Yesaya 12:1-6
12 Kuri uwo musi ntuzobura kuvuga uti:
«Ewe Yehova, ndagukengurukiyekuko naho wari wanshavuriye,ishavu ryawe ryagiye riragabanuka kandi warampojeje+.
2 Ehe Imana ni yo bukiriro bwanje+.
Nzoyizigira singire ubwoba+kuko Ya*, Yehova, ari we nkomezi zanje n’ubushobozi bwanje,kandi yabaye ubukiriro bwanje+.»
3 Muzovoma amazi munezerewe,muyakuye mu masoko y’ubukiriro+.
4 Kuri uwo musi muzovuga muti:
«Nimukengurukire Yehova, mwambaze izina ryiwe.Nimumenyeshe ibikorwa vyiwe mu mahanga+.
Nimutangaze yuko izina ryiwe riri hejuru+.
5 Nimuririmbire amashemezo* Yehova+, kuko yakoze ibintu vy’agatangaza+.
Ivyo nibimenyekanishwe mw’isi yose.
6 Nimusemerere mwihe akamo k’umunezero mwebwe ababa i Siyoni*,kuko Umweranda wa Isirayeli ari hagati yanyu ahambaye.»
Utujambo tw'epfo
^ Ni impfunyapfunyo y’izina «Yehova.»
^ Canke «nimucurarangire.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «wewe mugore aba i Siyoni.» Herekeza ku bahaba bafatiwe hamwe, bakagereranywa n’umugore.