabo ntibibarandure umutima.   Kuko agakoko karya impuzu kazobarya kabamare kurya kw’impuzu.Icana cako* kizobarya kibarotse nk’impuzu y’ubwoya+. Mugabo ubugororotsi bwanje buzokwamaho ibihe vyose,ubukiriro bwanje bugumeho uko ibihe* bigenda birakurakuranwa+   Ewe kuboko kwa Yehova+,ikangure, ikangure wambare inkomezi! Ikangure nko mu misi ya kera, nko mu bihe* vyahise. Mbega si wewe wavunaguye Rahabu*+,ugacumita rwa rukoko rwo mu mazi+? 10  Mbega si wewe wakamije ikiyaga, ugakamya amazi y’ibenga amahero+? Si wewe waciye inzira ibwina mu kiyaga ngo abacunguwe bajabuke+? 11  Abacunguwe na Yehova bazogaruka+, bashike i Siyoni n’akamo k’umunezero+.Bazokwambara ku mutwe urugori rw’umunezero udahera+. Bazokwigina banezerwe,kandi intuntu n’ukuniha bizohunga+. 12  «Ni jewe ubwanje ndabahoza+. Kubera iki wotinya umuntu buntu kandi azopfa+,ugatinya umwana w’umuntu azokabirana nk’ivyatsi bitoto? 13  Kubera iki wibagira Yehova umwe yakurema*+,Umwe yasanza ijuru+ agashinga umushinge w’isi? Wamana ubwoba bukarinda bwira kubera uburake bw’uwugucinyiza*,nk’aho yoba ashoboye kuguhonya. None uburake bw’uwugucinyiza buri hehe? 14  Uwunamye aboheshejwe iminyororo azorekurwa vuba+.Ntazopfa ngo aje mu cobocanke ngo abure ivyo kurya. 15  Jewe ndi Yehova Imana yawe,umwe avyura ikiyaga agatuma imipfunda yaco isebagirika+.Nitwa Yehova Nyeningabo+. 16  Nzoshira amajambo yanje mu kanwa kawe,ngupfukishe igitutu c’ukuboko kwanje+,kugira ngo nshinge ijuru, nshinge n’umushinge w’isi+,mbwire Siyoni nti: “Uri ihanga ryanje+.” 17  Ikangure, ikangure! Haguruka, ewe Yeruzalemu+,wewe wanyoye igikombe c’uburake Yehova yaguha⁠ye. Warakinyoye.Wariranguje igikombe gituma umuntu adandabagirana+. 18  Mu bana bose yavyaye nta n’umwe ahari ngo amuyobore,kandi mu bana bose yareze nta n’umwe yamufashe ukuboko. 19  Washikiwe n’ibintu bibiri. Ni nde azosangira nawe umubabaro? Uguhona n’ugusenyurwa, inzara n’inkota vyaragushikiye+. Ni nde azoguhoza+? 20  Abana bawe baguye bararaba+. Barambaraye mu masanganzira yose*nk’intama y’inyeshamba yafashwe mu rusenga. Uburake bwa Yehova n’ugukara kw’Imana yawe vyabahereyemwo.» 21  Ndagusavye rero wumvirize ibi,ewe wa mugore wahuye n’ivyago kandi uborewe utaborejwe n’umuvinyu. 22  Umukama wawe Yehova, ya Mana yawe irwanira abantu bayo, avuze ati: «Raba! Nzokura mu kuboko kwawe igikombe gituma umuntu adandabagirana+.Ico gikombe*, ico gikombe canje c’uburake,ntuzosubira kukinywako+. 23  Nzogiha abaguturubika+,abahora bakubwira ngo: “Unama tuguceko.” Waremeye umugongo wawe uba nk’ubutaka,nk’ibarabara bacako.»

Utujambo tw'epfo

Canke «yabavyaye mu bubabare bw’ibise.»
Canke «ububasha.»
Bwari ubwoko bw’agakoko gatoyi kameze nk’umubu.
Canke «inyigisho.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «urunyo.»
Mu giheburayo havuga ngo «amayaruka.»
Mu giheburayo havuga ngo «mu mayaruka.»
Mu giheburayo havuga ngo «yaguhinguye.»
Canke «bw’uwukwugariza.»
Mu giheburayo havuga ngo «ku mutwe w’amabarabara yose.»
Canke «iyo kalisi.»